'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, December 29, 2022

Amatohoza yatanguye kuri musitanteri wa Komine Nyanza-Lac

 

Amatohoza yatanguye kuri musitanteri wa Komine Nyanza-Lac.

Musitanteri wa komine Nyanza-Lac yo mu ntara ya Makamba , umupfasoni Iradukunda Mariya Goreti ni umwe mu ndongozi  zititabiriye igisabisho co gukengurkira Imana catunganijwe n'umuryango w'umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye hariya i Vumbi mu ntara ya Kirundo. Uyu mupfasoni ariko yitaba abakuru b'inzego zitandukanye bairiko bamugirako amatohoza.

Mu gihe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 kigarama isaha zibiri z'igitondo yitavye umutahe w'umushikirizamanza mu ntara ya Makamba ku mvo z'amatohoza, uno musi wa kane igenekerezo rya 29 kigarama yoba yategerezwa kurenguka mu nzego zijejwe kurwanya igiturie i Bujmbura.

Ivyo bibaye inyuma y'ukwezi kumwe ahatswe gukurwa mu mabanga na bamwe mu bagize inama mpanuzwajambo ya komine aho yari kubogorezwa rimwe n'umukuru w'iyo nama. Inyuma y'iryo geragezwa , umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD ku rwego rwa komine , Tadewo Ndikumana yarakuwe muri ayo mabanga, akurwa no mu mugambwe yahora aserukira agirako arapfungwa akaba aherutse kurekurirwa hamwe n'uwahoze ari musitanteri w'iyo komine, Joyani Kraudio Nduwimana.

Mu nzego za komine abahegereye baravuga ko hari icuka kibi kuko nk'inama iheruka gutumwako n'uwurongoye inama mpanuwzajambo hitavye abari ku rushi abasigaye ngo boba bahiga ku menyesha ko batacizigiye ababarongoye.

Twokwibuka ko uyu mwaka abasitanteri 6 bakuwe mu mabanga yabo , umwe wo muri komine Musigati niwe yavuze ko atanze imihoho ariko ngo yari yakuwe yagirizwa kunyonora  amatungo ya Komine.

No comments: