'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, December 8, 2022

Abenegihugu b’ i Buringa baratakimbira umukuru w’igihugu

Abenegihugu b’ i Buringa baratakimbira umukuru w’igihugu

Umuyobozi mukuru wa SRDI yagirizwa kurandura imirima yo kumadige.


Imyidogo myishi n’amarira nivyo bikwakira ugishika mu kigwati ca gatanu muri zone Buringa na Komine Gihanga. Ayo marira n’ayabarimyi bo mu kiyaya kirimwamwo umuceri cegukira ishirahamwe SRDI. Baridogera umuyobozi wa SRDI mu ''kubafukama mu nda'' mu kurandagura ibiterwa biteragiye ku magungiro bita amadige akikuje iyo mirima y’imiceri.

Umwe muri abo barimyi ati:'' Twahora turima utuboga, utugori, intore narirya umukuru w’igihugu yarivumereye ngo turime  aho hantu hose hashobora kurimwa, turime dukure amaboko mu mpuzu ariko rero hari itegeko ryo kwa jenerari  ngo kizira kurima kuri ayo madige mubona ngaha. Aha yatumariye imirima yacu, nimba yanka ko bimenyekana agenda abipakiye  mu modoka yiwe kandi agaca akora amakosa agakoresha igiporisi ngo kirandure imirima. Mudushikirire umukuru w’igihugu nimba yodutabara yishikira ngaha abone ayo tugowe ".


Ngo sinivyo gusa ngo uretse ivyo arandura aterera mu migende itwara amazi avomera imiceri ibindi abipakira mu modokari avuga ngo agiye kubigaburira abatishoboye.

Umupfakazi yumiwe ati: ''Uyu nyakubahwa ni ukuri twamukunda ariko urabona ivyo ariko aragira si vyo.twebwe murabona dufise abana, aho twakura akagori nka twebwe tutagira ama paresera hari ahanyene kw’idigi. Twatera irengarenga n’utu nyene muhasanze .Urabona uwo hareka imbega ziruhukira muri nya muceri.Ibintu ariko arakora ntitwovyemera nka harya iruhande yanje imirima yararanduye aragenda.uwo ntawoza kuvyemera ni ukuri''.


Iyo bishitse naho aje kurandagura iyi mirima agasanga abariko bakorera kuri ayo madigi abatwara amasuka , amapompu yo gupompa canke amamashine avomera imirima akabijana kubifungira ku biro iwe.

Uyundi murimyi ati :''Aha n’imoteri zirafatwa zigafungwa nimba zigombozwa amahera ntumbaze. Rero ico nshimikirako hari umushingantahe gafundosi ntiayari bwigere arandura imirima.Ibi bintu tubibonye muri iyi myaka mikeyi. None bagoma twomoke? Bagomba tugire nte? Hariya epfo k ry’umunani, ku ry’icenda ibintu vose yaranduye. Yandanduriye itomati nti noneho ndapfuye nti hinge nshireho ibigombo vy’imyumbati none yabiranduye yaciye abijana n’imodoka. None iyi Reta nkozi ni uko ikora ?Umuvyeyi nyakubahwa umukuru w’igihugu ni atugarukira''.


Twarondeye umukuru wa SRDI turamukena. Umuukuru w’ikigwati ca gatanu yatwimye amakuru ariko twikoze ku mukuru wa zone Ninga yavuze ko ivyo bintu ataco abiziko kandi ko atigeze abimenyeshwa nk’uwutwara ako karere. Yikoze kuri terefone yahamagaye umuyobozi mukuru wa SRDI nawe amubarira ko abo barimyi bamusanga ku biro kugira barabire hamwe ico korwa.

Umurimyi umwe ati :'' Dushaka abe ariwe aza kuko n’abandi bambujije kuja ku Mugerero kuko noba niroshe''.


 

 

3 comments:

Fabrice said...

Ubwo ni ububeshi bwambaye ubusa kuko nomunkuru bavugako ari abenegihugu b'i Buringa kigwati ya 5 zone Ninga Aho ntihabaho muri komine ya Gihanga

Fabrice said...

Ababahaye akanoti ngo mubeshere uyo mwubahwa muraraba mugasubize kuko ivyavuzwe vyose ni ububeshi kuko nubu uje ivyo bitegwa biracariho kwayo madigi muvuga nubwo ahohantu mwavuze tutahabona neza kubera atahabaho muri komine ya Gihanga

Fabrice said...

Nayo madigi bavuga sayiwabo nimwibarabara sinumva ukuntu bobonako amabarabara yokwononekara ngwahore kandi ajejw kuhakingira ntavyaranduwe ni ububeshi bwambaye ubusa