Ngozi: Agnès ari mubagiye kurongora '' Abagabo mu gahinda ''
Bujumbura, Igenekerezo rya 17 Nzero, 2026 Gako News, Blog Niyoncuti Agnès ni Umukenyezi mu batowe kurongora ishirahamwe Abagabo mu gahinda mu ntara ya Butanyerera.
Nduwimana Boniface arongoye iryo shirahamwe akiri kumwe n'abitavye ikoraniro yarabashimiye cane . Mu butumwa bwanditse yashikirije abanwanyi y'ishirahamwe agira ati: "Naho bitari vyoroshe,mfashe aka kanya ngo nshimire umwe wese Ku ro yoba yarakoze kugira ngo izi ngendo muri izi ntara zitatu zishoboke. Nivyo kugira ngo turangize intara zose turacasigaje ingendo zibiri zose,kandi zo mu ntara za kure kandi zizotwara uburyo bwinshi. kuva mu Kayanza uja i Makamba canke uja mu Cankuzo''.Izo ngendo zikaba zitegekanijwe ku magenekerezo ya 24 n'a 31 Nzero, 2026.
Ivyo abivuga mu gihe abatowe mu ntara nka Bujumbura namaze gitangura.ibikorwa.
Abo nabo ni:
1.Président:Nkurikiye Abel Joséph
2.Vice président:KARENZO Anathole
3.Secrétaire:NIYONCUTI Agnès.
Ivyo vyabaye mu rugendo abanwanyi batari bake bagize guhera muri iki gitondo co ku wa gatandatu igenekerezo rya 17 Nzero,2026 bagize baba ku murwa mukuru wa Komine Kayanza baja i Ngozi .


No comments:
Post a Comment