'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Friday, December 30, 2022

Pelé, ''umwami'' w'umupira w'amaguru yaraye ashengeye

 Pelé, ''umwami'' w'umupira w'amaguru yaraye ashengeye

Umukinyi w'umupira rurangiranwa w'umunyabreziriya Edson Arantes do Nascimento bataziriye Pelé yitavye Imana kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Kigarama afise imyaka 82 mu bitaro  Albert Einstein vy'i Sao Paulo aho yaragwariye kuva igenekerezo rya mbere Kigarama uyu mwaka .

Ku munsi mukuru wa Noheli ,  Pelé, ''umwami'' w'umupira w'amaguru yirigwanye na bamwe mu muryango wiwe. 

Kely Nascimento, umukobwa wiwe yandika kuri Instagram ati : '' Turagukunda bitagira urugero, ruhuka mu mahoro''.

Edson Arantes do Nascimento bataziriye Pelé hanyuma bakamwonera ako ubuhizi umwami w'umupira w'amaguru yavutse igenekerezo rya 23 Gitugutu mu mwaka w'1940  mu muryango w'amikoro make w'aho bita Três Corações (Minas Gerais). Se yari umukinyi w'umupira w'amaguru ahava nawe yinjira mu murwi Santos afise imyaka 15.







No comments: