'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Sunday, December 11, 2022

NYANZA-LAC: Umugambwe CNDD-FDD urabandanya gushigikira imiryango.

  NYANZA-LAC: Umugambwe CNDD-FDD urabandanya gushigikira imiryango.


Umuryango wibarutse ubushuri wo ku Muyange wararonkejwe utuganuke n'abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 Kigarama bamwe mu bagize Ligue des jeunes mu mugambwe CNDDFDD baragiye gukeza uluryango wa Ntakirutimana Simeon na Menedora wibarutse Ubushuri  bo ku murwa mukuru wa zone Muyange babashiriye akaganuke.


Jonathan abarongoye yaboneho akaryo ko kumenyesha ko urwaruka rukwije imyaka 25 rwo nyaragasa rukiyandikisha i  Makamba kugira ruzoje mu nzego  zijejwe umutekano . Ngo hakenewe abantu 30 bava mu moko yose muri Komine Nyanza-Lac. 

Mw'ijambo ryiwe  musitanteri Irankunda Marie Goreth yarakeje uwo muryango anashimira abaje kuwushigikira kuri uwo mutima w'urukundo berekanye . Irankunda yahamagariye abakenyezi kwubaha abanega babo , birinde kwahukana kandi baje mu mashirahamwe yo kwiteza imbere.

 Muri ivyo birori hari haje uwurongoye ligue des femmes ku rwego rw'intara n'uwutwara ligue des femmes muri komine  Makamba , uwutwara  ligue femmes muri komine Nyanza-Lac , uwurongoye forum des femmes i Nyanza-Lac Charlotte ISHIMWE, Sénatrice Chantal Ndabahinyuye, uwurongoye zone Muyange hamwe n'umunyamabanga w'umugambwe  CNDD-FDD muri zone Nyanza-Lac  BUTOYI Sostene .


Aha twokwibuka ko aho muri zone Muyange ariho havuye abantu bari kw'isonga mu bashaka ko musitanteri n'uwurongoye inama mpanuzwajambo ya Komine bakomborwa.





No comments: