'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Tuesday, December 20, 2022

Urwanda ruraregwa kuguma rupfunze abamenyeshamakuru bane .

 Urwanda ruraregwa kuguma rupfunze abamenyeshamakuru bane.


Mu ntango z'ukwezi kw'icumi, ubucamanza bw'i Kigali bwaraciriye urubanza abamenyeshamakuru batatu kaborera ikinyamakuru Iwacu TV aribo    Damascene Mutuyimana, Shadrack Niyonsenga na  Jean Baptiste Nshimiyimana bubagiriza gukwiragiza inkuru atarizo, gushira ahabona amajambo atagira abayavuze hamwe no kugumura abantu. Bari bamaze imyaka ine bapfunzwe , umushikirizamanza yari yabasabiye igihano c' imyaka 22. 

Bamaze gusohoka ibohero, Nshimiyimana Jean Baptiste yabariye inyamakuru  Reuters ati :" Ndi umumenyeshamakuru, namye ndi umumenyeshamakuru kandi nzoguma ndiwe".

Ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru CPJ rishimishwa n'iyo ngingo rikaba rimaze  gukingira no kurekuza abamenyeshamakuru 126 ribicishije ku mwe mu ndongozi zaryo John D. Weis rivuga ko ata mumenyeshamakuru yarakwiye kuguma apfunzwe cane cane muri izi ntango z'umwaka.

Mu biharuro rifise ngo abamenyeshamakuru 363 bari bagipfunzwe gushika igenekerezo rya mbere Kigarama  uyu mwaka ivyo ngo vyaturutser ku migumuko iri mu bihugu nka Irani, Mynmar na Ukraine. Ngo no mu gihugu c'Urwanda haracapfunzwe abamenyeshamakuru bane.




No comments: