'''' '' '#" #Burundi : Ce lundi vers 9h du matin, le Président a visité par surprise le Ministère des Finances ''.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Sunday, January 4, 2026

CACEDEBU irateye intambwe

 CACEDEBU irateye intambwe.

Bujumbura, Igenekerezo rya 4 Nzero,2026 Umunwanyi ariko aritanga muri CACEDEBU araronka inyungu gusumba uwicaye'', -Ndihokubwayo Jérémie.


Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 4 Nzero 2026  Ndikubwoyo Jérémie aserukira ishirahamwe Cadre d'accompagnement pour la création d'Emploi et le Développement Économique au Burundi CACEBU-ONG Burundi yararamutse agirisha  inama abanwanyi yakira n'abashasha mu ntara ya Bujumbura .

Inyuma y'umwidondoro w'abari baje mu nama, n'ijambo ry'uwuserukira iryo shirahamwe mu ntara ya Bujumbura Habonimana Jean Luc, uwurirongoye yasiguye ukuntu iryo shirahamwe ryatanguye n'ingorane zaturutse '' kw'ishari rishimikiye kuba umunwanyi w'umugambwe '' . Akarangamutima ni ugushigikira inzego hamwe n'iterambere rirama. C!CEDEBU rirafise imigambi ririko rirangura ariko kubera ritarima kandi ntiridandaze ryaciye rishiraho imigambi yigenga arondera inyungu : Ijambo , ishirahamwe ryo kuguraranana , Coopérative Ijunja yitiriwe urwaruka iriko ikorera mu bisata c'agahawa , CECODBU zose mu bisata c'ikawa , mu ntara za kera 12 ku 60. Uyu migambi ufise amasezerano n'ikigo ODECA ico naco kigatangira ikiguzi c'imivyaro ku banwanyi ba CACEDEBU. A CECADEBU yitiriwe abakenyezi Femmes en ACtion et Jeunes en Action( FAJA)-Inkingi iriko irakorera mu burimyi bw'umuceri n'ubworozi bw'amafi mu Kirundo.  Inkingi hamwe n'ishiramwe ryicaye Bene Samuragwa. Izi zose zirafise y'umwidondoro muri ADB. Hari n'umugambi wa IRI Magazine utaremerwa imbere y'amategeko. 

Jérémie avuga ko CACEDEBU igifise abanwanyibbake kandi ko iyo migambo yose ikeneye abakozi. Muri iyo migambi arakeneye imitahe ni muri Ijambo. 

Mu kugira ube umunwanyi yemewe mw'ishirahamwe CACEDEBU hariho amafaranga 80.000 fbu hamwe n'10.000 fbu kugirango ube umunwanyi wa Ijambo uronke n'uburengazira bwo gusaba ingurane no kubitsa .



Kira ntara ifise abayiserukira batanu. Muri iyo migambi FAJA ifise icicaro mu ntara ya Kirundo  iyindi yose ifise ivyicaro mu ntara ya Bujumbura. 

Mu bibazo vyabajijwe n'abitavye inama . 

''Umunwanyi ariko aritanga araronka inyungu gusumba uwicaye'', -Jeremie.

Iyo nama yarangijwe n'impanuro abiyitavye nahawe n'umunyamabanga w'iryo shirahamwe Hon. Mbonimpa Georgine avuka yatowe mu Ruyigiaho yasavye abagize ishiramwe n'abashaka kiryinjira kujahamwe mu gokomeza imigambi y'iterambere muri ya mbonakazoza y'Uburundi bwifashe mu 2040, Uburundi buteye imbere mu 20260.

No comments: