'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Showing posts with label Amadini. Show all posts
Showing posts with label Amadini. Show all posts

Thursday, November 2, 2023

November 02, 2023

Rwanda : Umuvugabutumwa Mukakiraba Félicité yitavye Imana

Rwanda : Umuvugabutumwa Mukakiraba yitavye Imana.  

Bujumbura, igenekerezo rya 2 Munyonyo, 2023 Gako news (Blog) Kuri uyu wa 1 Munyonyo 2023, yari inkuru y'umubabaro  mu '' baturagi'' cane cane mu bayoboke b'urushengero Holeb Briht Church aho vyamenyekana ko umuvugabutumwa -BISHOP- Mukakiraba Félicité  yitavye Imana inyuma yaho yaramaze imisi akitswe n'amagara. 

                                                     Umuvugabutumwa    Mukakiraba Félicité

Mukakiraba yararongoye urushengero Holeb Bright Church ruri mu karere Nyamirama, District Kayonzi mu gihugu c'Urwanda. Ni ku birometero 87 uvuye mu gisagara ca Kigali. Uyu '' mushumba '' yarazwi cane muri ako karere kuko yarafise uburambe mu kurongora amashengero kandi akaba yaranafashijije abantu benshi mu vyo kwemera Imana no muvyo kubaho na nyarirya yatanga ivyo atunze atitangiriye itama nkuko vyemezwa n'abakristo bo muri urwa rushengero. 

Mu kwezi kwa gatandatu 2023,
umuvugabutumwa Mukakiraba Félicité  yaratumiye mugenziwe Mapendo Anna Marie asanzwe aba mu gihugu c'Ububirigi mu gikorane c'ivugabutumwa cabereye ngaho kuri urwo rushengero kikaba camaze imisi itatu. Mapendo yaherekejwe n'umupasitori Niyonzima Pierre Claver wo mu rushenegero Eglise du Rocher  Ku musi wanyuma w'igikorane - igenekerezo rya 21 Rusama 2023-  Mapendo Anne Marie yagize  ati : '' Imana yacu ntimenyerwa. Imana yacu irikwije, ntamuhanuzi ifise, ikubwiye ku gendera muri A ni A, igutegetse kugendera muri B ni B''. Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 2 Munyonyo 2023, Mukakiraba yaraye yitavye Imana Dukuzeyesu Esperance, umudikonikazi wo muri Holeb Briht Church ati: '' Data ari ku murimo kandi yisubije uwe, natwe tuwuriko mudusengere''. 

Saturday, August 19, 2023

August 19, 2023

Umukobwa w'inyagano niwe yatumye Namani akira imibembe

Umukobwa w'inyagano niwe yatumye Namani akira imibembe.

Umukobwa mutoya w'inyagano niwe yabwiye inabuja ko sebuja, Namani, umukuru w'ingabo w'umusiriya  ko yopfa gusa kuja kubonana na Elisha ko yokira imibembe yiwe. 

Bujumbura, igenekerezo rya 19 Myandagaro, Gako News (Blog)

Mu rugendo rw'ivugabutumwa arimwo mu Burundi, Congo na Tanzaniya, umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie agarutse avuye muri Kongo yahereye ku gufasha abafise amaikoro make. Ni muri iyo ntumbero ku wa gatandatu igenekerezo rya 5 Myandagaro, umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie, umurundikazi asanzwe aba mu gihugu c'Ububirigi abicishije mw'ishengero Vivante ryo muri Zone Minago yatanze ifashanyo ku miryango 15 yo muri zone Minago , Komine n'intara ya Rumonge.

Mapendo Anne Marie yavuze ko mu rugendo arimwo rw'ivugabutumwa hari umuryango uba muri Amerika Lumande Joseph na Lumande Estella wamutekereye amazi none yipfuje gusabikanya n'iyo miryango agaceri n'uduharage abivunje muri ayo mazi yo kunwa.

Ahejeje gutanga iyo mfashanyo yarabananye akanya agatoya n'uwurongoye umutumba Minago aho yamutuye ikibazo c'abana bantahonikora 65 bakeneye ibokoresho vy'ishure.

Avuye muri ako kabonano yaciye aduga muri Komine Burumbi, ku musozi Rutwenzi aho yarongoye amasengesho imbere y'abapasitori barongoye urwo rushenegero muri ako karere. Ijambo ry'urufatiro ryari '' Agasembwa''. Mu nsiguro yatanze yavutse ko yahawe igikorwa co gutegura ''umugeni wa Kristo''.  Umukuru w’ingabo w’umusiriya, ari we Namani, arakizwa indwara iteye ishishi inyuma y’aho Akisirayelikazi gaseruriye iciyumviro c’uko yoja kubonana na Elisha. Ngo umuntu ashobora gukora ibikorwa vy'Imana ariko afise agasembwa. Imibembe mu mvugo y'impwemu bisigura icaha. Mapendo ati : '' Abantu barashobora kuvuga bati uriya mu mama ni umuvuga butumwa ariko....,urya mugore ni mwiza ariko ari n'urusaku,urya mugore ni mwiza ariko arimana,urya mugore ni mwiza ariko arabesha,urya muririrmvyi ni mwiza ariko arasambana,urya mukozi w'Imana arakora cane ariko afise uburyarya, ako ni agasembwa''.

Namani yari umunyacubahiro ariko yarafise agasembwa kandi yagakijijwe kubera umuntu mutoya, umwigeme w'inyagano. Uyo muvugabutumwa yemeza ko igihe Imana yamuha igikorwa co kuyivugira yamusavye kwigira nk'umuntu atigeze yiga n'ishure rimwe. Ngo Namani yakijijwe ni uguca bugufi yumvira ijambo rivuzwe n'umuntu yafatwa ko ari muto. Yasavye abakristo kwihagararako mu gihe abiyita ko ari agahambaye kuri ino si bariko barabajugumiza.

Umviriza ; https://twitter.com/jubasuc1/status/1692829261361480188?s=20

Nkuko yabigize muri zone Minago, umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie abicishije mw'ishengero Vivante ryo ku Rutwenzi , Komine Burambi yatanze imfashanyo ku miryango 15 y'Abasangwabutaka yo ku mutumba Rukambasi, zone Rusabagi muri Komine Burambi kuri uyu w'Imana igenekerezo rya gatandatu Myandagaro.

Iyo mfashanyo yarigizwe n'ibiharage n'umuceri. Baranyikwa Emmanuel, umwe mubayironse yavuze ko bavyutse isaha umunani z'ijoro kugira bashike aho ku Rutwenzi aho baboneyeho akaryo ko gusangira amasengesho n'abandi bakristo b'ishengero Vivante. Ku musi ugira kabiri yigishije ku bijanye no kugira amavuta. Yishimikije igisomwa Matayo 25,1-15 kivuga abakobwa cumi b'incabwenge n'abandi cumi bijuju yavuze ko hariho abantu baguma ngaha biziye kurondera ayo mavuta ari uko inzamba ivuze.''Twebwe bama baturoze ariko ntidupfa. Yesu aravuga ati umwana wanje ntaho aja''.

Tuesday, May 2, 2023

May 02, 2023

Burundi : Une religiosité qui risque de faire des victimes

Burundi : Une religiosité qui risque de faire des victimes

3 Juin 2023, Bujumbura (Gako news -Blog) Ferdinand Pongo est entré dans une chambrette de prière depuis septembre 2022, depuis son arrivée au Burundi, soit 10 mois en ce début du mois de juin 2023 mais sa santé se détériore.

C'est à la 1ème avenue No3, quartier Bukirasazi, une veuve et un pasteur se sont constitués en spécialistes d' exorcisme. Ils prennent des gens en otage en leur promettant une guérison promise par Dieu. Ces '' malmenés '' ne sont pas permis de parler avec d"autres personnes sans la permission de ces deux ''pasteurs'' dont l'un est étudiant. L'une des victimes est un certain Ferdinand Pongo, un américain d'origine congolaise, lui aussi pasteur à African Ministries, USA Ayowa.

À l'intérieur de la chambrette, difficile de prendre une photo car le 'Dieu guérisseur de la chambrette remplie de matelas et bibles déposés sur une natte modèle HCR '' ne permet pas la prise de photos, les règles de la maison''a murmuré l'un de ces '' exorcistes ''. Ferdinand Pongo est entré dans cette chambrette depuis septembre 2022,soit 10 mois en ce début du mois de juin 2023. La veuve avait décidé de le transférer dans une autre chambrette de prière en province Muyinga mais après ils sont retournés  à Bujumbura. Pour maintes reprises, les membres de sa famille étaient venus au Burundi pour s'enquerrir de la situation du leur mais en vain. Ce vendredi 2 juin 2023,
la délégation de la famille soutenue matériellement par l'épouse de Pengo venue de Bukavu en RDC
est parvenue à pénétrer dans la chambrette de prière ou se trouve Ferdinand Pengo et dont les frais de loyer reviennent à ce demandeur de prière, selon mes sources. Celles-ci disent que des dollars tombent mensuellement dans les mains de ces pasteurs en provenance des Etats Unis.

La santé de ces exorcisés constitue un SOS. Il y a l'idée de penser que Ferdinand mange à l'ordre de ces '' exorcistes'' qui, selon les voisins, soutiennent de l'argent de ces'' demandeurs de prières ''. Très éloquents, ces pasteurs sont parvenus à convaincre Ferdinand que toutes ces activités seront programmées par Dieu. C'est notamment les dates de retour aux Etats Unis et celles de parler librement avec ceux qui lui rendent visite. Allongé sur un matelas, Ferdinand croit sa guérison dans la consultation entre les pasteurs et Dieu, du moins à en croire ses expressions sorties difficilement de sa bouche en langue Kiswahili
: ni Mungu tu, watanisaidiya.
Pour rappel, dernièrement le ministère de l'intérieur a libéré des personnes qui étaient enfermées dans des chambrettes de prière dans différents quartiers de la zone Kamenge.

Tuesday, February 14, 2023

February 14, 2023

Bariyamiriza ingingo y'uguhezagira '' abubakana'' basangiye ibitsina

Bariyamiriza ingingo y'uguhezagira  ''abubakana'' basangiye ibitsina.

''Nkuko twamye  tuvyiyamiriza kuva kera,
twisunze ingingo 1.10  yafashwe
n’inama  y’abepisikopi  bo kw’isi yose  mu mwaka
w’1998, n’ubu turasubiriye kuvyiyamiriza  kandi turanebaguye rwose
iyo ngingo yaraye ifashwe n’inzego z’ishengero  ry’Ubwongereza
.

Abepisikopi b'ishenegero Anglikane mu Burundi
barashikirije ijambo aho biyamiriza ingingo yafashwe n'ishengero Anglikane ryo
mu Bwongereza yo guhezagira abubakana basangiye ibitsina. 

Bagira bati: Twebwe abepisikopi b'ishengero Anglikane
mu Burundi twaraguye mu gahundwe tumaze kwumva  iyo ngingo yafashwe
hahonyanzwe  ico ijambo ry'Imana rivuga ku mibano y'abukanye
.
 
Imisi mikeye gusa inama nkuru y’ishengero  ryo mu
bwongereza ifashe ingingo yo guhezagira ababana basangiye ibitsina, abepisikopi
b'ishengero Anglikane mu Burundi baraye bashikirije aho bahagaze.

Kuribo ngo ijambo ry'imana riratomora ko umubano
w'ababarianye uba hagati y'umugabo n'umugore. 

Abo bepisikopi bagira bati ; ''Nkuko
twamye  tuvyiyamiriza kuva kera, twisunze ingingo
1.10  yafashwe n’inama  y’abepisikopi  bo kw’isi
yose  mu mwaka w’1998, n’ubu turasubiriye
kuvyiyamiriza  kandi turanebaguye rwose iyo ngingo yaraye ifashwe
n’inzego z’ishengero  ry’Ubwongerez
a'
' .

Bishimikije ijamb ry'Imana riri mw'itanguriro
ikigabane ca 2 umurongo wa 24 ngo ishengero Anglikane mu Burundi ntirizigera
ryemera ko  ishengero ryubakirwa ku vyipfuzo vy'abantu  aho
kwubakirwa kw'ijambo ry'Imana. Kubera iyo mvo abo bepisikopi bahanura indongozi
z' ishengero ry'Ubwongereza ko zokwisubirako  zigahindura iyo ngingo
zaraye zifashe ‘’inyuranye rwose n'ico ijambo ry'Imana rivuga’’.

Abo bungere bamenyesha ko ishengero ry'Ubwongereza ari
rimwe mu yagize ishengero anglikane kandi ko bazi ko hari n'amadiyoseze
n'amaparuwasi yo muri ico gihugu atemeye iyo ngingo. Baboneyeho guhumuriza abo
iyo ngingo yaguye nabi haba mu Burundi, mu Bwongereza no kw'isi yose.

Barangiza basubira kwiyemeza ko ishengero Anglikane mu
Burundi ritazokwigera ''ritirimuka '' ku co ijambo ry'Imana rivuga.

''Nkuko twamye  tuvyiyamiriza kuva kera, twisunze ingingo 1.10  yafashwe n’inama  y’abepisikopi  bo kw’isi yose  mu mwaka w’1998, n’ubu turasubiriye kuvyiyamiriza  kandi turanebaguye rwose iyo ngingo yaraye ifashwe n’inzego z’ishengero  ry’Ubwongereza.

Abepisikopi b'ishenegero Anglikane mu Burundi barashikirije ijambo aho biyamiriza ingingo yafashwe n'ishengero Anglikane ryo mu Bwongereza yo guhezagira abubakana basangiye ibitsina. 

Bagira bati: Twebwe abepisikopi b'ishengero Anglikane mu Burundi twaraguye mu gahundwe tumaze kwumva  iyo ngingo yafashwe hahonyanzwe  ico ijambo ry'Imana rivuga ku mibano y'abukanye. 

Imisi mikeye gusa inama nkuru y’ishengero  ryo mu bwongereza ifashe ingingo yo guhezagira ababana basangiye ibitsina, abepisikopi b'ishengero Anglikane mu Burundi baraye bashikirije aho bahagaze.

Kuribo ngo ijambo ry'imana riratomora ko umubano w'ababarianye uba hagati y'umugabo n'umugore. 

Abo bepisikopi bagira bati ; ''Nkuko twamye  tuvyiyamiriza kuva kera, twisunze ingingo 1.10  yafashwe n’inama  y’abepisikopi  bo kw’isi yose  mu mwaka w’1998, n’ubu turasubiriye kuvyiyamiriza  kandi turanebaguye rwose iyo ngingo yaraye ifashwe n’inzego z’ishengero  ry’Ubwongereza'' .

Bishimikije ijamb ry'Imana riri mw'itanguriro ikigabane ca 2 umurongo wa 24 ngo ishengero Anglikane mu Burundi ntirizigera ryemera ko  ishengero ryubakirwa ku vyipfuzo vy'abantu  aho kwubakirwa kw'ijambo ry'Imana. Kubera iyo mvo abo bepisikopi bahanura indongozi z' ishengero ry'Ubwongereza ko zokwisubirako  zigahindura iyo ngingo zaraye zifashe ‘’inyuranye rwose n'ico ijambo ry'Imana rivuga’’.

Abo bungere bamenyesha ko ishengero ry'Ubwongereza ari rimwe mu yagize ishengero anglikane kandi ko bazi ko hari n'amadiyoseze n'amaparuwasi yo muri ico gihugu atemeye iyo ngingo. Baboneyeho guhumuriza abo iyo ngingo yaguye nabi haba mu Burundi, mu Bwongereza no kw'isi yose.

Barangiza basubira kwiyemeza ko ishengero Anglikane mu Burundi ritazokwigera ''ritirimuka '' ku co ijambo ry'Imana rivuga.