Nkuko n'abakenyezi bavyiyemerera ngo ikibazo nyamukuru kibahanze baho ni uko badafise imitahe y'ugukora
imigambi y'iterambere kugirango basahirize imiryango yabo. Barasaba ubufasha narirya Komine iherutsa
kububakira isoko hafi y'umweha wa Kabonga.
Ibindi bibuza abigeme kubandanya amashure ni ingeso y'uguharika yimonogoje cane ku mitumba nka yose .
Ivyo vyibonekeza cane mu matati yama yadutse hagati y'abakenyezi n'abagabo babo canke n'abagore bari
kw'ihari. Iyo ngendo ikaba ituma haca havuka abana benshi kandi ntibanandikwe muri komine. Abaja guharikwa ni
imiyaba iba itaye amashure Abenegihugu barasabako intwaro muri komine Nyanza-lac yohagarika iyo ngeso mbi
kuko iteza umutekano muke mu kibano.
Ku mutumba Mvugo muri zone , abigeme benshi baratangura amashure ariko ntibayabandanye bivuye
ku kugene abagabo bataye ibanga baca babahendahendesha udufaranga mu kubagurira impuzu zizimvye,
imfungurwa hanyuma bigaca birangira babateye inda z'ishushu. Abo bana baba bavutse ntibaheza ngo
bandikwe muri komine. Agateka kabo kaba gahungabanye.Urudandaza rw'amafi ku mweha wa Mvugo rukorwa
n'abakenyezi. Abigeme bamwe baca bata amashure bakaja kudandaza indagara canke imikeke kuko ngo
hoho baca baronka amahera yo kwigira neza binyarutse.Gutyo baracabuze uwobafata mu mugongo kugirango
bashobore gushika kure nukubika amafi igihe kirekire canke kuzihingura mubuhinga bwa kijambere. Abo bakenyezi
baripfuza gusahiriza imiryango yabo kuko urugo ni babi, urugo n'ugufashanya.
Mu ntumbero yugutuza amaligala y'urwaruka canke ubunebwe, abigeme bo ku mitumba itandukanye igize Zone
Nyanza-Lac cane cane bahejeje amashure barasabako hojaho ikigo cobaramira kikabafasha kwungura ubumenyi :
aha baravuga nk'amazu yo gusomeramwo ibitabo no kwiga kwitunganiriza imigambi, aho babaririra n'aho
gukorera imiduga , aho kwigira kugendesha imiduga. Barasaba cane cane abarundi baba mu mahanga
ya kubafata mu mugongo kugira ngo bashobore gushika kure mu ndoto zabo. Ntibagume biyumvira gusa