Saturday, July 27, 2024
Wednesday, August 30, 2023
Kamenge : Basaba ko abana babo barekurwa
Kamenge : Basaba ko abana babo barekurwa
Bujumbura, igenekerezo rya 30 Myandagaro, Gako News ( Blog) Masengesho Chouette w'imyaka 17 na Nininahazwe Pacifique barapfungiwe kuri zone Kamenge kuva ku muhingamo w'ejo . Abavyeyi babo basaba inyamiramabi N. Juvenal kubarekura kuko bashobora kuba bariko baragirirwa irementanya.
Nkuko bivugwa n'abahekereje abo bavyeyi kuri zone Kamenge uno musi mu gitondo ngo vyose vyatanguye ku migenderanire y'urukundo yari hagati ya Nininhazwe Pacifique na Mugisha Dorine kugeza naho uyo muhungu amuha isaha yamara abavyeyi biwe ntibabikunda. Inyuma yuko iyo saha imenaguriwe , Dorine agahambarigwa cane n'abavyeyi yaciye afata ingingo yo kuva muri uwo muryango usanzwe uba muri zone Gihosha , karitiye Nyabagere , cellule ya 3 ku ry'amatafari mugabo agenda yihaye isumu. Niko gutorwa n'umupfasoni Mugisha Ghyslaine yariko arahita kurya 14 mu Mirango ariko arayogwa ku mubari w'ibarabara. Uyu nawe akavuga ko ariwe yihamagariye kuri terefone se wa Mugisha Dorine amumenyesha ko yoza gutora umwana wiwe akaba ari nawe yiyemereye kuba icabona ko Mugisha Dorine yabonetse . Ghyslaine agatangawza n'ukuntu abo bana batararekurwa na nyarirya harimwo n'umuyabaga w'imyaka 17.
Abavyeyi ba Dorine bamaze ku mubura baciye bapfungisha wa Nininahazwe Pacifique, muhungu yahora akundanye na Dorine hamwe na Masengesho Chouette yahora ari umugenzi wiwe. Abavyeyi ba Masengesho Chouette n'abo kwa Nininahazwe Pacifique bamaze kumenya ko Mugisha Dorine yabonetse bihutiye kuri zone kugirango abana wabo bapfungurwe . Inyamiramabi zabahaye isango y'uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 isaha ziatatu z'igitondo . Gushika isaha zitandatu n'inusu z'umutaga z'uyu wa gatatu, OPJ N.Juvenal yabapfunze ntiyari bwa barekure. Akaba ngo yavuze ko abo bana bazanywe n'umukozi w'igendereza ko ari ivyo kwitondera . Mama wa Pacifique akavuga ko se w'umukobwa yahamagaye umupfasoni yatoye Mugisha Dorine ko yova aho kuri zone. Bikavugwako se wa Dorine ariko ararondera impapuro zo kwa muganga zo kwemeza ko Mugisha Dorine yafashwe ku nguvu.
Bukuru Leon na Nsengiyumva Virginie, abavyeyi ba Masengesho Chouette n'abo kwa Nininahazwe Pacififique basaba ko abana babo barekurwa atakirinze gusabwa kuko Mugisha Dorine bapfunzwe bagirizwa kubura irengero yamaze kuboneka kandi ari mu minwe y'abavyeyi biwe.
Monday, August 21, 2023
Aratakambira indongozi ngo zimutabare abariko baramunyaga.
Aratakambira indongozi ngo zimutabare abariko baramunyaga.
Bujumbura, igenekerezo rya 20 Myandagaro, Gako (Blog) Umupfasoni Gahimbare Eugénie aratakambira indongozi ngo zimukureko abariko baramunyaga itongo riri ku mutumba Nyarusagamba , zone Benga muri Komine Isare mu ntara ya Bujumbura.
Agira ati : ''Aha hantu duhagaze hari inzira yinjira mw'itonga hagati, mugabo mu 2016 hadutse abantu bamena amabuye. Musitanteri Gilbert yandikiye Niyonzima Stanislas ko yohagarika ibikorwa vyo kwimba amabuye mw'itongo ritari rwiwe''. Stanislas ntiyigeze yubahiriza iyo ngingo. Ku ruhande rwo hirya baraharima , bakahimba amabuye atacamira. Uwo hashika yobona ko ari akamaramaza''. Ivyo yabivuga aho kw'igenekerezo rya 17 Myandagaro yishikira kuri iryo tongo agasanga abantu benshi bariko barimba '' bamusahura ibikoresho vyo kwubaka amabarabara n'inzu''. Iki mubabaza cane ngo ni uko bamusahura bene umurango babona.
Abandanya avuga ko mu nyuma mu 2017 yaronse uwitwa Francois Nkurunziza yamusavye ko we n'abo barikumwe boharondera amabuye kuko bari babonye ko hariyo amabuye menshi nawe nk'umuntu atameneyereye gucuruza amabuye arabemerera ariko haheze imyaka ibiri havyuka kutumvika bivuye ko bariko bararenga amasezerano. Ubu asaba ko idosiye iri muri sentare isuburamwo imanza ya Muha aho haje abacamanza bavuze ko Niyonzima Stanislas itongo yoba aritsindiye mugabo batagiye ngo bamwereka aho acisha ari catumye hose bariko barahimba ko isubirwamwo''.
Umupfasoni Gahimbare amenyesha ko Musitanteri wa komine Isare azi neza iyo dosiye co kimwe na Buramatiri w'intara ya Bujumbura arico gituma bomukomoreza utwiwe.'' Abo bantu bishikira kure atawuzi ukuntu bagiyeyo ni ukuri babankureko. Ndi umuvyeyei kandi narabayeho neza sinipfuza rero kurangiza nabi kandi nabayeho neza. Hariho uwitwa Consolatte wewe ico yankoreye si igisanzwe. Yaraje ansaba inzira yo kwinjira aho yaguriye abatwa. Iyo nzira ni ukuri narayimuhaye amaze kuhashika yaciye avogera hose''.
Ku bijanye na koperative CTMDI yihaye gutunganya icukurwa ry'urukeri n'amabuye muri iryo tongo mugutoza ibihumbi bine kuri buri bene , Gahimbare avuga ko atayo azi. '' Narabajije nsanaga hariho abakora amanyanaga akomeye cane. Abo nyene ayo mazina navuze Consolatte Kwizera,Francois Nkurunziza n'abandi ntamenya bari muri koperative bayivuyemwo baca bashiraho ikindi kintu bahuriramwo. Kiretse amaserezano nagiranye na Consolatte Kwizera mu 2017 yaheze hanyuma arasubira kunsaba ngo yikorere akazi nahonyene ndayimuha mbaje kugira ingorane zikomeye kuko barangoye cane ndaheza ndavuga nti ntakundi ndibubigire , baragenda barakora mugabo mu nyuma nza kumenya ko hari uwundi bahaye amahera abaha amasezerano. '' turi mu kabezi niho nabonye ayandi masezerango yateweko igikimu n'umuntu yitwa Felix Hakizimana .
Arongera agahakana Felix Hakizimana ko atavuka mu muryango usigwa Ndikumana Aloys .''Uwo nawe ni umuntu yiyita ngo ni umuhungu wa Ndikumana Aloys, umugabo wanje. Twabanye mu 1977 yitaba Imana mu 1983 inyuma y'imyaka itandatu. Uyo muntu yari yaravutse. Ahaboneye amatongo araryoshe yaraje. Dufitaniye urubanza muri sentare y'intango Ntahangwa RCA 1499 yarondera ko aba umwana wo mu muryango . Murumva ko jewe ivyo ndimwo bidasanzwe . Afise imyaka 47. Niwe afatanya naba Fracois Nkurunziza, ba Kwizera Consolatte mu kunyaga utwanje. Ni benshi cane kuri uno mutumba tudacana uwaka mugabo muribo ntawuvuga ati uwo muvyeyi nabe mu vyiwe. Narahakoreye turikumwe n'umutama wanje, turikumwe n'uwahamugabiye . Uyu musi n'abarima utuntu twabo barabateye , itongo barihejeje kubera ko izo mburano zo muri Ntahangwa zitari bwahere .Sentare isubiramwo imanza ya Muha yarahagaritse abantu bose bimba amabuye ngaha kuri uyu mutumba . Babigize imisi ibiri gusa mugabo mu nyuma batandukira kwimba kandi.'' Nagira bantunganirize jewe ahahantu ndahabe mu mahoro''.
Ku kibazo giterwa na Felix Hakizimana avuga ko ari umwe mu bana bo mu muryango, umupfasoni Gahimbare avuga ko atigeze amumenya gushika mu 2011 aho yinjira muri sentare y'intango Isare . Ngo baramubwiye kubanza kumara imanza yafarise muri sentare ya Cibitoke hanyuma akabona kubaza ibijanye n'amatongo.
Gahimabre agira ati : '' Mwomfasha gute gutahura ingene jewe nagiranye amasezerano n'abantu incuro zibiri zikwiye neza mu nyuma bagahindukira bakaja kugiriranira amasezerano n'uwundi muntu atabubasha abifitiye?''. Muri ayo masezeranyo yateweko igikumu harimwo ayatagira ibiringo. Avuga ko Consolatte Kwizera,Francois Nkurunziza ,Ngakuriyo Jean Marie , Kwizera Oswalde na Ngendakumana Venant aribo bariko baracukura amabuye n'urucekebue kandi baserukira uyo muntu atazwi nabo nyene atamasezerano bagiraniye. Ariko Consolatte Kwizera na Francois Nkurunziza yari yarigeze kubereka aho bokorera amasezerano agikora. Ngo nabo nyene bararengeje cane aho yari yabahaye naho ngo imyaka bahanye itari bwahere.
Kuri iryo tongo bahimba urucekeri n'amabuye ko kubaka. Gushika isaha zitandatu abakozi barashobora kuba bujuje ibeni igurwa ibihumbi mirongo irindwi (70.000 fbu). Mu http://.kwezi bashobora kugurusha 1.750.000Fbu nkuko bivugwa na bamwe mu bacukura amabuye mugabo bakorera abandi aho ni mugihe nyeneho Gahimbare yaherutse sentare ihagarika ibikorwa vyose ariko Niyonzima Stanislas akabibandanya. Umukozi wese ahembwa kw'ibene imwe 18.000 fbu, hagatangwa ikori ry'ibihumbi bitanu (5.000 fbu) kw'ibine imwe.
Umwenegihugu aba aho kuri uyo musozi kandi akaba yaracunze iryo tongo igihe kitari gito avuga ko umupfasoni Gahimbare Eugénie ariko ararenganywa na Nzeyimana Stanislas n'umuhungu wiwe akora mu biro vy'umukuru w'igisagara. Agira ati : Uyo Niyonzima Sitanislas avuga ko yaguze ashaka gutwara n'ahatari ahiwe kuko atampapuro yigera yerekana yahaguriyeko''. Ngo kw'igenekerezo ry' 7 Myandagaro uyo Nzeyimana yarazananye n'umugungu wiwe akorera imirimo mu gisagara ca Bujumbura maze bashorera abakozi muri iryo tongo kwimba amabuye kandi guhereaigenekerezo rya mbere Ruhuhuma musitanteri wa komine Isare yari yarahagaritse ibikorwa vyose bikorerwa muri iryo tongo.
Umupfasoni Gahimbare Eugénie asaba abarongozi kwishikira kuri uyo mutumba birabire '' ako kamaramaza'' maze bagire ico bamufashije.
Tuesday, August 1, 2023
Asaba ko umugabo wiwe arekurwa
Asaba ko umugabo wiwe arekurwa
Ndavye amagorwa ndimwo, jewe ico nsaba ni uko boraba vy'ukuri uko vyagenze bagatunganiriza umugabo wanje, agataha akaza kumfasha kurera abana.- Ndayikengurukiye Aurene. Ibi abivuga ku musi mpuzamakungu wa hariwe abakenyezi b'abanyafrika igenekerezo rya 31 Mukakaro.
Nkuko vyiganwa n'umukenyezi wiwe ngo Shartiere ari asanzwe ari mu buruhuko i muhira mu muryango aho hagera ko asubira kuja mu bihugu bahora bajamwo kugarukana umutekano niko kurondera imodoka imufasha kuzana imare (isandugu y'agirikare) yarafise. Umuryango uhitamwo uwitwa Sengiyumva aturuka mu ntara aya Makamba akaba yari yubakanye na Nkunzimana Angeline bari basanzwe ari ababanyi. Nkunzimana akaba ubu ari umudandaza w'ibinyobwa vya Brarudi aho bita ku Nonzi aho nyane mu Kizuka.
Uwo bahamagara Sengi ntiyatevye kuvyemera. Bavuye mu Kizuka isaha zitatu z'igitondo.Bashitse mu nzira yarurije n'uwundi muntu ariko ngo uyo yahavuye aviviramwo mu nzira. Salatiere na Sengiyumva bashikiye muri karitiye Asiatique aho Salatiere yaguze ibikoresho vyo kubaka amushirira umuryango baca barasezerana. Ndayikengurukiye Aurene yagumye yibaza ko bose bagiye ku kazi ka misi yose. Bukeye niho Nkunzimana Angeline batazira Mama Tony yaza kumumenyesha ko Nsengiyumva atagarutse. Nkunzimana yaciye ahamagara kuri terefone umugabo wiwe amubwira ivyo bavuganye na Mama Tony maze Salatiere atangazwa n'ukubona Nsengiyumva atarashika i muhira kandi yamurungikanye ibikoresho vyo kubaka inzu ya mukuru we Dieudonne mu Rumonge n'ibifungurwa.
Igitondo gikurikira haje abaporisi bo kuri komine Rumonge bazanywe na Mama Tony maze basaba inomero za terefone za Salatiere . Nkunzimana arazibaha baciye bamusaba kubakurikira . Abo baporisi baranse ko ajana umwana yonsa w'amezi icenda, Elie Eloh YOZOFAYI. Abaporisi basiguye ko ata mwana apfungwa.Umupfasoni Ndayikengurukiye Aurene yapfungiwe kuri brigade indwi zibiri. Nkuko avyemeza Nsengiyumva ntiyasubiye kumubona n'iyo modoka ya gendesha ngaho mu Kizuka.
Manirakiza Salatiere aho ari ku kazi amaze kumva ko umugore wiwe apfunzwe yagize ngo ararondera ukuntu yoja kuraba umugore nawe aba arafashwe aca ajanwa gupfungirwa muri PSR.Manirakiza Shartiere yahavuye yungururizwa mw'i bohero rya Mpimba aho yaciriwe umunyororo wo guherayo yagirizwa ku nyuruza umuntu. Manirakiza Salatiere yaraherutse kuva muri Somaliya kugarukana umutekano ariko agahembo kiwe ntikashikiriye umuryano wiwe. Umupfasoni Ndayikengurukiye Aurene yemeza ko umugabo wiwe yarasigaje guhemwa imiriyoni indwi n'amajana atanu y'amafaranga 'amarundi (7500.000 Fbu) ariko ataronse n'urutoboye kandi umuryango utokubahuka abayariye uravye ipete bafise mu gisirikare. Ahubwo ngo yaratewe ubwoba bimwe bikomeye ku buryo no kuja kuraba umugabo bisa nko kwiyahura.
N'umubabaro mwinshi ngo yibukana ivyo yaboneye muri Brigade ya Rumonge apfunzwe atazi ico azira inyuma y'ugutandukanywa n'uruyoya rw'amezi icenda agira ati : ''Ndavye amagorwa ndimwo, jewe ico nsaba ni uko boraba vy'ukuri uko vyagenze bagatunganiriza umugabo wanje, agataha akaza kumfasha kurera abana''.Mu gusaba ko umugabo wiwe yo rekurwa avuga ko yapfunzwe hakoreshejwe irementanya. Nk'umukenyezi ngo ntiyashoboye gukurikirana dosiye yakozwe vyihuta cane igakorwa n'abantu basa n'abatoroshe. Yongerako ko abakeneyezi iyo hadutse ingorane nkizo baburagizwa, bagahohoterwa na cane cane iyo ari abantu baciriye hagufi kuko ngo Nkunzimana Angeline yakoresheje uwumubaranira na nyarirya urubanza rwabera kure yaho bose basanzwe baba.
Bamwe mu basirikare bakorana na Salatiere batashimwe kwivuga izina bemeza ko iremenetanya nkiryo rihora riba mu gisisriakare ku gira ntusubira kuja ku rutonde rw'abarungikwa kuja kugarukana umutekano. Ivyo bikaba vyabaye sAlateiere yagira asubireyo ubigira gatatu. Muri kino gihe ngo n'ugiye kurondera dosiye yiwe ngo ntayironkaa.
Manirakiza Salateiere atunzwe no gukora ibikonkwane hamwe n'ikiyede. Asaba ko umugabo wiwe arekurwa batazira Mama Tony yemeza ko ica mwemeje ko ari Manirakiza Salateiere yanyuruje umugabo wiwe ari uko yamuhaye akazi kandi ko hariho n'amafaranga ibihumbi amajana atanu (500.000) y'amarundi Salatiere yaramufitiye atari bwamusubize.
Ndayikengurukiye Aurene avugako haciye amezi atatu Nkunzimana Angeline batazira Mama Tony amurungikiye abagore babari, umwe muribo yitwa Zera, bazanye ubutumwa bumumenyesha ko yokwitegura kuko umugabo wiwe ari mu kuva mu gasho. ubwo butumwa bukaba bwaramutangaje na nyarirya uwo Nkuzimana amaze kwiyemerera ko umugabo wiwe Nsengiyumva atari irya mbere agenda atawuzi iyo ari mu nyuma akagaruka.
Friday, December 23, 2022
Umuvugabutumwa Mapendo ati : " Naho bakoze amakosa si abo guheba''.
UmuvugabutumwaMapendo ati : " Naho bakoze amakosa si abo guheba''.
Umuvugabutumwa w'umurundikazi aba mu gihugu c'Ububirigi Mapendo Anne Marie avuga ko naho abanyororo bakoze amakosa si abo guheba kuko ngo n'abatari mu mabohero barakora amakosa ushobora gusanga aruta n'ayo abari mu mabohero.
Bukeye Mapendo abicishije ku nsamirizi Voix d'espoir yarateye akamo abarundi bose ko abantu bari mu mabohero naho bakoze amakosa atari abo guheba kuko ngo hariho n'abandi badapfunzwe mugabo bakora amakosa aruta ayakorwa n'abari mu mabohero. Inyuma yako kamo, Mapendo yemeza ko abantu benshi bariko baritanga. Bamwe batanga ifungurwa abandi bibiriya. Mapendo akaba abishima cane. Asaba abarundi kwitaho abanyororo kuko na bonye baguma ari ibiremwa muntu.
Ngo inyuma yo gukora ibikorane vyo kubohoka, abantu benshi bavyitabiriye barabohotse cane cane ibijanye no kwisambanya no gusambana n'ibidayimoni mw'ijoro. Mapendo akaba ashima cane ico gikorwa Imana yakoze ariko akababawza cane n'ubuzima abanyororo babayemwo.
Aha twokwibukanaya ko umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie yaciye aja mu gihugu ca Tanzaniya kuvuga ubutumwa akaba yaramaze kugaruka ngaha mu Burundi yitegurira kuja mu gihugu ca Malawi muri ico gikorwa co kuvuga ubutumwa.

Thursday, December 22, 2022
Urgent : Rebondissement dans l'affaire de la tentative de destitution de l'Administrateur de la commune Nyanza-Lac.
Urgent : Rebondissement dans l'affaire de la tentative de destitution de l'Administrateur de la commune Nyanza-Lac.
Le secrétaire communal du parti CNDD-FDD est libre depuis ce mercredi. du parti de l'aigle, Thaddée ont été libérés. Le même jour, des sources concordantes parlent d'un refus presque cathéorique de répondre à
l'invitation du secrétaire provincial du parti CNDD-FDD. Ces mêmes sources évoquent uniquement 26
personnes qui ont été constatées sur place.
du conseil communal et ex-administrateur de commune limitrof de deux pays et peuplée à l'instar de la province Cankuzo,la Commune Nyanza-Lac. Cette tentative avait eu lieu quand le secrétaire provincial de ce parti était en mission . Dans ces derniers jours, il s'obesrve un climat de méfiance entre les membres du parti au pouvoir a regreté un memebre qui a gardé l'anonimat.

Le secrétaire communal du parti CNDD-FDD est libre depuis ce mercredi. Wednesday, December 21, 2022
Ngo ntibatahura impamvu ubushikiranganji bubiri buvuguruzanya.
Nduwimana Claude ni umurundi aba mu gihugu ca Australiya avuga ko yari yumvise akamo k'umukuru w'igihugu gahamagarira abarundi baba mu makungu kuza guterera mw'iterambere mu gihugu ca bibarutse.
Mu gihe havugwa ko amashiramwe yose ategerezwa kwimurigwa muri karitiye Aziyatike kandi ngo ishirahamwe ridashoboye kuriha ikori ringana rirenga canke ringana n'imiriyoni 50 z'amahera y'amarundi ngo ace yugara ngo reta izoba yibagiye ko atawuvuka rimwe ngo ace yuzura ingovyi.