'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, December 29, 2022

Uburimyi: Abanywanyi 27 ba koperative SPCB bahagritswe bafatiwe mu mirima

 Uburimyi: Abanywanyi 27 ba koperative S.P.C.B bahagritswe bafatiwe mu mirima

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 kigarama mu masaha yo mugitondo abanywanyi 27 ba koperative  C.P.S.B rirongowe n’umurimyi mworozi Mbonankira Karori bahagaritswe bakuwe mu mirima bariko bararima iri ku musozi wa Nyanza muri Komine Ngozi. Bahagaritswe n’uwurongoye zone Mugomere arikumwe n’abaporisi baca babajana kuri zone.


Ivyo vyabaye mu gihe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Kigarama akagwi k’abakozi bahurikiye mu makoperative akora rimwe mu ndwi bivugirako ko yegukira umuhuza w’abarundi umushingamateka Laurentine Kanyana baje muri iyo mirima bagaheta  maze ntihagira n’uwubarya nurwara.


Gahweza Pasitori ari mu batafashwe muri kino gitondo avuga ati : Twebwe turiko turagira ingorane kandi zikomeye zisaba ko Reta mvyeyi ,Reta nkozi yozidukurikiranira ikamenya abantu bariko baratuburaguza mu bikorwa twariko turakora. Sindavyumva ko batwaka ahantu bavuga ko bagira bahakorere. Ego hariko harakorerwa  mugabo uwoshika ku rubuga akaraba ibikorwa bariko barakora uko bimeze. Urabona ko twebwe twahora turi ku kivi tugakora ibintu biteza imbere igihugu. Oya ni ukuri ibintuturimwo Reta ntavyo izi, abategetsi ntavyo bazi. Nka musitanteri adadika,  mbega nk’ubu tuba turi mu nka 60 za koperative, turonderera umwavu uwo zimuha basi n’amezi atatu canke ane burya yozituragirara ? Ntituramenya izo nka ko tuzishora, ko tuguma tworoye tutagira umwavu, tutaronka icarire. Ibi bintu ni ibintu bigera kure''.

 

Gahweza Pasitori asaba umukuru w’igihugu kwishikira muri iyo mirima kuko ngo ntibavyumva ukuntu bariko baranyagwa. Agira ati : ‘’ Turabuze amahoro kuko turahiga aho umuntu yocana ikintu akahabura. Mugabo kuvyo ukuri Reta mvyeyi, Reta nkozi ntavyo izi.Ibibazo turiko turagira ntavyo izi. Bizi nyene abantu bazi ingene babipanze.Ntivyumvikana ko dushobora gusitura itongo , tukarishira ku murongo neza hagaca haboneka abantu baribona ubwiza, bagaca barokeramwo ngo natwe tuvemwo, turyamburwe , turikurwemwo nk’imihimbiri turi abantu b’abagabo twakoze imigambi …kugeza naho baza baraturerekerako abantu bavyiba kugirango bikunde ducike intege itongo ritware abandi bantu.


Kuva mu gitondo gushika isaha y'icenda ababafashwe bari bakigandaje imbere y'ibiro vya zone. Umukuru wa zone ngo akamenyesha ko yabagotoye ategetzwe na Musitanteri n'uwurongoye uburimyi n'ubworozi mu ntara ya ngozi. bene gufatwa nabo bakarahira bakarengwa ko batarota baheba iyo mirima yabo.

 

No comments: