Papa Faransisiko : ''Naramaze gusinya urwete rwo gutanga imihoho mu gihe amagara yonkika''. Ibi yabivuze kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Kigarama mu rurimi rw'iki esupanyore aho yararamutse ahimbaza umusi mukuru w'amavuka yiwe .
Kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 17 Kigarama, umwungere wa Ekereziya gatorika bwabaye ubwa mbere kuva ashikiriye ayo mabanga haraciye imyaka icumi amenyesha ko yamaze gufata ingingo kuva mu mwaka wa 2013 yo kuzoshikiriza ayo mabanga mu gihe yogira ingorane z'indwara zikomeye.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Aliteia, ibihuha vy'itangwa ry'imihoho rya Papa Faransinsiko vyarabaye vyinshi muri iri ci riheze . Ivyo bihuha bikaduzwa cane ni uko uwo mwepisikopi w'i Roma asanzwe afise indwara idashobora kubagwa yo mw'ivi. Ivyo ngo vyatumye agabanya ibikorwa bimwe bimwe n'ingendo yaba yamaze gutegekanya. Kandundura vyatumye agira muri kagakinga k'abagwaye.
No comments:
Post a Comment