Ngo ntihakenewe umuhinga ngo bamenyeko amarundi yataye agaciro. Ibiciro vyaraduze kandi vyaduze tubona, ntaco twakoze.Amehera y'amarundi ateshwa agaciro n'abasuma baza gusumira hamwe n'abafise amikoro make.
Ayo ni amwe mu majambo avugwa n'abaguzi mw'isoko bita Kotebu riri muri zone Ngagara muri Komine Ntahangwa.
Mu nsiguro batanga abo baguzi batashatse ko twandika amazina yabo ngo iryo soko rihurigwamwo n'abantu batandukanye baba mu gisagara ca Bujumbura. Muri ino minsi rero ngo haribonekeza abantu baza gusumira muri iryo soko bafise uburyo budasanzwe ku buryo ibidandazwa naho vyoba vyadugijwe igiciro babigura uko nyene.
Umwe ati : '' Hari abantu bafise amafaranga adasiguritse ugereranije n'imisi iheze. Turibaza bobo iyo bayakura ntidutore inyishu''. Umugabo usanga aguze imodoka izimvye bukeye kabiri akagura iyo uwo bubakanye nayo nyene izimvye kandi ariko arubaka inzu idasanzwe muri karitiye''. Mwene abo bantu iyo bashitse ngaha gusuma abandi barikuma kuko ibiciro bagurako ivyo basuma bihakwa kurenga n'ivyo bene gushora babacira. Haraho bayakura ntankeka, aho niho dusigaye kumenya kuko birateye amakenga.
Iduzwa ry'ibiciro ngaho kw'isoko rya Kotebu ngo risa n'irygeze kuba mu ntara ya Ruyigi igihe ishirahamwe Action Aid ryahemba abakozi baryo imishahara itari imenyerewe muri iyo ntara. Ngo muri ico gihe ivoka, ikigeyo c'ibijumbu, imihwi, amagi n'utundi twankenerwa vyaciye biduga ku rugero rudasanzwe. Ngo mu kubisubizza inyuma uwatwara iyo ntara Isaac Bujaba yaciye asaba ishhirahamwe Action Aid gusubiramwo indinganizo ry'imishahara. Akandi karorero ngo ni ivyabaye mu ntara ya Muyinga igihe abanegihugu bamwe bari mu gikorwa co kwimba inzahabu mu bibanza bitandukanye. Ico gihe ibiciro vy'ibintu vyaraduze cane kuko bene kugura ntaco binona kuko amafaranga bari bayafise. Abari barongoye iyo ntara vyarabateye amakenga maze bafata ingingo bafatanikanije n'indongozi zo hejuru maze urudandazwa rw'inzahabu rubona gutorerwa indinganizo n'ako kajagari mu biciro bibona kugabanuka.
No comments:
Post a Comment