UmuvugabutumwaMapendo ati : " Naho bakoze amakosa si abo guheba''.
Umuvugabutumwa w'umurundikazi aba mu gihugu c'Ububirigi Mapendo Anne Marie avuga ko naho abanyororo bakoze amakosa si abo guheba kuko ngo n'abatari mu mabohero barakora amakosa ushobora gusanga aruta n'ayo abari mu mabohero.
Bukeye Mapendo abicishije ku nsamirizi Voix d'espoir yarateye akamo abarundi bose ko abantu bari mu mabohero naho bakoze amakosa atari abo guheba kuko ngo hariho n'abandi badapfunzwe mugabo bakora amakosa aruta ayakorwa n'abari mu mabohero. Inyuma yako kamo, Mapendo yemeza ko abantu benshi bariko baritanga. Bamwe batanga ifungurwa abandi bibiriya. Mapendo akaba abishima cane. Asaba abarundi kwitaho abanyororo kuko na bonye baguma ari ibiremwa muntu.
Ngo inyuma yo gukora ibikorane vyo kubohoka, abantu benshi bavyitabiriye barabohotse cane cane ibijanye no kwisambanya no gusambana n'ibidayimoni mw'ijoro. Mapendo akaba ashima cane ico gikorwa Imana yakoze ariko akababawza cane n'ubuzima abanyororo babayemwo.
Aha twokwibukanaya ko umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie yaciye aja mu gihugu ca Tanzaniya kuvuga ubutumwa akaba yaramaze kugaruka ngaha mu Burundi yitegurira kuja mu gihugu ca Malawi muri ico gikorwa co kuvuga ubutumwa.
No comments:
Post a Comment