Nduwimana Claude ni umurundi aba mu gihugu ca Australiya avuga ko yari yumvise akamo k'umukuru w'igihugu gahamagarira abarundi baba mu makungu kuza guterera mw'iterambere mu gihugu ca bibarutse.
Nkuko abivuga ngo agashitse ngaha mu gihugu yashinze ishirahamwe ryitwa UNGWANA rihingura ibifungurwa. Mu vyo yatanguriyeko cari ikinyobwa citwa Ungwana wine ni umuvinyu uhinguwe mu vyamwa vyo mu burundi ata n'ibivamahanga birimwo. Yarabikoze hari haheze imyaka itatu. Nkuko abandi babigira yaragiye muri Agence de developpement du Burundi (ADB) hanyuma arandikira ikigo kijejwe kugenzura akanovera BBN arabamenyesha ivyo ashaka gukora bamurungika mu bushkiranjanji muvyo bujejwe harimwo amahingurira. Yarasubiye muri BBN gusaba uruhusha araheza arasigura ibizoba bikoze ico kinyobwa . Baramusaba gutanga ibisabwa nawe arabitanga munyuma baramugendera aho akorera baraheza baranatwara uturorero tw'ivyo akora imbere y'uko babishira kw'isoko barapima. BBN yaciye imuronsa icemeza ko iryo shirahamwe miri mu yemerewe gukorera mu gihugu.
Mu kwezi kw'icumi ngo BBN yabivugiye mu kivunga ko ayo mashirahamwe yahawe imisi 45 none ko hasigaye iminsi 3 yo gutunganya ivyo basabwa ariko ngo haronderwa amashirahamwe ahingura amatangawizi.
Nduwimana Claude ngo yatangaye abonye haje abaporisi batandatu bashika batanga itegeko ko abazkozi bahari basoka maze bashirako amagufuri. Ngo muri urwo ruganda harimwo amarudipe atari make arimwo imivinyu iryo shirahamwe ryahingura . Ivyo ngo vyatumye abakozi barenga 70 baca babura akazi . Nduwimana ngo yahavuye amenya ko ishirahamwe arongoye ritari ku rutonde rw'amashirahamwe yemerewe guhingura ibinyobwa mu Burundi. Ngo yarituye ubushikiranganji bw'ubudandaji n'amahingurira bukabemerera ko bwiteguye kubugururira ariko ngo ibintu bipfira mu nzira.
Nduwimana Claude iruhande yo guhingura imivinyu mu biterwa kama vyo mu Burundi yariko aragira ubushakashatsi bwo kubika ivyimburwa ku buryo bimara imyaka ibiri bikimeze nkuko vyimbuwe. Ivyo ni nk'ibiharage , amateke ibijumbu', isombe kuko mu gihugu c'Ubuganda hoho yaramaze gutangura ico gikorwa co kubibika no kubisohora hanze y'igihugu bikagurirwa mu makungu.
Hano mu Burundi, ubushikiranganji bw'uburimyi bukaba butamukundiye kuko ngo ivyimburwa atari ikirenga ahubwo bwamusavye kuzana imitahe yo kurima kugirango haboneke umwimbu mwinshi. Nduwimana Claude yaramaze kuzana imitahe mu burimyi ariko akagira amakenga kuko hashobora gufatwa ingingo zituma ivyo yimbuye adashobora kubisohora.
Mu ruganda bavuga ko ivyo bahingura atakange vyatowe ariko akanenge katowe ku nyubakwa. Bakibaza ko bategetswe gukura kw'isoko ivyo bahingura agahombo uzokariha na nyarirya bakora barahawe uruhusha n'ababijejwe. Baribaza impamvu ubushikiranganji butariko bubina kumwe. Ngo haragera igihe abahingura bene ivyo binyobwa babura ubushikiranganji bitura kuko ngo harasohotse amkete menshi, intonde nyinshi zivuga amashirahamwe yemerewe gukorera ku butaka bw'uburundi. Ikibazo baca bibaza ni uko igihe bemeregwa ababaha izo mpusha ntaburenganzira bene kuzitanga baribafise. Ngo ikindi batazi n'ikijanye n'amashirahamwe yemerewe aho yoyo yapimishije ivyo ahingura kuko ngo baherutse bose bapimishiriza mu kibanza kimwe.
Mu gihe havugwa ko amashiramwe yose ategerezwa kwimurigwa muri karitiye Aziyatike kandi ngo ishirahamwe ridashoboye kuriha ikori ringana rirenga canke ringana n'imiriyoni 50 z'amahera y'amarundi ngo ace yugara ngo reta izoba yibagiye ko atawuvuka rimwe ngo ace yuzura ingovyi.
Kuri ivyo vyose basaba umukuru w'igihugu ko yofatira ku civugo reta arongoye maze afashe ayo mashirahamwe yariko arakora mu guteza imbere igihugu ngo kuko bo ntibatiko baratahura ukuntu ubushikiranganji bw'amahinguriro n'ubudandaji buriko busa n'ubuvuguruzanya n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati.
No comments:
Post a Comment