Umuporisikazi yaturije amarike umuporisi mugabo wiwe
Bujumbura, igenekerezo rya 19 Kigarama,2025, Gako News, Blog Inyuma yo guturizwa amazi ashushe n'umukenyezi bubakanye , bose ari abaporisi, ishirahamwe Abagabo mu gahinda riratera ivyatsi ubwo bugizi bwa nabi bwakozwe n'uuwujejwe gukingira abantu.
Nkuko vyandikwa n'ínyamiramabi OPJ Bitangimam Felix mu cegeranyo ngo hari mu bucagucagu bwo ku musi wa kane , igihe c'isaha cumi n'imwe z'igitondo aho umuporisikazi Suavis Nshimirimana,CAP 0620 yasuka amazi ashushe ku mugabo wiwe asanzwe nawe ari umuporisi, Nihorimbere Pierre , CAP0450 . Ivyo bikaba vyabereye muri karitiye Nyabagere, zone Gihosha muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura,
Boniface Nduwimana arongoye ishirahamwe Abagabo mu gahinda aratera ivyatsi ubwo bugizi bwa nabi na cane cane bukozwe n'uwarajejwe gucungera umutekano abantu. Abagize iryo shirahamwe bakazogendera kuri uyu wa gatandatu uyo muporisi yaturijwe amazi ashushe aho agwariye mu bitaro bimwe ngaha mu hisagara ca Bujumbura.
Inyamiramabi zikihashitse zasavye nyene gukomereka kuja kwivuza mu gihe zaciye zitanguza amatohoza ku catumye abubakanye kandi bajejwe umutekano bose bagera kugwego two gikomerekanya hakoreshejwe amazi ashushe.
Ntagihe giheze muri iyo karitiye nyene umugore agandaguye umugabo wiwe akoresheje ibuye . Uwundi muporisikazi nyene yari yateguye kugendagura umugabo wiwe. Abo bagore babarizwa mu mpimba.
e
No comments:
Post a Comment