'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Showing posts with label ubutunzi. Show all posts
Showing posts with label ubutunzi. Show all posts

Sunday, August 13, 2023

August 13, 2023

Mutimbuzi : Ngo igiciro c'amahadabu coba kitazwi

Mutimbuzi :  Ngo igiciro c'amahadabu coba kitazwi 


Bujumbura, igenekerezo rya 13, Gako News (Blog) Nintunze Divine yapfunganywe n'umwana , atangishwa ihadabu ry'ibihumbi ijana kuko yuguruye ubunwero hataragera.

Nkuko vyIganwa na Nintunze Divine asanzwe akorera uwitwa Gikona Anicet ku rya cumi na gatatu Maramvya, agacimbiri Buhomba muri komine Mutimbuzi ngo hari igenekerezo ry'icenda Myandagaro isaha zitanu n'inusi z'umurango habanje gushika abaporisi batambaye imyambaro y'abaporisi umwe arinjira mu bunywero amusaba guhonja ku rukanywa yarafise nawe aramuhonja. Bidatevye uyundi uwari yasigaye hanze yinjiranye n'abandi baciye baza baranyaruka ariko bobo bambaye umwambaro w'igiporisi. Umwe yahonja jaciye asaba ko yo murongerera icupa ariko uwuwndi asaba ko yoyshira mw'icupa rinini. Muri ico kivi, bamwe bari bahejeje gushika baciye binjira maze babarirana ko bofotora abo bariko barasaba inzoga. Baciye bategeka Divine kwicara iruhande y'abo bagira banwe urukanywa. Abo bagira bihereze akarwa baciye bagenda Divine asigarana n'abamwe bari bahejeje gushika baciye bamutegeka kubakurikira. Ngo n'abandi baribafatanywe barabasavye ko bobagirira imbabazi ariko barabahakanira. Bashitse ku rya kane bahafashe bane. Aho nyene ku rya kane kw'i kaburimbo naho bahakura batanu .

Babashikanye kw'i Komine babatse amazina baca banjiza agasho.Ku muhingamo barabasohoye maze babarira ko abariko baranywa bacibwa amafaranga ibihumbi mirongo ibiri maze bace bataha ariko havuyemwo umuporisikazi yategetse ko abandandaza bacibwa ibihumbi ijana .

Nintunze Divine avugako bababariye ko babajanye kw'ikomine kubera atabitasi bari bagendanye ,ko wewe yapfunganywe n'umwana kandi ko igihe babasaba gutanga iryo hadabu abari bayafise baciye bayatanga. Yongeyeko abaporisi babajanye gushika kw'i komine kubera ko bamwe bavuga ko batangishwa amahera menshi kandi atayo babaciye.

Mbajije umukoresha wiwe Gikona Anicet yavuze ko adatahura ukuntu ikosa ryari guhanishwa amafaranga ibihumbi mirongo itanu rihanishwa ibihumbi ijana.

Nashatse ku menya ico ababijejwe muri komine Mutimbuzi babivuga ko. Nkuko navyiyumviye haba mu biro vy'umunyabigega, haba mu nyamiramabi, haba n'abegeranya amakori bavugako batazi igiciro c'amahadabu acibwa bene kugira amakosa. Nyene guca ihadabu niwe ngo yiyumvira ayo aca nyene kugira ikosa.

Umwe mu bajejwe kwegeranya amakori n'amatagisi muri Komine Mutimbuzi yambariyeko nimba uyo Divine bamuciye ayo yose bamurenganije kuko ngo bizwi ko bene iryo kosa rihanishwa ibihumbi mirongo itanu.