'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Showing posts with label imigambwe. Show all posts
Showing posts with label imigambwe. Show all posts

Sunday, October 29, 2023

October 29, 2023

Burunga: Abagumyabanga baraye bamenyanye


 

Burunga: Abagumyabanga baraye bamenyanye 

Bujumbura, igenekerezo rya 29 Gitugutu, Gako news, (Blog) Iyo nama kari akaryo ko kumenyana no kuvugana ivyo korwa ngo biteze imbere intara ya Burunga.

Nzikoruriho  Sylvain umunyabanga w'umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Burunga yaratumiye imvukira y'iyo ntara mu nama ku watandatu igenekerezo rya  28 Gitugutu 2023 isaha zine n'inusu  mu ngoro nkuru y'umugambwe CNDD-FDD. 

Nzikoruriho  Sylvain  asanzwe aturuka mu ntara ya Rutana yaradondaguye abari batumiwe muri iyo nama baturuka mu ntara za Makamba, Rutana,Bururi na Rumonge ; 

- Ubuserukizi bw'umugambwe CNDD-FDD mu Ntara
- Abagize umugwi mpanuzwajambo mu ntara ya Burunga
- Abashingamateka n'abakenguzamateka batowe mu Ntara ya Rutana, Makamba,Bururi,Rumonge b'Abagumyabanga
- Abagenywe n'itegeko rya Nyenicubahiro umukuru w'igihugu, umukuru w'inama Nshingamateka na Nkenguzamateka b'abagumyabanga
- Abagenywe n'umuhuza w'abarundi b'abagumyabanga
- Abagenywe n'itegeko nshikiranganji bakorera mubushikiranganji butandukanye b'abagumyabanga
- Aba cadres bakorera mubikorera utwabo
- Abagwizatunga bakuru  bakuru hamwe n'abarongoye abadandaza mu ntara za Makamba, Rutana,Bururi, Rumonge b'abagumyabanga
- Abaserukira imbonerakure zomuri za Kaminuza z'intara ya Burunga
- Abarongoye ubuzi mu ntara b'abagumyabanga
- Umunyamabanga w'umugambwe muri Komine 
- Musitanteri
- Abarongoye uburere bw'ubuvuzi
- Abarongoye ibitaro 
- Uwurongoye inama ya Komine
- Aba Cadres bose bakorera i Bujumbura b'abagumyabanga bava muri izo ntara .

Nkuko vyari bitegekenijwe  abavuka ntara ya Burunga basabwe ku menyana ababarongoye nabo baboneraho kwakira ivyiyumviro canke imigambi yoteza imbere intara ya Burunga. Abo nabo babasavye gukorera hamwe. Ivyo ngo babasabwe  kuko hariyo incabwenge zoshobora kuja hamwe  mu kugwiza amahoteri yakira ingenzi,  ikiyaga gikoreshwe mu buhinga bwa none( pêche industrielle), ikiyaya gikoreshwe muri transport maritime, ikiyaya gikoreshwe mukuvomera imirima,muguha amazi abenegihugu bokoresha buri munsi, amasoko y'amazi ahingurwe maze amazi ashorwe mu mahanga,guteza imbere ikigazi, gushira amafaranga mu burimyi n'ubworozi kuko isi ndimwo irahari no ku misozi ihanamye, gukingira ibidukikije, gushinga amahinguriro atandukanye, guteza imbere ubuvuzikama, guteza imbere abanyamyuga batandukanye, gushinga amakaminuza y'ubuhinga bugezweho, gushinga amabanki canke microfinances y'imvukira za Burunga, guteza imbere igisata c'ubudandaji muri Burunga n'ubudandaji  ndengambibe, kwubaka ingimero z'umuyagankuba, gukwiragiza umuyagankuba w'imishwarara y'izuba, n'ibindi.

Nzikoruriho  Sylvain yaranamenyesheje ko  hazoba harimwo n'ukugira rusasuma y'izo ncabwenge kugira zije muri base des données. Ku bera ico umwe wese azokuzuza umwidondoro wiwe ace atera igikumu. Yari yanamenyesheje ko kubo kitazira kwambara umwambaro, boshirako umwambaro w'umugambwe.

Bwabaye ubwa mbere indonzi y'umugambwe ku rwego rw'intaraq atamako abantu nk'abo mu nama ibera mu ngoro nkuru y'umugambwe CNDD-FDD i Bujumbura.