'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, December 17, 2022

ABARUNDI BARENGA 50 BARI I WASHINGTON D.C MW'IHURIRO RYA US-AFRICA RIGIRA KABIRI.

Abakuru b'ibihugu nibo batumiwe mw'ihuriro rigira kabiri riraba ivy'uburunzi bwa Afrika na Amerika ryatumiwemwo abarongozi batari bake hamwe n'abikorera utwabo mu gisata c'ubutunzi kumigabane ya Afrika na Amerika.Ibihugu bitatumiwe n'ivyafatiwe ibihano n'ishirahamwe ry'Ubumwe bw'Afrika
.


Umukuru w'igihugu c'Uburundi Varisito NDAYISHIMIYE ni umwe mubatewe iteka ryo guterera ivyiyumviro muri iryo huriro aho yaciye ahera mugisata c'uburimyi mu karere ka Afrika y'ubuseruko na Africa yose muri rusangi.
Yagize ngo icihutirwa cane ni uko hobaho ugukoresha ubuhinga bwa none hamwe n'amamashini arima kijambere muri ico gisata c'uburimyi ariko nko k'uburundi icashizwe imbere cane n'ikijanye no gucungera umwimbu uvyuye mubifungurwa.

Muri urwo rugendo,umukuru w'igihugu c'Uburundi yagarekejwe n'abanyamitahe mirongo ine n'umwe (41hommes d'Affaires).Ku munsi wahariwe umutangakori,umukuru w'igihugu yari yamenyesheje ko batagiye kuba abakerarugendo ahubwo bazoshikiriza akarusho n'ivyegeranyo vy'ivyavuye muri urwo rugendo.

Muri iryo huriro nyene umukuru wa Reta zunze ubumwe bw'Amerika "Joe Biden" yamenyesheje ibisata nyamukuru Amerika igiye gushiramwo imfashanyo n'inguvu nyinshi. Aho avuga igisata c'amasoko ntanga nguvu (atonona ibidukikije n'ikirere) kizotwara imiliyoni 100 y'amadolari y'Amerika, ikindi gisata ni ic'ubuhinga bw'imihora ngurukana bumenyi (intereneti) bugezweho kandi bwihuta (buzotwara imiliyoni 350 y'amadolari y'Amerika).


Ivyo rero bikaba ari bimwe muvyuhutirwa gukorwa muri Afrika kandi bikaba bizoshirwa mungiro mumyaka itatu (3) iri imbere.

No comments: