Ngo amasezerano y’ubumwe bw’abarundi ntakomoka kuri Petero Buyoya
Bujumbura, igenekerezo rya 13 Ruhuhuma2024, Gako News (Blog)Ngo amasezerano y’ubumwe bw’abarundi ntakomoka kuri Petero Buyoya. Inkomoko y'ayo ni urwandiko rwanditse n'umurwi w'incabwenge biyamiriza ubwicanyi bwariko bubera muri Ntaga na Marangara. Hariho abayazize, abandi barahunga. Ivyo bivugwa na Kobako Gaspard arongoye umugambwe AND-INTADOHOKA.
Mu kiganiro twagiranye ahajeje gushira amashurwe ku cibutso c'ubumwe bw'abarundi kiri ku musozi Vugizo kw'igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2024 aho abarundi bibuka ku ncuro ya 33 aho bemeza amasezerano y'ubumwe bwabo, Kobako Gaspard arongoye umugambwe AND-INTADOHOKA yavvuze ko amasezerano y’ubumwe bw’abarundi adatakomoka kuri ku wahoze arongoye Uburundi Petero Buyoya nkuko bqmwe basa kuyamwitirira. Ku bwa Kobako, inkomoko y'ayo ni ikete ryanditswe n'umugwi w'incambwenge z'abahutu igenekerezo rya 22 Myandagaro 1988 bandikiye umukuru w'igihugu Petero Buyoya biyamiriza ubwicanya ahanini bwahitana abantu baturuka mu bwoko bw'abahutu muri Ntaga na Marangara. Bamwe mu bariteyeko igikumu baracariho, abandi barahunze abandi baragandaguwe.Hariho abayazize, abandi barahunga. Ukugaragaza ukuri ku bijanye n'ubumwe bw'arundi kwatumye n'ikiziga ca Gilles Bimazubute n'ubu kitaratogwa.Yaba incungu ya demokarasi, Perezida Ndadaye Melchior yaba Gilles Bimazubute yari icegera c'umukuru w'inama nshingamateka bagira bati :'' Ubumwe si urugoto''.
Igice c'intango c'ikete ryandikiwe Perezida Petero Buyoya.
Barinzigo Julien : Muti rero hariho abarundi bamye berekana ko bafise amakenga kuri ayo masezeranoo?
Kobako Gaspard : Ndadaye Melchior ari mu kugandagurwa yaragaragaje neza ko ubumwe bw'abarundi atari gusa kuvuga amajambo. Niyo bariko baraburirimba wewe ntiyemera ko bafatana amaboko n'abandi ngo bagume bayazungagiza.Yavuga ko ubumwe atari uruhendo , ubumwe atari ibintu vy'ubutigire. Ndibuka neza ko yanditse mu kinyamakuru ca Frodebu bita Kanura burakeye avuga ko ubumwe atari urugoto,Nivyo vyanditse.Mu gifarasa yavuze ati '' l'unité du Burundi n'est pas un seminifère. Mwarabonye ko bayazungagije badafatanye kubera impamvu za covid-19. Ndadaye ntiyemera nagatoyi ko azungagiza amaboko.
Abantu baguye mu mporero, nk'umuhisi umushikiranganji w'intwaro yo hagati n'iterambere ry'amakomine, Yuvinali Ndayikeza. Ivyo tubosoma mu kinyamakuru Aube de la Démocratie, aho umutambukanyi wiwe yavuze ingene yagize amakuba, muco bise amajoro adahera/ maremare .
Kobako GBarinzigo Julien : Mbega ivyo vyatanguye muri mu mirimo iyihe?Mwavyakiye gute?
Kobako Gaspard : Ivyo vyatanguye ndi muri kaminuza mugabo si ukuvuga nari nkiriko
ndiga.Hari haheze imyaka nk'ibiri ndi umukozi wa reta.Nari nagiye kwigisha kw'ishure
ryisumbuye ry'i Mureke ryahora ari seminare imbere yuko isubira kuba iseminari
en 1987-1988 uyo wari umwaka wa mbere w'akazi .Kuva1988-1989 nigisha Gatara mu Kayanza, hanyuma rero kubera ntari bwaheze amashure naciye nsubira kwandika
igitabo kuko vyaragoranye icogitabo sinacandika bivuye kukadodoberezo
kuko uwari andongoye mu kwandika ico gitabo yaritavye Imana .N'igihe rero nsubiye
mw'ishure vyaragoranye kuko ubwo bumwe bw'abarundi ntibwari buze.Naragize ariko amahirwe nja mu baharira kuri ico kibazo c'ubumwe bw'abarundi.Uti vyagenze
gute?
Hari 1990 Aho nasubira kw'ishure mugisata cerekeye ivyisi"science de
la terre"mugifaransa. Rero naragiye mu bantu baharira cane ku kibazo c'ubumwe
bw'abarundi kandi ndibuka ko nari mumugwi wa 6 ndayfise n'isanamu y'uwo murwi
uyikeneye ndashobora kuyikwereka.Ndibuka ko harimwo umushikiranganji ajejwe indero Gamariel Ndaruzaniye hakabamwo abantu baharira cane najewe
ndimwo,hakaba harimwo intwazanga bomurizo harimwo umuhetsi wanje Colonel Nijimbere Léonidas ariwe yarayoboye ivy'umurwi ujejwe gukurikirana ivyo
guhagarika indwano i Arusha.Turaharira cane rwose eka mbere nuwari arongoye
uyo mugwi tumunanira kubera ko ivyo yadusiguriye ntitwavyumva gushika naho
tumubarira duti genda uhamagare umwe muri baryanyene bo mu murwi aze tumubaze abe
ariwe atwishura.Ico gihe nimba ntihenze yari umupfasoni yitwa Perpetua Nshimirimana, ubu umengo aba hanze . Uko twavyakiriye ni uko twavyakiranye akangonongono naho uwari muruyo mugwi yahavuye akabivamwo aca avuga ati reka tubanze twubake igihugu gishingiye kuri demokarasi impari n'ibindi murabona ko yaciye abizira.

Navyakiriye rero nk'uko abo bandi bavyakiriye nka Nyenicubahiro Ndadaye Melchior, Nyeniteka Bimazubute Gilles eka n'abandi boose twarikumwe mu mugambwe Sahwanya Frodebu uko Niko twavyakira.Urashobora kwibaza uti mbega inyuma y'imyaka ingana kurya mu vyakira gute?Ntacahindutse kiretse ko abarundi babwakiriye uko babuhawe, hanyuma buraririmbwa biraja ngaho,ikiri ku mutima nico cari gihambaye.Uti none nari habaye iki kugira ubumwe bw'abarundi bubeho?Hari kumuzo wa demokarasi ukaba nawo wakomotse kw'ijambo umukuru w'igihugu c'Ubafarasa Miterand Faransisiko yavuze ati: Hatabaye intwaro ishingiye ku migambwe myinshi,ku ntwaro rusangi ,ni ukuvuga ubumwe ntagishoboka''.
Umurwi waharira ku bijanye na politike mu Burundi, muri uyu murwi abanshi bari abahutu.
Barinzigo Julien : Nimba hari ubumwe bw'abarundi, ko muvuga ko bwamyeho, buriho kandi
buzokwamaho ariko bwagiye buratosekara, burya abarundi baracaburondera? Barondere ikintu gisanzwe
kiriho,camyeho kandi kizokwamaho?
Kobako Gaspard : Umukuru w'inama nshingamateka mw'ijambo yashikirije kw'izina ry'umukuru w'igihugu,yavuze
neza ko ubumwe bw'abarundi bwamyeho, buriho kandi buzorama.Twovuga
ko ivyo yasomye ibiri muri ako gatabo kuko iryo jambo ryarimwo.Twovuga
ko ari bimwe bavuga mu kirundi gutambika imbere isuka uwuyirimisha akaba ari inyuma.Urumva
rero kwari nkukugerageza kuzitira mugabo umuntu akari mu mutina karahinda niko bavuga mu kirundi.
Gusubira gufasha
abanyafrika ntibizosubira kubaho.Ivyo bisigura ko abo bagirisha ibikorwa
vy'ubumwe bw'abarundi si ukuvuga ko bavyemera kurusha abandi ni ukubera ko hari
habaye ico kintu c'agahato bati reka rero dutangure kuvugana ivyerekeye ubumwe
bw'abarundi. Bonyene rero baciye babona ko bitari ku mutima kuko iyo biba
ku mutima bita ko bariko barazirika canke baratsirika ntivyari kuba inyuma
yimyaka ibiri kuko haciye haba igandagurwa ry'umukuru w'igihugu. Ivyo navyo bikaba
vyari ku rutonde.Inganda ziratikira muri bwa bwoko bwose bazira ukwemera kwabo kwa demokarasi .Ntibazira rero ko ubumwe butariho bazira ko hariho abantu
baribateguwe yuko ataribo babandanije ku ntwaro atakigenda bazopfuma bica abantu
kandi nivyo vyabaye.Vyavuye rero ku ruyo muzo w'imigambwe myinshi nako wagaruka
kubera kubera wari wavuyeho muri 1966.Nico gituma rero haheze imyaka ibiri ibara
ryaciye rigwa kubera bwari bwubakiye ku musenyi ariho baciye bacanamwo kubera koko bari baranagabishijwe ati mudatoye ubumwe,mudatoye umugambwe w'abadasigana
UPRONA,muzokwamana agasambi,muzopfa muri impfuvyi,muri impunzi.kandi ivyo
vyose nivyo vyabaye.Twarahungiye hagati mu gihugu,hanze y'igihugu haracasigayeyo
abababa 200.000.amakambi y'abateshejwe izabo kumvo zitandukanye,harabavuga bati
nimuhungire hariya buca buba ubuhungiro bw'amajwi murabona n'inkurikizi ryavyo
ntizirahera.
Harabavuga rero ko ibere ryayaze.Ibintu nukubivuga uko biri inganda
zaratikiye mugabo kwibere ryayaze ucumengo nabavukana bapfuye utuntu none
twaciye duhera ariko n'ubu turacafise igikomere, turacafise igikomere c'ubwo bwicanyi.
Ati
mbega yabaye impfagusa canke n'inkinamico?Ico gihe twabona ko ari inkinmico kuko twarabona ko ataho bishingiye ariko ntitwovuga ko ataho bishingiye kuko
haravuyemwo icigwa yuko ubumwe atari ibintu vy'urugoto, atari ivyo kuvuga ku munwa nico gituma uyu musi tuvuga duti yamara yamara ubumwe bw'abarundi erega bwariho
niyo mpamvu twavuga duti bwagiye burahungabana kandi nivyo vyabananiye kwandika
no kuvuga icogihe kandi nubu bwarahungabanye.
Kubera ko hari ikimenyetso ca bwo
nibaza yuko agatima kaca kaza karakubita ati erega ubumwe bw'abarundi
burakenewe.Ubumwe bw'abarundi twipfuza ko buba ingiro.Ko rero buza buravugwa
mu majambo imyaka yose, itariki reka tuvuge ko bitabaye impfagusa mugabo ari Ikintu
tuzohozeko kugira abantu bame bavyiyumvamwo kurya batosora ifuku kugira bame
bibuka ko bashobora kuyora mugabo bamaze gusesa.
Ntidusubire hahandi rero.Hariho
abantu agatimatare baguma batera,ubumwe bw'abarundi birashobora gusubira gutosekara
kubera hariho imigwi iriko iragwana igwanira hanze, murazi ko hariho abahunze
bivuye kumwaka 2015 Aho haba impari yukubuga ko arikiringo ca gatatu .Ivyo vyaragize
inkurikizi mbi.Abo bahunze nabo bavuga bati twipfuza gutaha mugihugu cacu.vyiza
rero ntibotaha bagwana kuko Inda woyibwira uwayirayeko botaha aruko habaye
ikintu co kuganira bakavugana ukuri maze niho hava nukurekuriranira.
Barinzigo Julien: Mbega umugambwe AND-INTADOHOKA ubivugako iki?
Kobako Gaspard : Ibi vyose mvuga
ka burOngozi bwa A N D urunani rw'igihugu ruharanira demokarasi ,icokorwa n'uko
twokwama twibukanya mu biganiro ibigaragaza bikaranga ubumwe
bw'abarundi. Narakurikiye kandi reka ndabigarukeko ivy'uumukuru w'inama
nkenguzamateka yavuze. Harimwo ukuri kutari guke nibaza yuko gukwiye gufatirwaho
hanyuma tugasubira tukaraba yuko tutokwirimbura ku bijanye n'ubunwe bw'abarundi, tugasubira turavugana ukuri duti ntivyari bikwiye ko hatangura kuvugana ibintu kandi hakiriho abantu bitari mumutina wabo.
Barinzigo Julien : Mbega intwaro yokora iki?
Kobako Gaspard : Intwaro yosubira gukoresha inama y'abarundi ntibigarukire mu banyeporitike
gusa ariko vyoja no mu barundi bose no mu bwoko bwose Ati mbega abarundi ubwo
bumwe mububona gute?mbega ibiranga ubumwe nibiki?mbega nivyo vyaciye biranga
cagitabo ?
Nubu
sinovuga ko ataburiho Ariko buragoyagoya tuvuze ukobiri.Nibaza ko hakwiye
kuba ico kiganiro tugasubira tukakivugana kuko hariho imvugo y'abanyeporitike
duhora twumva canke dusoma kumbuga zabo ugasanga bariko baraharira nabi ubona ko ubumwe butarimwo.Niho umugambwe AND uhagaze kuko twebwe
mu ndinganizo yacu, mu migambi dufitiye igihugu turavuga duti abantu nibinjire
muri wo,mu bwoko bwose,mu budasa bwabo,mu ntara zose ariko ntibaze bitwaje uko
basa kuko iyo abantu basangiye umugambi ntibabanza kuraba ko afise izuru
ribaruye canke rifyase n'ibindi vya ndagutotora kuko harabantu bagute mimporera
kandi bari bazi ubwoko bwabo bar bahava basanga ni ubwo abandi baca barabizira.
Igice c'ikete ryandikiwe Perezida Petero Buyoya