Uburimyi: Abanywanyi 27 ba koperative S.P.C.B bahagritswe bafatiwe mu mirima
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 kigarama mu masaha yo mugitondo abanywanyi 27 ba koperative C.P.S.B rirongowe n’umurimyi
mworozi Mbonankira Karori bahagaritswe bakuwe mu mirima bariko bararima iri ku
musozi wa Nyanza muri Komine Ngozi. Bahagaritswe n’uwurongoye zone Mugomere arikumwe n’abaporisi baca babajana kuri
zone.
Ivyo vyabaye mu gihe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Kigarama
akagwi k’abakozi bahurikiye mu makoperative akora rimwe mu ndwi bivugirako ko yegukira umuhuza w’abarundi
umushingamateka Laurentine Kanyana baje muri iyo mirima bagaheta maze ntihagira n’uwubarya nurwara.
Gahweza Pasitori ari mu batafashwe muri kino gitondo avuga ati : Twebwe
turiko turagira ingorane kandi zikomeye zisaba ko Reta mvyeyi ,Reta nkozi
yozidukurikiranira ikamenya abantu bariko baratuburaguza mu bikorwa twariko
turakora. Sindavyumva ko batwaka ahantu bavuga ko bagira bahakorere. Ego hariko
harakorerwa mugabo uwoshika ku rubuga
akaraba ibikorwa bariko barakora uko bimeze. Urabona ko twebwe twahora turi ku
kivi tugakora ibintu biteza imbere igihugu. Oya ni ukuri ibintuturimwo Reta
ntavyo izi, abategetsi ntavyo bazi. Nka musitanteri adadika, mbega nk’ubu tuba turi mu nka 60 za
koperative, turonderera umwavu uwo zimuha basi n’amezi atatu canke ane burya
yozituragirara ? Ntituramenya izo nka ko tuzishora, ko tuguma tworoye
tutagira umwavu, tutaronka icarire. Ibi bintu ni ibintu bigera kure''.
Gahweza Pasitori asaba umukuru w’igihugu kwishikira muri iyo
mirima kuko ngo ntibavyumva ukuntu bariko baranyagwa. Agira ati : ‘’
Turabuze amahoro kuko turahiga aho umuntu yocana ikintu akahabura. Mugabo kuvyo
ukuri Reta mvyeyi, Reta nkozi ntavyo izi.Ibibazo turiko turagira ntavyo izi. Bizi
nyene abantu bazi ingene babipanze.Ntivyumvikana ko dushobora gusitura itongo ,
tukarishira ku murongo neza hagaca haboneka abantu baribona ubwiza, bagaca
barokeramwo ngo natwe tuvemwo, turyamburwe , turikurwemwo nk’imihimbiri turi
abantu b’abagabo twakoze imigambi …kugeza naho baza baraturerekerako abantu
bavyiba kugirango bikunde ducike intege itongo ritware abandi bantu.
Kuva mu gitondo gushika isaha y'icenda ababafashwe bari bakigandaje imbere y'ibiro vya zone. Umukuru wa zone ngo akamenyesha ko yabagotoye ategetzwe na Musitanteri n'uwurongoye uburimyi n'ubworozi mu ntara ya ngozi. bene gufatwa nabo bakarahira bakarengwa ko batarota baheba iyo mirima yabo.
No comments:
Post a Comment