'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Showing posts with label intwaro. Show all posts
Showing posts with label intwaro. Show all posts

Tuesday, February 6, 2024

February 06, 2024

Ico navuze ku cibutso c'ubumwe bw'abarundi

 

 
Ico navuze ku cibutso c'ubumwe bw'abarundi. 

Bujumbura, igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2024, Ico navuze ku cibutso c'ubumwe bw'abarundi ni uko nyene kubumba ico cibutso atiyumviriye nk'abarundi. 




Mu gihe abarundi baraye bibutse  ku ncuro ya 33 aho batora amasezerano y'ubumwe bwabo, ndacibuka ico navuze ku cibutso c'ubwo bumwe cubatse ku musozi Vugizo muri Komine Mukaza. Aho hari mu 2002 niga mu mwaka wa kabiri w'ivyigwa mbagara bwongo mw'iseminari nkuru y'i Bujumbura, Grand Seminaire Saint Cure d'Ars de Bujumbura.

1. Nyene kubumba  ico cibutso ntiyiyumviriye nk'abarundi : 

  • Nta rukwi rusenywa n'umurundi rufise imigongo ine
  • Nta murundi atekeza umuganda w'inkwi umugozi umwe kuko inkwi zica zisambuka. 
  • Ikibumbe c'icibutso nticerekana ko ari umuganda uzokwikoregwa kuko nta ngata iriko.