'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Friday, December 30, 2022

Ikiyago : Nguko uko umukuru w'igihugu yishuye

Ikiyago : Nguko uko umukuru w'igihugu yishuye 

''Nta ndongozi nimwe ishobora kwiba umuriyoni n'umwe . Dufise amategeko yugaye.'' -Umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye.

Mu kiganira umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye yatangiye mu ntara ya Muyinga uno musi kw'igenekerezo rya 30 kigarama 2022 yatanze inyishu ku bibazo vy'abamenyeshamakuru n'abenegihugu ku buzima bw'igihugu.

Ku bijanye n’ivyegeranyo vya sentare mpuzamakungu CPI bishobora gutuma abantu bamwe batatwa iyo bari mu bikorwa mu makungu, umukuru w’igihugu avugako ivyo vyegeranyo bitaraba Uburundi kuko butakiri muri iyo sentare. Agira ati: ‘’ Nta kintu kibaho kitagira amategeko’’. Yemezako uwuzofatwa kubera ingingo y’iyo sentare bizoba biturutse ku mwumvikano muke uri hagati y’igihugu aturukamwo n’ico yafatiwemwo.

Akivuga ivyegeranyo , yavuze ku ngingo ya sentare ya afrika yo mu buseruko EAC yemejeko ikiringo ca gatutu ca nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza ko kitari giciye mu mategeko yishuye ko ata rwandiko iyo sentare iramushikiriza. ‘’Jewe simpahamuka, muze muramenya ivya poritike’’. Ngo abacamanza b’ahandi barashobora guca imanza kugira bahahamure abantu.

Ku bijanye n’amatongo , yavuze ku matongo  yegereye ikirimba c’umukuru w’igihugu. Ngo hari indongozi zaciye zihutira kugura amatongo aho hantu. Yemeye ko abenegihugu bazokubakirwa ikigwati bakazosanga inzu zabo zuzuye. Umukuru w’igihugu yavuze ko kubera umutekano abantu baba muri ico kibanza bategerezwa gukinjura. Nayo abaguze ayo matongo ngo ni abatovyi bakwiye kuwunywa naho urura.

Yishura ku bijanye n’ibiciro, Perezida Varisito Ndayishimiye ati:’’ Ntivyoroshe gutwara abarundi.Muza murakinana bukebuke’’. Yaciye atanga uturoreo tw’ibiciro mu bihugu bihana imipaka n’Uburundi ahubwo ahamagarira abarundi bose gukora bivuye inyuma. ‘’Nisoromera iwanje’’ . Yasavye abarundi kugwiza umwimbu no kurima ibintu binyaruka kwera.

Abamenyeshamakuru bamubajije ko indege Falcon 50 yoba yaraguzwe canke ikoswe, yishuye ko indehe Falcon 50 iri i Madride mu gihugu ca Esupanye kandi ikibazo c’ubuhinga ifise kitaratora umuti. Ngo basanze yoza gukoregwa mu bwongereza. Ngo ayo yaba yaraciye nayo ngo usanga ari musi y'ayazorihwa aho ahigaze. Ku bijanye n’ingendo nyinshi agira zoba zitwara uburyo bwinshi, yemeje ko akenshi abakunzi b’Uburundi batanga indege irerura umukuru w’igihugu.

Ku mashirahamwe Onatel na Regideso, umukuru w’igihugu asaba abatwara regideso kutariha ico batumye gukora kitarakorwa.Onatel yo ngo ni uguhindura abakorayo bose hakaza abandi bashasha bakiri bato bashobora gukora ku buryo mu myaka itanu gusa iryo shirahamwe rikoramwo abazi kurya umutahe n’inyungu rihembe abakozi baryo, rihembe n’abakukuruke ryongere reshikane no mu kigega ca reta umwimbu.

Kubijanye n’impapuro z’inzira zitaboneka, umukuru w’igihugu yahaye ijambo umushikiranganji w’intwaro yo hagati. Maritino yavuze ko bagize ingorane n’amakomande. Udutabo bakoresha ngo twarabaheranye ningoga kuko kubera abarundi baja muri Serubiya na  Arabiya hakoze twinshi kuruta uko bari bavyiteze. Ngo bibaza ko udutabo 50.000 tuzokora imyaka 2 canke 3 ariko twamaze amezi atandatu gusa. Yijeje abarundo ko mu ntango z’ukwezi kwa mbere bizoba vyasubiye mu buryo. Kugira ngo bagwanye aba komisiyoneri, abaporisi batari bake bahora bakora kuri PAF barahinduriwe ibibanza.

 

No comments: