Imiryango y'abasangwabutaka icenda yararonkejwe imfashanyo n'umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie.
Kari akanyamuneza ntangere ku miryango y'abasangwabutaka yo ku mutumba Gitaba, zone Rusabagi, Komine Burambi ,mu ntara ya Rumonge kuko yari ihejeje kuronwsa aho iba irakika umusaya , ivyo iba irambara n'ivyo iba irafungura.
Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 kigarama ku rushengero Vivante rwo muri zone Minago, Komine n'intara ya Rumonge aho umuvugabutumwa w'umurundikazi asanzwe aba mu gihugu c'Ububirigi Mapendo Anne Marie yashikiriza imfashanyo imiryango y'abasangwabutaka icenda yo muri zone Rusabagi, umutumba Gitaba muri Komine Burambi .
Iyo mfasahanyo yarigizw n'amahema. ibitenge, ibiharage , ibiharage, umuceri n'umunyu. Umuryango umwe waronswa igitenge kimwe, ihema rimwe, ibiro bitatu vy'ibiharage, ibiro bitatu vy'ibiharage n'ikiro kimwe c'umunyu.
Nkuko bivugwa na pasitori Ndayegamiye Alexandre umwe mundozi z'ishengero Vivante muri zone Minago ngo iyo miryango y'abasangwabutaka yatowe mu yindi kubera amikoro make yari ifise kuko abavyeyi n'ibibondo batagira aho bakika umusaya maze muri iki gihe c'imvura ikabanyagirira aho bicaye. Ivyo vyaremejwe n'umwe wo muribo.
Baranyikwa Emmanuel yaserukiye iyo miryango yarashimye iyo mfashanyo . Ati : '' Igihe washitseyo ukabona aho baba , ukabona naho nanje ndara banyakirira uzoba ko ari ibintu bihambaye''.
Inyuma yo gutanga iyo mfashanyo yarashimye ibikorwa abagize urwo rushengero bariko bararangura maze abemerera kubandanya abafasha mu kubaka urushengero no gusangira amasengesho bukeye ku munsi wa Noel.
Twokwibuka ko umuvugabutumwa mapendo Anne marie yashitse ngaha mu Burundi haraciye indwi zibiri akaba amaze gukora ibikorwa bitandukanye. Iruhande yo kugendera no kwigisha mu mashengero atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, yaragendeye ibohero rikuru rya Mpimba. Aho yararonse akaryo ko gushikiriza imfashanyo igizwe n'impuzu yongera arariha amafaranga y'imiti abanyororo 11 batari bashoboye kwirihira. Yaranagiye mu gihugu ca Tanzaniya mu gikorwa c'ivugabutumwa. Akaba ategekanya kuja mu gihugu ca Malawi mu ndwi iza muri ico gikorwa nyene. Ategekanya kurangura imigambi itandukanye mu gihugu c'Uburundi : kwigisha urwaruka ibijanye na informatique, gukoresha ubuhinga bugezweho mu burimyi nka drones, kubaka amashure n'ibindi.
No comments:
Post a Comment