Ngo CENI yarirengagije itegeko rigenga amatora
Ngo CENI yarirengagije itegeko rigenga amatora
Bujumbura, igenekerezo rya 23 Nzero, 2025 Gako News -Blog Urunani Burundi bwa bose rurahagaritswe umutima n'ukuntu umurwi ujejewe gutunganya amatara CENI uriko urategura amatora yo mu mwaka wa 2025 kuko ngo ''CENI rirengagije n'ibigirankana itegeko rigenga amatora'' uruhira kwigizayo urwo runani. Urwo runani rusaba umukuru w'igihugu kururenganura.
Abarongoye imigambwe FDES Sangira, CODEBU, CNDD na Sahwanya FRODEBU igize urunani Burundi bwa bose bavuga ko bahagaritswe umutima n'ingene amatora yimirije uyu mwaka wa 2025 ariko arategerwa.
Nkuko biri mw'itangazo ryasizwe ahabona n'urunani Burundi bwa bose ku bijanye n'ikumirwa ry'intonde zarwo z'abazitoza nk'abajenama b'abamakomine kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Nzero , 2025 rigategwako igikumu na Patrick Nkurunziza umukuru w'urwo runani akaba anarongoye umugambwe wa Ndadaye Melchior- Sahwanaya FRODEBU, ngo abagize umurwi CENI barabeshe batuma urwo rwego rufata ingingo bazi neza ko batazoyubahiriza. Ivyo navyo ngo bikerekana ko uyo murwi utigenga na gato , ari umurwi ntirumveko.
Mu nsiguro urwo runani rutanga, Patrick Nkurunziza yemeza ko vyose vyatanguye aho umurwi CENI washira ahabona ikirangamisi hakagaragaramwo intumbero yo gushaka ''kunaniza uwo wewse ashaka kwitoza atari mu kwaha k'umugambwe uri ku butegetsi'' .
Iryo tangazo rivuga ko ico gihe bamwe mubagize urwo runanai basemereye kuko babona ko hazobamwo akarenganyo n'ikumirwa. Abarongoye urwo runani bakabonako ikirangamisi c'amatora categuwe kugira kinanize imigambwe ibona ko yohindura ibintu mu gihugu. Rugirako rutera ivyatsi ingendo n'inyifato y'abagize umurwi CENI yo kugira uwo murwi ''igisata kindi c'umugambwe uri butegetsi.