'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, December 10, 2022

Abarongoye SRDI barahakana ivyo bagirizwa n'abenegihugu b'i Buringa

 


Abarongoye SRDI babicishije ku kadirisha ko gutumatumanako amakuru kari kuri Blog yaciyeko inkuru ivuga imyidogo iri mu benegihugu b'i Buringa aho bagiriza umuyobozi wa SRDI ko abarandurira imirima iteye ku madige yandika ko bo  ''bakwerikije amategeko mu kumenyesha abo bakorana ko ibi na biriya bibujijwe nkuko amategeko abivuga '' bagatangazwa n'ukumva ngo umuyobozi mukuru wa  SRDI ''yakoze ibi na biriya''. 

Abo barongozi baranabaza ko kurima kw'idige vyemewe  umuntu aravye n'ibikwirikira kurima mw'ibarabara. Bemeza ko amatangazo yacishijwe mw'isengero no mu ntwaro biravugwa . Ngo no ku makoperative vyaravuzwe .

Barameza kenshi birigwa ku rubu mu bikorwa vyo gufasha abarimyi ko ero uwobarondera  ariho yobasanga ngo  ''bafashanye kubaka igihugu mu guharanira inyungu za benshi apana z'umuntu umwe''

Tukaba dushimiye abo barongozi ba SRDI kubona bishura abo bajejwe gutunganiriza mu ntumbero nziza yo ''kubaka igihugu hisunzwe inyungu za benshi''.

No comments: