'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, December 22, 2022

Muri CLUB ABAHIZI bati :'' Samuragwa ehe raba ni uwa mbere""

 Muri CLUB ABAHIZI  bati :'' Samuragwa ehe raba ni uwa mbere".

Ubutumire!

Umurwi w'intambo ndangakaranga CLUB ABAHIZI uhurikiyemwo  abagumyabanga, imbonerakure, ibiswi vy'inkona bo muri karitiye Nyabagere, Zone Gihosha , komine Ntahangwa waratunganije igiteramo co gushira ahabona indirimbo zihayagiza umugambwe CNDD-FDD n'intwari zawo wahinguye.

Ico giteramwo gitegekanijwe kw'igenekerezo rya 23 kigarama uyu mwaka igihe c'isaha umunani  mu nyubakwa  IRAMA CENTER ahegeranye n'akabare Second Life.

Mu ndirimbo 12 zizoshirwa ahabona iyambere igira iti:'' Samuragwa ehe raba ni uwa mbere'' iyi kurikira nayo ngo ''Muragumya iryo banga rya Sogokuru Petero Nkurunziza. Ngo uwo muhingamo club izobica bicike na canecane mu vyese bizogirwa n'ibiswi vy'inkona . Muri ivyo vyese bimwe ngo'' Iyataba CNDD-FDD abarundi bari kuba abande''.

Club ABAHIZI isaba gushigikirwa kugirango ico gikorwa kizogende neza.




No comments: