'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Showing posts with label Progress. Show all posts

Wednesday, December 21, 2022

December 21, 2022

Ngo ntibatahura impamvu ubushikiranganji bubiri buvuguruzanya.

Nduwimana Claude ni umurundi aba mu gihugu ca Australiya avuga ko yari yumvise akamo k'umukuru w'igihugu gahamagarira abarundi baba mu makungu  kuza guterera mw'iterambere mu gihugu ca bibarutse. 

Nkuko abivuga ngo agashitse ngaha mu gihugu  yashinze ishirahamwe ryitwa UNGWANA  rihingura ibifungurwa. Mu vyo yatanguriyeko cari ikinyobwa citwa Ungwana wine  ni umuvinyu uhinguwe mu vyamwa vyo mu burundi ata n'ibivamahanga birimwo. Yarabikoze hari haheze imyaka itatu. Nkuko abandi babigira yaragiye muri   Agence de developpement du Burundi (ADB)  hanyuma arandikira ikigo kijejwe kugenzura akanovera BBN  arabamenyesha ivyo ashaka gukora bamurungika mu bushkiranjanji muvyo bujejwe harimwo amahingurira. Yarasubiye muri BBN gusaba uruhusha araheza arasigura ibizoba bikoze ico kinyobwa . Baramusaba gutanga ibisabwa nawe arabitanga munyuma baramugendera aho akorera baraheza baranatwara uturorero tw'ivyo akora imbere y'uko babishira kw'isoko barapima. BBN yaciye imuronsa icemeza ko iryo shirahamwe miri mu yemerewe gukorera mu gihugu.

Mu kwezi kw'icumi ngo BBN yabivugiye mu kivunga ko ayo mashirahamwe yahawe imisi 45 none ko hasigaye iminsi 3 yo gutunganya ivyo basabwa ariko ngo haronderwa amashirahamwe ahingura amatangawizi. 

Nduwimana Claude ngo yatangaye abonye haje abaporisi batandatu bashika batanga itegeko ko abazkozi bahari basoka maze bashirako amagufuri. Ngo muri urwo ruganda harimwo amarudipe atari make arimwo imivinyu iryo shirahamwe ryahingura . Ivyo ngo vyatumye abakozi barenga 70 baca babura akazi . Nduwimana ngo yahavuye amenya ko ishirahamwe arongoye ritari ku rutonde rw'amashirahamwe yemerewe guhingura ibinyobwa mu Burundi. Ngo yarituye ubushikiranganji bw'ubudandaji n'amahingurira bukabemerera ko bwiteguye kubugururira ariko ngo ibintu bipfira mu nzira.

Nduwimana Claude  iruhande yo guhingura imivinyu mu biterwa kama vyo mu Burundi yariko aragira ubushakashatsi bwo kubika ivyimburwa ku buryo bimara imyaka ibiri bikimeze nkuko vyimbuwe. Ivyo ni nk'ibiharage , amateke ibijumbu', isombe kuko mu gihugu c'Ubuganda hoho yaramaze gutangura ico gikorwa co kubibika no kubisohora hanze y'igihugu bikagurirwa mu makungu.

Hano mu Burundi, ubushikiranganji bw'uburimyi bukaba butamukundiye kuko ngo ivyimburwa atari ikirenga ahubwo bwamusavye kuzana imitahe yo kurima kugirango haboneke umwimbu mwinshi. Nduwimana Claude yaramaze kuzana imitahe mu burimyi ariko akagira amakenga kuko hashobora gufatwa ingingo zituma ivyo yimbuye adashobora kubisohora.
 
Mu ruganda bavuga ko ivyo bahingura atakange vyatowe ariko akanenge katowe ku nyubakwa. Bakibaza ko bategetswe gukura kw'isoko ivyo bahingura agahombo uzokariha na nyarirya bakora barahawe uruhusha n'ababijejwe. Baribaza impamvu ubushikiranganji butariko bubina kumwe. Ngo haragera igihe abahingura bene ivyo binyobwa babura ubushikiranganji bitura  kuko ngo harasohotse amkete menshi, intonde nyinshi zivuga amashirahamwe yemerewe  gukorera ku butaka bw'uburundi. Ikibazo baca bibaza ni uko igihe bemeregwa ababaha izo mpusha ntaburenganzira bene kuzitanga baribafise. Ngo ikindi batazi n'ikijanye n'amashirahamwe yemerewe aho yoyo yapimishije ivyo ahingura kuko ngo baherutse bose bapimishiriza mu kibanza kimwe.

Mu gihe havugwa ko amashiramwe yose ategerezwa kwimurigwa muri karitiye Aziyatike kandi ngo ishirahamwe ridashoboye kuriha ikori ringana rirenga canke ringana n'imiriyoni  50 z'amahera y'amarundi ngo ace yugara ngo reta izoba yibagiye ko atawuvuka rimwe ngo ace yuzura ingovyi.
Kuri ivyo vyose basaba umukuru w'igihugu ko yofatira ku civugo reta arongoye maze afashe ayo mashirahamwe yariko arakora mu guteza imbere igihugu ngo kuko bo ntibatiko baratahura ukuntu ubushikiranganji bw'amahinguriro n'ubudandaji buriko busa n'ubuvuguruzanya n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati.

Burundi-Tanzania : Habari njema

Akizungumuza kuhusu  ujenzi wa reli Uvinza- Gitega, Rais wa Jamhuri ya Muungano wa Tanzania Mhe, Samia Suluhu Hassan alitowa habari za faraja kwa wa rundi  na wa tanzania wote.

'' Nataka niwape habari za faraja, kwamba kuna mtu tayari ameshajitokeza. Anataka kujenga(kipande cha reli Uvinza-Gitega) atatumia pesa yake sio mkopo halafu tutakatana kwenye kusafirisha mali yake atapokuwa anasafirisha'' . 

Saturday, December 17, 2022