'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Tuesday, December 20, 2022

Umurimyi mworozi Mbonankira avuga ko abandanya ''aturatuzwa'' mu bikorwa vyiwe.

        Umurimyi mworozi  Mbonankira avuga ko abandanya ''aturatuzwa'' mu bikorwa vyiwe.


 
''Hariho n'umunyamitahe wo mu gihugu ca Australie yari yaje ngo dukorane none yamaze guta aromoka kubera iri turatuzwa. None jewe ngiye kuba uwande muri iki gihugu''.

Aya ni amwe mu majambo umurimyi mworozi Mbonankira Karori yatwishuye kuri terefone kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Kigarama amaze kuva mu mirima igihutihuti tumubajije ku vyo bamwe mu bakozi barenga 100 bari basubiye ku kivi bariko baramenyesha.  

Nkuko avyigana ngo muri ikigitondo yahamagawe n'umushikirizwamanza wa repuburika mu ntara ya Ngozi amubaza ko yoba ari mu mirima, uruwundi arabimwmerera. Uwo munyamategeko yamusavye ko bobonana nawe aravyemera. Mu kanya ngo haciye hashika imodoka y'uwujejwe uburimyi n'ubworozi mu ntara ya Ngozi irimwo abantu babiri bari bacungerewe n'abaporisi babiri. Mu gihe yariko aritegura ngo yakira uwo mushitsi baciye bategeka umupfosoni wiwe ko yobuza abariko barakora kubandanya ibikorwa kuko ngo '' bariko bakorera ubusa''. Abo ''bashitsi'' bahavuye bamenyesha uyu mupfasoni  ko baje bava mubiro vy'umukuru w'igihugu.

Inyuma y'ugufungwa abasakisaki incuro zibiri yongera apfungurugwa, umurimyi mworozi Karori Mbonankira wo muntara ya Kayanza  avuga ko abandanya aturatuzwa mu bikorwa vyiwe vya minsi yose vyo kurima no kworora .

Karori akavuga atabona iyo amafaranga ikoperative SPCB arongoye ryafashe kw'ingurane bazoyakura kuko n'ubu bari basubiye gutangura ibikorwa inyuma y'agahombo k'imiriyoni 70 z'amahera y'amarundi yemeza ko yononekaye igihe hasamburwa ivyuma vyafasha mu kuvomera imirima n'ibindi bitari bike vyabaye impfagusa.

 Mbonankira Karori ati: ''Hariho n'umunyamitahe wo mu gihugu ca Australie yari yaje ngo dukorane none yamaze guta aromoka kubera iri turatuwa. None jewe ngiye kuba uwande muri iki gihugu''. Aribaza nimba abarongozi basigaye bavuga kubiri ku kintu kimwe kuko ngo uwaheruka ku mugendera yari yamwijeje.    

Twokwibuka ko uwo yaheruka ku mugendara muri iyo mirima iri ku musozi wa Nyanza , ikomine n'intara ya Ngozi ari umuyobozi mukuru wa ANACOOP. 




        


No comments: