'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, December 8, 2022

Ngo Petero Hakizimana apfunzwe yagirizwa gushikiriza ijambo imbere y’umukuru w’igihugu

Ngo Petero Hakizimana apfunzwe yagirizwa gushikiriza ijambo imbere y’umukuru w’igihugu

Inyuma yo gupfungirwa mu gasho ka komisariya y’igiporisi ku murwa mukuru w’intara ya Makamba yahavuye ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rya Murembwe haraciye amezi indwi ntararengutswa kuburana. Ngo Petero Hakizimana apfunzwe yagirizwa gushikiriza ijambo imbere y’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye.

Petero Hakizimana ni umwenegihugu avuka ku musozi Nyankara, zone Nyange mu ntara n’ikomine Makamba. Abavyeyi biwe barahungiye mu gihugu c’Urwanda hanyuma se wiwe aritaba Imana. Mu guhunguka yagarukanye na mama wiwe . Ubu aba ku murwa mukuru w'intera ya Makamba. Mu rusengero rwa Vivante asengeramwo bamufata nk’imboneza mw’iterambere. Yarashinze amashirahamwe, yaranashoboye gusaba imfashanyo  y'imiriyoni cumi na zitanu (15.000.000 fbu) mu buserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu  Burundi. Uyo mugambi ntiwabandanije kuko abapasitori basengera hamwe muhavuye bamusaba ko bogabura umwe wese agakora utwiwe aravyanka ariko baruhira ku mugondoza.

Kw’igenekerezo rya 26 Rusama, umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye yaragendeye intara ya Makamba. Mu gihe yaha ijambo abenegihugu ngo bashikirize akari ku mutima, Petero Hakizimana yarahawe ijambo niko kuvuga ibikorwa ariko arakora ariko amenyesha ko rimwe narimwe babura ababashigikira bo mu ntwaro. Ijambo ryiwe ryarashitse ku nyota umukuru w’igihugu aranamukeza. Perezida Varisto Ndayishimiye yaciye anegura abarongozi badakurikirana abo bajejwe mu migambo yabo yo kwiteza imbere. Yagiriyeko ategeka Pius ajejwe ivyo iterambere mu ntara gukurikira ibikorwa birangurwa na Petero Hakizimana anamufashe kuronka impapuro zimuranga mu vyo akora.

Umukuru w’igihugu yapfuye gukura ikirenge, Petero Hakizimana yatanguye guterwa ubwoba n’abantu atamenye bamwagiriza ko atari kuvugira imbere ya sebarundi amajambo anegura abatware baho asanzwe aba.

Nkuko bivugwa na Ndayishimiye Dodine umukenyezi wa Petero Hakizimana ngo umunega wiwe ntiyatevye kuja gusaba impapuro zomuranga mu vyo akora. Ngo ntiyorohewe kuko baguma bamujuragiza bamubarira ko uwusinya izo mpapuro atahari.


Ngo yamahagawe na Pius kuri terefone ngendanwa ko yonyaruka gutora rwa rupapuro ko rwabonetse. Bugingo yarahashitse ngo haciye hinjira umuntu wo mw’iperereza maze yibutsa Petero ivyo yavugiye imbere y’umukuru w’igihugu aca agirako asaba amapingu yo kumuboha maze acajanwa gupfungirwa muri komisariya y’igiporisi. Ngo icatangaje Petero ni uko yasanze yagirizwa ubunyonyezi ngo yoba yagize mw’ishirahamwe yarasangiye n’abantu 29 yahora ahemba amafaranga ibihumbi mirongo itanu ( 50.000 fbu) ku kwezi noneho ngo yoba yanyuruje imiriyoni 28 y’amafaranga y’amarundi (28.000.000 fbu). Ngo yoba anazira kandi  ko asa n’umuntu akerebutse mu vyo iterambere maze akagirigwa ishari n’abagenziwe.

 

Mw’ishirahamwe Fount Education International, rimwe mu yo bakorana na Petero Hakizimana rifise icicaro mu Bubirigi rifise n’ibikorwa ngaha mu Burundi bavugako bamushigikiye mu gutanguza imigambi imwe imwe kandi batigeze babona ubunyonyezi na bumwe yakoze.


Ku girango amatohoza abandanye neza, ngo yahavuye yungururizwa mw’ibohero rya Muremwe ryo mu ntara ya Rumonge kandi nubu ntararengutswa ngo aburane na rimwe.Ndayishimiye Dodine asaba abomufasha kuburanira umugabo wiwe kuko ngo ariko arazira irementanya akoregwa kubera yashikirije iciyumviro imbere y’umukuru w’igihugu mugabo coba kitanezereje  bamwe mu batware mu ntara ya Makamba. 

Ivyo umukenyezi Ndayishimiye Dodine akaba yabishikirije mu gihe hasigaye umusi umwe umwe ngo duhimbaze umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu.

No comments: