Ikiyago : Nguko uko umukuru w'igihugu yishuye
''Nta ndongozi nimwe ishobora kwiba umuriyoni n'umwe . Dufise amategeko yugaye.'' -Umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye.
Mu kiganira umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye yatangiye mu ntara ya Muyinga uno musi kw'igenekerezo rya 30 kigarama 2022 yatanze inyishu ku bibazo vy'abamenyeshamakuru n'abenegihugu ku buzima bw'igihugu.Ku bijanye n’ivyegeranyo vya sentare mpuzamakungu
CPI bishobora gutuma abantu bamwe batatwa iyo bari mu bikorwa mu makungu, umukuru w’igihugu avugako ivyo vyegeranyo bitaraba Uburundi kuko butakiri
muri iyo sentare. Agira ati: ‘’ Nta kintu kibaho kitagira amategeko’’. Yemezako uwuzofatwa
kubera ingingo y’iyo sentare bizoba biturutse ku mwumvikano muke uri hagati y’igihugu
aturukamwo n’ico yafatiwemwo.
Akivuga ivyegeranyo , yavuze ku ngingo ya
sentare ya afrika yo mu buseruko EAC yemejeko ikiringo ca gatutu ca
nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza ko kitari giciye mu mategeko yishuye ko
ata rwandiko iyo sentare iramushikiriza. ‘’Jewe simpahamuka, muze muramenya
ivya poritike’’. Ngo abacamanza b’ahandi barashobora guca imanza kugira
bahahamure abantu.
Ku bijanye n’amatongo , yavuze ku
matongo yegereye ikirimba c’umukuru w’igihugu.
Ngo hari indongozi zaciye zihutira kugura amatongo aho hantu. Yemeye ko
abenegihugu bazokubakirwa ikigwati bakazosanga inzu zabo zuzuye. Umukuru w’igihugu
yavuze ko kubera umutekano abantu baba muri ico kibanza bategerezwa gukinjura. Nayo
abaguze ayo matongo ngo ni abatovyi bakwiye kuwunywa naho urura.
Yishura ku bijanye n’ibiciro, Perezida
Varisito Ndayishimiye ati:’’ Ntivyoroshe gutwara abarundi.Muza murakinana bukebuke’’.
Yaciye atanga uturoreo tw’ibiciro mu bihugu bihana imipaka n’Uburundi ahubwo
ahamagarira abarundi bose gukora bivuye inyuma. ‘’Nisoromera iwanje’’ . Yasavye
abarundi kugwiza umwimbu no kurima ibintu binyaruka kwera.
Abamenyeshamakuru bamubajije ko indege
Falcon 50 yoba yaraguzwe canke ikoswe, yishuye ko indehe Falcon 50 iri i Madride
mu gihugu ca Esupanye kandi ikibazo c’ubuhinga ifise kitaratora umuti. Ngo basanze
yoza gukoregwa mu bwongereza. Ngo ayo yaba yaraciye nayo ngo usanga ari musi y'ayazorihwa
aho ahigaze. Ku bijanye n’ingendo nyinshi agira zoba zitwara uburyo bwinshi,
yemeje ko akenshi abakunzi b’Uburundi batanga indege irerura umukuru w’igihugu.
Ku mashirahamwe Onatel na Regideso, umukuru
w’igihugu asaba abatwara regideso kutariha ico batumye gukora kitarakorwa.Onatel
yo ngo ni uguhindura abakorayo bose hakaza abandi bashasha bakiri bato bashobora gukora
ku buryo mu myaka itanu gusa iryo shirahamwe rikoramwo abazi kurya umutahe n’inyungu
rihembe abakozi baryo, rihembe n’abakukuruke ryongere reshikane no mu kigega ca
reta umwimbu.
Kubijanye n’impapuro z’inzira zitaboneka,
umukuru w’igihugu yahaye ijambo umushikiranganji w’intwaro yo hagati. Maritino
yavuze ko bagize ingorane n’amakomande. Udutabo bakoresha ngo twarabaheranye
ningoga kuko kubera abarundi baja muri Serubiya na Arabiya hakoze twinshi kuruta uko bari
bavyiteze. Ngo bibaza ko udutabo 50.000 tuzokora imyaka 2 canke 3 ariko twamaze
amezi atandatu gusa. Yijeje abarundo ko mu ntango z’ukwezi kwa mbere bizoba
vyasubiye mu buryo. Kugira ngo bagwanye aba komisiyoneri, abaporisi batari bake
bahora bakora kuri PAF barahinduriwe ibibanza.
No comments:
Post a Comment