INYIGISHO ZITEGURIWE INDONGOZI
INYIGISHO ZITEGURIWE INDONGOZI
Kw'igenekerezo rya 16 Kigarama,2025 Umuvugabutumwa w'umumisiyonari Mapendo Anne Marie aturuka mu gihugu c'Ububirigi asanzwe avuka muri Komine Rumonge, zone Kizuka yaratanze inyigisho ku ndongozi zirenga 50 zaje ziserukira amashengero atandukanye yo mu gihugu, Izo nyigisho zabereye ku rusengero rw'Úrutare rwo mu Maramvya, komine Ntahangwa kuva isaha zine z'ígitondo gushika isaha icenda z'umuhingamo. Zari mu bice bibiri. Ubutumwa yahawe gushikiruza indongozi zámasengero hamwe nícarico indongozi,
Yugurura izo nyigisho, Pasitori Willy Nitunga yavuze ko ari akaryo keza kuri izo ndongozi ko kuronka ubumenyi nabo bazosangiza abandi barongozi hamwe níteka kubona urwo rusengero arirwo rwahisemwo kwakira izo nyigisho.
Dutegure umugeni wa Kristo
IGICE CA MBERE
UBUTUMWA KU
NDONGOZI
1. Ubu
tugeze mubihe vyanyuma kristo Yesu ariko ategura umugeni wiwe . Ati ni mutegure
umugeni wiwe namwe mwitegure kuko ngo ntimushobora gutegura umugeni
mutabanje kwitegura mwebwe ubwanyu. Ngo nomube maso mubwire abo murongoye kuba
maso .Yesu ari kurugi.
Mbega ni kubera iki mudashaka kubwira aba kristu , mudashaka kubwira
ishengero ibihe tugezemwo? Mbega nikubera iki mudashaka kubwira abo murongoye
arizo ntama za Kristo ko azogaruka kandi ari hafi yo kuza gutwara
umugeni ? Kubera iki ?Nimubwire abo murongoye ko kristo Yesu yagiye
kubategurira ivyicaro kandi ubu ariko aritegura kugaruka kubajana
ariko ngo ntazojana abatiteguye,mubategure kandi namwe mwitegure
2. Nimubwire abo murongoye kwihana ivyaha
bakorera mw’ibanga : Ubusambanyi , kuboregwa , kwisambanya,
kuroga; Imana igombako bezwa . Ntimupfukepfuke ivyahaYesu ariko ategura umugeni.
Nimwebwe agomba ko mumufasha
Ibisomwa mfatiro
:
1. Mika 6:8
2. 1Ab'itesalonike
4:3,7
3. Abaroma 6:22
======================
3. Ngo nikuberiki mwatituye icubahiro c’Imana
mugashaka kuciyitirira ngo nimutahindura araje muhigure.
Icubahiro ciwe ntashobora kugisangira n’umuntu. Ngo kandi ivyo
biriko bikururira Igihugu Ivyago.
Ibisomwa
vy’urufatiro :
1. Yesaya 42
:8;11
3. Malaki 2:2
4. Yohana 12:26
5. Abifilipi
4:20
Abakwiriye
icubahiro mu rusengero ni aba:
Ibisomwa
vy’urufatiro
1.
1Timoteyo 5:17
2. 2Timoteyo :2:21;1:9
3. 1petro 4:16
4. Abaroma 2:10;2:7
=====================
4. Ngo ni kuberiki mudakundana ?Mudashira
hamwe? Mugira inzigo , amacakubiri, urwanko, kutababarira, ukwigungirako , kudafasha
impfumvyi n’abapfakazi, abatishoboye? Ngo iyo nyifato ibabaza Imana
.
Ibisomwa
vy’urufatiro soma:
1.
Yakobo 1:27
2. Matayo
6:14-15 ;18:35
3. 1yohana 4:20-21
4. 1yohana 3:15
=====================
5. Ngo umuntu wesi agume mu muhamagaro wiwe
. Ngo kuko niyo adresse yiwe .Benshi ngo ntibari mu mihamagaro yabo. Imana
bamwe irabagendera ikababura kuberako ibabaza barimwo sivyo Imana yabashizemwo.
Ngo guma mu kibanza Imana yagushizemwo kugirango izohagusange
Nikugendera.Harabo bitariko bigenda neza mu gikogwa kuberako
Bariko bakorera
mubibanza bitazwi nijuru
Ibisomwa
vy’urufatiro
1.
Abikorosayi 4:17
2. Matayo 4:18
3. 1petero 5:2-
Menya Neza: Raba
neza ko ikibanza urimwo ko ari Imana yakigushizemwo. Intebe wicayeko ko ariImana
yakikwicaricemwo
====================
6.Ngo hariho
abantu bigira abakozi b'Imana kandi ari abakozi ba satani. Bariko bahindura
amajambo amwe amwe muri Bibiliya ayandi bakayakuramwo . Nk’ayavuga
kugaruka kwa Yesu kristo.Ayo kwihana Ivyaha no Kwezwa. Batanga Amahera
menshi. Bakorana n’aba pasitori bamwe bamwe. Muragabe kandi mwirinde.
Igisomwa c’urufatiro
1.
Ivyahishuriwe
yohana 22:19
======================
7. Kuberiki mutakigira
umutwaro wo gusengera igihugu canyu? Murondera inyungu zanyu n’ukuvuga
nabi uburongozi .
Musenge muce
bugufi kugirango Imana ikize igihugu canyu.
Igisomwa c’urufatiro
1.
2 Ngoma
7:14-15
MURAKOZE
======================
IGICE CA KABIRI
A.
Umurongozi ni umuntu ki?
Umurongozi
n'umuntu arongoye umurwi kanaka w'abantu kandi akubahwa n'uwo murwi arongoye.
Ni umuntu afise iyerekwa ryiza ku bantu arongoye. Amenya ibibazo n'ivyipfuzo
vy'abo arongoye.Yitaho abarongoye akabafasha ku mubiri no mu mpwemu, mu mpanuro
no mu buryo abufise. Agirira impuhwe canke ikigongwe abo arongoye. Ni umuntu
n'abantu.Yitaho cane abo arongoye no kuberekeza ivyo vagomba gukora.Yesu yaciye
umugani,reka tuwusome mugitabu ca Luka
15:5-7 ati"Hogira umuntu muri
mwebwe afita intama ijana yozimiza imwe ,ntiyosiga zimwe 99 akaza
kurondera iyo yazimiye gushika ayitoye? Iyo ayibonye ayiterera kurutugu
anezerewe ashitse murugo ahamagara incuti ziwe n'ababanyi biwe akababwira ati
tunezerwe kuko ndabonye intama yanje yari yazimiye.Ndababwira yuko mw'ijuru
bazonezerwa batyo umunyavyaha umwe yihanye bakamurutisha abagororotsi 99
batarinda kwihana.
Umurongozi
rero murusengero yitaho cane gutwara abantu ku Mana. Ibwirizwa shingiro
ry'ishengero ni Bibiliya.Nico gituma umurongozi agomba kandi ategerezwa gusoma
bibiliya no kumenya ijambo ry'Imana,akigisha abo arongoye abikuye muri
bibiliya.Arahanura ,ngo hanura uhane ,ngo hariho Ibimenyetso ko umuntu akwije
ibisabwa vy'uburongozi . Umurongozi s'umuntu bahamagara chef gusa, n'umuntu
ashobora kuba chef kandi akaba n'umurongozi mwiza.umurongozi
n'ibikorwa,n'ingeso n'ubwotange . umurongozi n'ukuba akarorero k'abo urongoye
.ushobora kuba umu chef mugabo utagira influence kubo urongoye,ugasanga icegera
cawe ariwe afise influence kuri groupe urongoye.
Hariho uburyo
2 bw'uburongozi : uburongozi bw'igitugu,kwikubita kugituza,kurondera amahera
,ubwibone,kutitaho abo arongoye.Ni dictateur ,kwanka abo arongoye,kwishira
hejuru bizana intambara ,kwipfuza uburongozi kunguvu,kurondera gushirwa
hejuru,kurondera gushimwa n'abantu ntashaka gushimwa na Kristo canke n'Imana
yipfuza abagore b'abandi ,yipfuza amafaranga,agendana iterabwoba kandi
n'ubusambanyi .Uwo n'umurongozi mubi.
Hari uburyo 2
nk'uko nababwiye bw'uburongozi
Uburongozi
bwiza ni burongozi bwa Yesu Kristo. Gukorera abo arongoye, umuhamagaro wejejwe
kugira akarorero ka Kristo. Umurongozi mwiza asengera abo arongoye akabitaho, agira
imyanya yo gusenga.umurongozi mwiza arondera kujana abo arongoye mw'ijuru. Uwo
ni umurongozi mwiza. Esaya40:10-11"uwuhoraho
Imana azoza afita ubushobozi kandi ukuboko kwiwe kuzomutwarira .Raba azoza
azanye impera kandi inyishu yiwe iri imbere yiwe azoragira umukuku wiwe
nk'umwungere ,azoterura imyagazi mumaboko mugabo ayitware mugikiriza kandi
izonsa azoziyobora buhorobuhoro.umurongozi mwiza atwara intama buhorobuhoro
ntazirongorana igitugu.
Ibintu
10 kugira ube umurongozi mwiza.
1.
Umurongozi mwiza agira ibanga avuga ibintu mugihe cavyo ntapfa kuvugavuga.
Ntushobora
kuba umurongozi mwiza mugihe uvugavuga ,udaca bugufi ,hariho ivyo utavuga
kugeza igihe cavyo gishitse . Umurongozi adafita ibanga uyo ni umurongozi mubi.
Dusome
igitabu Nehemiya* 2:12.Haravuga ngo:"Ndaheza mpengera mw'ijoro ,mvyukana
n'abantu bake kandi sinagize umuntu numwe mbwira ivyo Imana yasize mumutima
wanje ngo ndabikorere i Yelusalemu kandi ntamafarasi twajanye atariyo
nagenderako.
Nehemiya
yarafise ibanga, ntiyigeze avuga ivyo Imana yamubwiye .Hariho abarongozi benshi
batagira ibanga baguma bavugavuga ivyarivyo vyose bumvise vy'ukuri n'ivyo
kubesha atagutohoza. Haraho usanga bimugayishije. Hariho umukozi w'Imana
yakunda kwihanisha abantu ivyo bamubwiye agaca agenda arabivuga hanze
kandi yarakoreshwa n'Imana ariko kubera ko atabanga yarafise
,abakristo baramugaye ntibamwizigira ,
Usanga rero
igikorwa c'Imana kiragawe.Tube nka Nehemiya yagumije ibanga Imana yamubwiye. Umukozi
atagira ibanga Imana ntimwizigira , ntimubwira amabanga, acatangura
gukorera mu mubiri.
Nitwashaka ko
Imana ituganiriza n'ukutubwira ibanga tube abakozi babika ibanga bakarindira
igihe Imana yababwiye gishitse, imbonakazoza yawe canke iyerekwa ryawe.
Imana
yambwiye ko nzoja i Buraya 2000, nagiye mu 2018 haheze imyaka 18.Yambwiye ko
nzozunguruka kw'isi kuvuga ubutumwa no kugira ishengero rinini ririmwo abazungu
, Ubwoko butandukanye muri 2008 ariko natanguye kugendagenda mu 2019. Ibanga
rijana no kwizera no kwihangana.
2. Gira
abahanuzi bake b'inkora Mutima, abahanuzi bake abajenama bawe.
Gira abantu bake iruhande yawe. Niwagira abahanuzi benshi ntaho uzashika
.Abantu ntibakwiye kumenya amabanga yawe.Kugira abanyamabanga benshi uba
uriko urondera urupfu yaba muri mpwemu canke mumubiri.Yesu yarafita batatu muri
benshi:Yohani,Petero na Yakobo.Abo nibo yadugana kumusozi Gusenga.soma
Matayo 26:37"Ajana Petero na bene Zebedayo bompi atangura kubabara
no guhagarika umutima cane". umurongozi ataganza murusengero canke
atabika murusengero amabanga yiwe uwo ntaba ari umurongozi mwiza.ugomba kuba
ufise abantu bake muri benshi bazi amabanga yawe,musengena mw'ibanga iyo ugize
ingorane abonyene akaba aribo witura,iyo hari ibibazo abonyene nibo myfashanya
kubironderera umuti ,abonyene iyo mw'isengero habaye ingorane nibo bafata
iyambere mukuj'inama nomukumenya ukuntu izongorane zotora umuti.umurongozi
mwiza agira abanyamabanga biwe bake bake babaho.
3.
Umurongozi
mwiza ategerezwa kumenya ibibazo biri mw'isengero
Abarongozi batwara ibisata mw'isengero, abarongozi bategerezwa kwama
baguhaye ivyegeranyo vyerekana uko bakora canke ibibazo biri mu mirwi y'abo
barongoye. Nk’umurongozi utegerezwa kumenya ibibazo biri mu gikorwa c'Imana. Nk'umurongozi
, igikorwa c'Imana urongoye utegerezwa kumenya ibibazo gifise , Umurongozi
mwiza aramenya ibibazo biri mu gikorwa c'Imana kandi ategerezwa kumenya ibibazo
biri mu gikorwa c'Imana kandi ategerezwa kumenya ibibazo biri hanze
y'urusengero n'indani mu rusengero.
Ntushobora kuba umurongozi mwiza utamenya ibibazo biri imbere mu gikorwa
c'Imana canke udakurikirana ibibazo bihari. Hariho igihe abarongozi batamenya
nuko isuku riri mukibuga c'isengero.Kumenya ko ubwiherero bumeze
neza.umurongozi mwiza ategerezwa gukurikirana ibibazo vyose hanze,munzu ,inyubako
,ukagendura indani no hanze ,ukaraba imigaga ,ukaraba umwanda ,ntube umuntu wo
kwinjira wongera usohoka ,ukaja muri cuisine,ukaja muri dépôt,ukaja muri
toilette,ukaraba ibintu vyose ukugene biriko biragenda.
Iyo turiko turasoma Nehemiya
2:13"ngo nuko iryo joro nca
mw'irembo nja ku mwonga , nkomeza inzira y'isôko y'ikiyoka nshika no kw'irembo
bacishamwo umwavu ngenda nitegereza inzitiro z'amabuye z' i Yelusalemu
ukuntu zasenyutse n'amarembo yaho ingene z'ibiraya yahiye.
Umurongozi mwiza aragendagenda akaraba ahantu ishengero ryiwe ryubatswe
akagendagenda araba ingorane zose ziri mw'isengero muburyo bw'umubiri no
muburyo bw'impwemu.
4.
Umurongozi mwiza agira umwanya wo kwiyumvira aba
afita bureau,aja ahantu ashobora kwicara hatuje yiyumvira .
Umurongozi mwiza afise umwanya wo kwiyumvira ukuntu igikorwa kiriko
kiragenda , ushobora kwiyumvira ahantu hatuje ,ukiyumvira ati:,"mbega noja
hehe hatekereje nshobora kwiyumvira.umurongozi mwiza ashobora gufata umwanya
yiyumvira ubuzima bwiwe,ubw'ishengero, umuryango wiwe,umugore n'abana
mumuryango wiwe muburyo bwagutse ,icamaze ,icabamariye ,icamaze gukorera aba
kristo,kazoza kabo ,uko ibikorwa canke igikorwa c'Imana kiriko
kiragenda,imigambi y'iterambere ryabo arongoye.
Iyo turiko turasoma Nehemiya 6:10"Bukeye ninjira munzu ya Shemaya mwene
Deraya, Deraya wa Metaberi kandi uwo yari yiyugaranye kandi arambarira ati ingo
tuje kubonanira mungoro y'Imana mu Rusengero hagati twugare inzugi kuko
haza kuza abantu bo kukwica mbere muri iryo joro ntakabuza barakwica.Tuje
ahantu twiyugarane.Umurongozi mwiza w'ibanga agira ahantu hibanga yiyugaranira.
5.
Umurongozi mwiza cane akora mw'ijoro kubera ko
mw'ijoro haba hatuje.
Mw'ijoro ugira ihishurirwa rikomeye. Ibikorwa vyinshi bikore mw'ijoro kuko
niho ukora cane.Mw'ijoro uronka umwanya wo gusenga nuwo kuvugana n'Imana canke
kuganira n'Imana.
Nehemiya 2:15: nuko iryo joro nyene nsubira kudugana akagezi
nkomeza kugenda nitegereza inzitiro ndaheza ndakevya nsubira guca muri rya
rembo rija kumwonga nuko ndataha.Mw'ijoro Imana irakora:
Kuvayo 12:29-30"Nuko
mugicugu uhoraho yica abana bose b'imfura bo mugihugu ca Egiputa uhereye
kumfura ya Farawo. Muri iryo joro Farawo ararandamuka n'abakozi biwe bose
n'abanyegiputa bose."Mariko1:35"
Mw'ijoro rushira ubuca aravyuka
arasohoka aja mugahinga asengerayo."
Bisaba kwitanga, akora mw'ijoro. Mw'ijoro ushobora gufata imyanya myinshi yo
kuganira n'Imana kubera ko mw'ijoro haba hatuje. Ntabintu bigukoma kuko haba
hatuje, ntabantu baza kukurondera .Amasaha yo mw'ijoro niyo masaha yo
kuganira n'Imana , satani akora cane mw'ijoro kandi n'Imana nayo ikora cane
mw'ijoro.
6
Umurongozi mwiza azi kuvuga ivyubaka.
Amajambo yubaka, amajambo
ahindura amajambo atera intege,akiza.Yemera guhanurwa iyo bakuvugako ingeso
zitari nziza hindura canke hinduka .Menya ukuntu uvuga canke ukora wige kuvuga
neza imbere y'abo turongoye kandi uciye bugufi imbere y'abo urongoye kandi
uciye bugufi n'urupfasoni.
Nehemiya 2:17"Atera umwete afita impuhwe zo guteranya canke gusambura imitima yabo
arongoye. Maze ndababarira ati mbega ntimubona ayo twabonye ingene i Yelusalemu
hahindutse umusaka n'amarembo yaho akaba yarahiye?Ehe nimuze dusubire twubake
uruzitiro rwaho kugirango ntitwame turi agatwengo . Ndaheza ndabiganira ingene
ikiganza ciza c'Imana yanje cambayeho,ndabiganira n'amajambo umwami yanyiganiye
ati nituve hasi twubake . N'uko bakora
ivyo bashoboye vyose bashirako ico gikorwa ciza.
7. Umurongozi
mwiza ategerezwa kuba akarorero muri vyose: mukuvuga uko witwara,uko wambara
utegerezwa gufata iyambere
Akarorero :
Utangaza amasengesho mugabo wewe ntoboneke,niwewe ucerwa.
Umurongozi
ataba akarorero keza ntaho ashobora gushikana abo arongoye. Ntashobora
kurongora ishengero neza ntaho azorishikana.Imbere y'uko abandi bakora, Wewe
uba uwambere.naho woba warashizeho umurongozi w'uwo murwi utegerezwa gufata
iyambere. Yeremiya 2:15-16: Ubwonyene
nsubira kudugana akagezi nkomeza kugenda nitegereza inzitiro ndaheza ndakevya
nsubira kuri ryarembo rica mu mwonga n'uko ndataha ariko abakuru ntibari bazi
iyo nagiye canke ico nakoze kandi ntaco nari bwababwire.Abayuda,arabaherezi
,arabanyacubahiro, abakuru canke abnatu bose bazokorana nanje ico
gikorwa.utegerezwa rero kuba akarorero.Hariho abarongozi benshi atari akarorero
akazi kabo n'ugutegeka kandi bahategekana igitugu ariko ubwo si uburongozi
bwiza.
8.
Umurongozi mwiza agomba kuraba
uwamuhamagaye:naho hoba ibacantege
Ntiwiteho abakugwanya, ntiwiteho abaguca intege bandanya igikorwa
c'umurongozi komeza gukora nk'uko wahamagawe bazobona ibikorwa vyawe vyiza
munyuma bazovuga ko wahamagawe N'Imana.Ibicantege ntibibura muburongozi ariko
ntibigusamaze. Bagukunda batagukunda, baguhayagiza bataguhayagiza, wewe
kora nk'uko wahamagawe.
Ibacantege :
Nehemiya
2:19-20:"Ariko sabibati,umuhoroni,Tobiya umwamoni
w'umushumba na Gesheni umwarabu bavyumvise baradushinyagurira batubarirana
agakengere bati ivyo mukora n'ibiki ?mbega s'uko mugomba kugaragariza
umurwi?nanje ndabishura bati Imana nyen'ijuru niyo izotuma bikunda nico twebwe
abasavyi bayo dushirako tukubaka ariko mweho ntamugabane,ntabubasha
ntan'icibutso mufise i Yelusalemu.
9.Umurongozi mwiza ategerezwa kugira iyerekwa ryo guteza imbere igikorwa
yahawe kurongora canke ishengero ry'Imana kandi akama agavye.
Iyo turiko turasoma igitabo ca 1 Petero 5:7",
Nehemiya 4:10
Maze abayuda
baravuga bati abikorezi bacitse intege kuko hari ibishingwe
vyinshi.Ntitugishobora kwubaka uruzitiro kandi abasi bacu nabo baravuga bati
ntaco bazomenya canke ngo bagire ico babona kugeza aho tuzobiburira
tukabica vigikorwa cabo kigaca gihagarara.
Naho uca mubibazo, mu ngorane, mu bicantege ugomba kugira iyerekwa ryo
guteza imbere igikorwa c'Imana. Ntushobora kuraba inyuma utegerezwa kuraba
imbere kandi utegerezwa kugira iyerekwa , iyerekwa rizima ,iyerekwa ryo guteza
imbere igikorwa c'Imana.
9.Umurongozi
mwiza agomba umwanya wo gusenga no gusoma ijambo ry'Imana
Yosuwa 1:8, Abakolosayi
3:16, muri Yosuwa
ati ibiri murico gitabu c'ivyagezwe ntuzobikure mu kanwa kawe ariko
uzokwame ivyiyumviro kumurango no mw'ijoro kugirango ubone kwitondera
ivyanditswemw vyose niho ivyawe bozogenda neza ukagira amahirwe.
Abakolosayi 3
:16 : Ijambo
rigwire muri mwebwe . umurongozi mwiza
ategerezwa kuba asenga agahimiriza abo arongoye gusenga kubera koadasenze ntaco
ashobora gushikako .
Yamira muntege nke ntashobora kurongora neza igikorwa c'Imana
adasenga.Yesu kristo ijambo ry'Imana riratubwira yuko yaduga ku musozi gusenga,yarara
kumusozi, mu gitondo akamanuka mw'isengero kwigisha .urumva rero ivyo wigisha
aburongoye utegerezwa kubihabwa n'Imana nyen'igikorwa, utegerezwa kuba ufise
umwanya wokuganira n'Imana atari wamwanya wa rusangi.
B.Ukuntu Shetani
ariko arakorera mw’iban
Uko satani ariko
arakorera mw'isengero mwibanaga
Imana ntaco
ikora itibiye akabanga abakozi bayo canke abayubaha.Niwabana ibi bintu
ngira ndakubwire biriko birakora mu rushengero murongoye,umenye ko satani
yamaze kukwinjirana mw'ibanga.. Aya n'amabanga Imana yahishuye ukuntu
abadayimoni bariko barakora mumashengero kandi binjire mw'ibanga.Bariko
baratera ibisasu mumashengero.
Igisasu cambere:
Bateze itiro n'uburuhe, kwiba inyota yo gusenga kutavyiyumvamwo.
Ingaruka
y'itiro: Itanguriro 15:12
Igisasu ca
kabiri n'igisasu co kurondera ubuzima cane ,kurondera ubuzima ivy'Imana bikaba
ibisanzwe.kwiba umwanya wo kurondera Imana abantu bakarondera ubuzima
cane bakiba umwanya wo kurondera Imana.Kugirango ntihabe Gusenga, gusoma
ijambo ry'Imana kwiyumvira ivy'Imana bagire igihe gitoya caane cokurondera
Imana Matayo 6:33
Igisasu ca
gatatu n'igisasu co guteza abakristo ingwara y'ama estomac kugira ngo aba
kristu ntibabashe gusenga amasengesho yo kwisonzesha.Matayo 17:21 kwisonzesha
harimwo inkomezi, guhindura ivyananiranye.
Igisasu ca 4 n'igisasu co kumaramaza abarongozi no kubavuga nabi.kuvuga
nabi abarongozi canke kubamaramaza.
Igisasu ca gatanu n'ukwidodombera Imana no kwidodombera igikorwa
c'Imana,kutumvikana mw'ishengero .Malaki 3:14-15
Igisasu ca gatandatu n'akagaye n'ubwishime n'inzankano ishari, Abagalatiya
5:20.
Akagaye, kugayana , kwishima , kwishira hejuru.
Igisasu c'indwi nico kudatanga ikigira cumi n'amashimwe n'imperezwa
kugirango ishengero ntiritereimbere.Malaki 3:7-12
Satani arazi
ibanga ryo gutanga ikigira cumi.
Igisasu
c'umunani n'igisasu co kutanyurwa n'ubuzima umuntu akipfiza ivy'isi ivyopfuzo
vy'isi bikaba muri we.
Igisasu
c'icenda n'igisasu co kumenyera Imana , kubona yuko ivy'Imana ari
ibisanzwe,gukora ivyaha ibigirankana.
Igisasu
c'icumi n'igisasu co kwipfuza ivyipfuzo vy'umubiri bituma ubusambanyi
murusengero.kubona ko ubusambanyi ari ibisanzwe.Icaha c'ubusambanyi gifise
inkurikizi kandi umuntu asambana aba ahumanije umutima n'umubiri.2 Korinto7:1
Igisasu ca
cumi na rimwe n'igisasu co kwambara impuzu zidahesha Imana icubahiro ngo
n'iterambere, impuzu ziroga.Abaririmvyi n'abavuga butumwa kwambara nabi, impuzu
ziroga kandi abarongozi bakabona ko ari ibisanzwe, baramaze guhuma amaso.
Ugisasu
kigira icumi na kabiri n'igisasu co kubesha mu Rusengero kandi kubesha ubu
n'ibisanzwe.
Ivyahishuriwe
Yohana22 :15 se w'ibinyoma ni satani.umuntu abesha n'wasatani
Igisasu ca
cumi na gatatu n'igisasu co kudaha Imana icubahiro cayo mw'ishengero.Agaciro
k'Imana n'agasanzwe.Gukoresha amaterefone mumwanya w'Ijambo ry'Imana
canke umwanya wo gusenga.Guha telefone agaciro kurusha Imana.
Igisasu ca
cumi na kane n'igisasu co gusamaza abakristu muvyiyumviro vyabo.Gusamara
muvyiyumviro.Matayo 15:8
Igisasu ca
cumi na gatanu: kutubahiriza programme y'ishengero, gucererwa, gutaha kare, Imana
idufashe cane.
Igisasu ca
cumi na gatandatu n'igisasu co kutubaha abakozi b'Imana kubagaya.
Igisasu ca
cumi n'indwi n'igisasu co guteza abahanuzi kuvangirwa, dayimoni kumunwa.
Igisasu ca
cumi n'umunani n'igisasu c'urukundo ruke murusengero abantu iyo bafitaniye
urukundo ruke. Abantu iyo abafitaniye urukundo bagita ubumwe, ariko
ubumwe n'inkomezi ntabikiri murusengero.1korinto 13:4
Igisasu ca
cumi n'icenda n'igisasu co kudatanga imbabazi kubatugiriye nabi canke
kubatubabaje.Matayo 6:14-15,
18:21-25
Igisasu ca
mirongo ibiri n'igisasu co kwihorana .Ko yankoreye ibi nanje nzomukorera
ibi, kwihorana, gusubiriza munkoko.
Igisasu ca
mirongo ibiri na rimwe n'igisasu co kutagira umwete mugikorwa c'Imana.
Igisasu ca
mirongo ibiri na kabiri n'igisasu co kwibagiza umugeni, kwibagiza ibihe ko Yesu
agiye kuza vuba,gusamara no gusamaza umugeni.
Igisasu
ca mirongo ibiri na gatatu n'igisasu co kwiba ishengero, kugira ibihe, kwiherana
n'Imana, inyigisho, umwanya w'Imana .Abantu ntibakigira umwanya w'Imana
Igisasu ca
mirongo ibiri na kane ni igisasu co kutemera kurongorwa na mpwemu Yera, ijwi
ryo mutima, kutemera kurongorwa na Mpwemu Yera.Intumbero nyamukuru ya satani
n'abadayimoni n'ukuyovya ishengero.Imana idufashe cane.Niwabona ibi ndakubwiye
biriko birakora murushengero ucumenya neeza yuko satani ariko arakorera
mw'ibanga murushengero Imana idufashe.




