Ngo Petero Hakizimana apfunzwe yagirizwa gushikiriza
ijambo imbere y’umukuru w’igihugu
ku murwa mukuru w’intara ya Makamba yahavuye ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rya
Murembwe haraciye amezi indwi ntararengutswa kuburana. Ngo Petero Hakizimana apfunzwe yagirizwa gushikiriza ijambo imbere y’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye.
Petero Hakizimana ni umwenegihugu avuka ku
musozi Nyankara, zone Nyange mu ntara n’ikomine Makamba. Abavyeyi biwe barahungiye
mu gihugu c’Urwanda hanyuma se wiwe aritaba Imana. Mu guhunguka yagarukanye na
mama wiwe . Ubu aba ku murwa mukuru w'intera ya Makamba. Mu rusengero rwa Vivante asengeramwo bamufata nk’imboneza mw’iterambere.
Yarashinze amashirahamwe, yaranashoboye gusaba imfashanyo y'imiriyoni cumi na zitanu (15.000.000 fbu) mu buserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi. Uyo mugambi ntiwabandanije kuko abapasitori basengera hamwe muhavuye bamusaba ko bogabura umwe wese agakora utwiwe aravyanka ariko baruhira ku mugondoza.
Kw’igenekerezo rya 26 Rusama, umukuru w’igihugu
Varisto Ndayishimiye yaragendeye intara ya Makamba. Mu gihe yaha ijambo abenegihugu
ngo bashikirize akari ku mutima, Petero Hakizimana yarahawe ijambo niko kuvuga
ibikorwa ariko arakora ariko amenyesha ko rimwe narimwe babura ababashigikira bo
mu ntwaro. Ijambo ryiwe ryarashitse ku nyota umukuru w’igihugu aranamukeza. Perezida
Varisto Ndayishimiye yaciye anegura abarongozi badakurikirana abo bajejwe mu
migambo yabo yo kwiteza imbere. Yagiriyeko ategeka Pius ajejwe ivyo iterambere
mu ntara gukurikira ibikorwa birangurwa na Petero Hakizimana anamufashe kuronka
impapuro zimuranga mu vyo akora.
Umukuru w’igihugu yapfuye gukura ikirenge, Petero
Hakizimana yatanguye guterwa ubwoba n’abantu atamenye bamwagiriza ko atari
kuvugira imbere ya sebarundi amajambo anegura abatware baho asanzwe aba.
Nkuko bivugwa na Ndayishimiye
Dodine umukenyezi wa Petero Hakizimana ngo umunega wiwe ntiyatevye kuja
gusaba impapuro zomuranga mu vyo akora. Ngo ntiyorohewe kuko baguma
bamujuragiza bamubarira ko uwusinya izo mpapuro atahari.
Ngo yamahagawe na Pius kuri terefone ngendanwa ko yonyaruka
gutora rwa rupapuro ko rwabonetse. Bugingo yarahashitse ngo haciye hinjira
umuntu wo mw’iperereza maze yibutsa Petero ivyo yavugiye imbere y’umukuru w’igihugu
aca agirako asaba amapingu yo kumuboha maze acajanwa gupfungirwa muri
komisariya y’igiporisi. Ngo icatangaje Petero ni uko yasanze yagirizwa ubunyonyezi
ngo yoba yagize mw’ishirahamwe yarasangiye n’abantu 29 yahora ahemba amafaranga ibihumbi mirongo itanu ( 50.000 fbu) ku kwezi noneho ngo yoba yanyuruje imiriyoni 28 y’amafaranga y’amarundi
(28.000.000 fbu).
Ngo yoba anazira kandi ko asa n’umuntu akerebutse mu vyo iterambere maze akagirigwa
ishari n’abagenziwe.
Mw’ishirahamwe Fount Education International, rimwe mu yo
bakorana na Petero Hakizimana rifise icicaro mu Bubirigi rifise n’ibikorwa
ngaha mu Burundi bavugako bamushigikiye mu gutanguza imigambi imwe imwe kandi
batigeze babona ubunyonyezi na bumwe yakoze.
Ku girango
amatohoza abandanye neza, ngo yahavuye yungururizwa mw’ibohero rya Muremwe ryo
mu ntara ya Rumonge kandi nubu ntararengutswa ngo aburane na rimwe.Ndayishimiye Dodine asaba abomufasha kuburanira umugabo wiwe kuko ngo ariko arazira irementanya akoregwa kubera yashikirije iciyumviro imbere y’umukuru
w’igihugu mugabo coba kitanezereje bamwe mu batware mu ntara ya Makamba.
Ivyo umukenyezi Ndayishimiye Dodine akaba yabishikirije mu gihe hasigaye umusi umwe umwe ngo duhimbaze umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu.
No comments:
Post a Comment