'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, December 17, 2022

ABAJA KURONDERA UBUZIMA MU MAHANGA, BAGIYE KWOROHEREZWA.

 
Mugihe buca amakungu ahimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe inyambukira, ubushikiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu bwaraye bushize ahabona urutonde rw'amashirahamwe atanu(5) yemerewe gukora urudandazwa rwo gufasha abantu baja kurondera ubuzi mu mahanga.

Nk'uko vyagaragaye mw'ikete ry'ubushikiranganji muvyo bujejwe hari mwo imigenderanire n'ayandi makungu bwandikiye umushikiranganji w'intwaro yo hagati, iterambere rusangi n'umutekano,ubwo bushikiranganji buramenyesha ko hari amashirahamwe azwi n'amategeko mubijamye no kuranga ubuzi mu mahanga harimwo no gufasha abavyipfuza kuja kubukora.


Aho hari inyuma y'aho humvikaniye imyidogo n'amarira menshi y'abibwa amafaranga n'abantu canke amashirahamwe yikika mukiza ngo abatware mumahanga canke abarangireyo ubuzi ariko bikarangira batarenze imbibe z'uburundi canke abasohotse igihugu bagahakwa gusiga ubuzima bwabo muri ayo mahanga.

Ayo mashirahamwe yemerewe nayo ni: Rafiki jobs and Background, Sahil Agency in Burundi,Jakin Recrutement Office(JARO), Job Seekers Solution Agency hamwe na Eagle Agency for Younth Employment.

Ngo abo nabo bikika mukiza bagata abantu murudubi,ingingo zabo zibahana ziriko zirihwezwa. Bakongera bagakebura abahora bitura ayo mashirahamwe ko bokwama bagavye bakanasuzuma ko abo bituye bazwi n'amategeko kuko ingorane zose bazogira bazoba bafise abo bitura bagaheza bagatunganirizwa.

⟲ TWIBUKANYE: ubuherutse twanditse tubabwira inkuru ya NDAYIRUKIYE Innocent wo muntara ya Bubanza na bagenzi we bava muntara zitandukanye nka : Kayanza,Rumonge na Bujumbura Rural https://gakonews.blogspot.com/2022/12/urudandazwa-rwabantu-rurabandanya-mu.html basahuwe amaranga n'umudandaza azwi kw'izina rya NKORE , baraye bituye umuryango wiwe kugira ngo ubatunganirize, ubu bakaba bemeranije ko bagiye gutumako NKORE ave iyo yahungiye kugira baje hamwe nk'umuryango barabe uko bosubiza amafaranga yasahuye ariko kandi umupfasoni wiwe arasaba ko mugihe umugabo wiwe yoba yahungutse atowomurondera kugira abaronderere ayo mafaranga atekanye.

No comments: