Chris : ‘’Arya ni amabuye bariko barantera’.’
Bujumbura,
igenekerezo rya 25 Mukakaro 2026, Gako News -Blog Mu gihe abantu
barenga 200.000 bitabiriye igikoane Kanguka, abarenga 5.000 bagafata ingingo yo
guhinduka, 8 bakitaba Imana biturutse ku misunikano, 9 bagakomereka hanyuma
bagakira bose, Chris Ndikumana avugako umuryango kanguka witayeho ababuze n’abakomeretse
kandi ko ataje kwisigura ariko yibutsa ko ibiriko biba vyari vyarabaye kandi ko
Shetani ishaka gusamaza abantu ngo hibagirwe ibitangaza vyakoretse.
Nimwatangura kuzazanirwa, mugatangra gucika intege nashaka ndabasabe mwibuke ivyo Ndiho ariko arakora muri kino gikorwa ca Kanguka.- Chris Ndikumana
Inyuma y’indwi imwe iheze habaye igikorane ‘’
gikomeye mu vyari bimaze kuba mu Burundi’’ gitunganijwe n’umuryango Kanguka havugwa vyinshi hakandikwa vyinshi harimwo n’ibitutsi nkuko bivugwa na Chris Ndikumana.
‘’Twagiye
kumva inkuru mbi mu nyuma yuko hari abantu batashe bagira isanganya,
baragundana, ba,ze baragwa, bamwe barakomereka , abandi barahasiga
ubuzima.Twarasengeye iyo miryango, twaragerageje kurondera ababuze , turababa
hafi, turafata mu mugongo uko dushoboye, kandi n’ubu trakomeza gusengera
imliryango yigumye.Ico dushoboye cose turagikora. Nkuko nabibabwiye ibihe nkibi
birashika. Nabawiye ko ari isanganya kandi muri bibiriya vyigeze gushika ‘’.
Uyu
muvugabutumwa atanga akarorero k’abami babiri muri bibiriya : Dawudi
yigeze gutaha bavuye mu ntambara batsinze ariko bashitse muhira basanga
igisagara bagituriye baja abagore n’abagabo. Ngo bararira gushika naho babura
inguvu zo kurira.
Chris
avuga ko uko abantu bameze ari uko iyo habaye ibintu barondera
uwo babibatako. Muri ico gihe baciye batora amabuye ngo bayatera Dawudi. Uyo
nawe ngo yariremesheke kubera Imana yiwe. Na Musa igihe cose habaye
ingorane mu bubaragwa akasa bayata kuriwe. ‘’Abantu bariko barantuka arya ni
amabuye bariko barantera. Bantera amabuye bashaka kunyagiriza i,fpu zabo bantu
ariko murazi ko ari isanganya ryabaye nkuko iceheranyo
cabivuze kandi sinje ngaha ngo nisigura ariko ndabibutse ko abantiu
boreka gusamara kuko ikintiu Shetani ashaka kutudusamaza twibagire
Ivyo Imana yakoze uriya musi w’igikorane’’.
Ngo
ubu umuryango Kanguka uriko urahamagara abantu barenga 5.000 basavye
guisengerwa . Iyo ngo ni intsinzi Shetani adashaka. Umuntu wese yabuze umuntu
ariko hari ikintu Kanguka yakoze mu kumufata mu mugongo.
Matayo
11,5 ivyabaye kurio Yohani Batista yari umugabo akomeye ariko ntavyabujije ko
umwami amupfunga hanyuma agacibwa umutwe. Yamaze kuzazanigwa Yohani yatumwe
abigishwa ba Yesu Kristu baje kumuranba mw’ibohero kumubaza nima ariwe bari
biteze canke bategerezwa kurindira uwundi . Nkuko bisigurwa na Chris
ngo Yohani ntiyumva igituma ariko arakora igikorwa c’Imana mugabo agapfungwa.
Genda mubiwire Yohana ivyo mwumva nivyo mu bona.






.jpg)
.jpg)
.jpg)
.jpg)

















