'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, December 10, 2022

URUDANDAZWA RW'ABANTU RURABANDANYA MU NTARA YA BUBANZA


Umwe mu benegihugu bashikiwe n'ingorane zokwibwa amafaranga bifatiye ku ruyeri rwiswe kujanwa "KURONDERA UBUZIMA MU MAHANGA", aratuyagira ingaruka mbi yagize no kubijanye n'urubanza rwiwe rumaze imyaka ibiri muri sentare nkuru y'igihugu i Bubanza.

Yitwa Ndayikengurukiye Innoncent , avuka muri komine Mpanda ku mutumba wa Murengeza. Ansanzwe ari umurimyi ariko kandi hambavu yoguca ingero asanzwe yiyungunganya nkadandaza icayi n'ibitumbura. Uyo ni umwene gihugu yanyazwe utwiwe ngo agira ajanwe mu bihuhu vy'abarabu kurondera ubuzima.

Twamubajije zimwe mungaruka yahuye nazo muri uko kujanwa mumahanga, n'akababaro kenshi yagize ati:
"Si nari umwe, hariho n'abandi twarashika hafi abantu indwi, imisore n'abagabo. Ico gihe umugwizatunga wo kumusenyi yitwa Nkorerimana benshi bamuzi kw'izina rya Nkore niwe yariko aregeranya abantu bipfuza kuja kurondera ubuzima mu bihugu vy'abarabu akabizeza ko bafise ivyangombwa n'ibipapuro vy'inzira (Passport) ashobora kubajabukana bagahita baronka ico bakora. Nanje ico gihe naciye niyungunganya ndaronka ivya ngombwa (Passport) hama kandi twarariha amafranga umuliyoni n'ibihumbi amajana atatu (13.00.000 ) aho ayo urugendo n'impamba bitarimwo".

Si n'ivyo gusa ngo bavuye aha mu Burundi berekeza mu gihugu c'Ubuganda bakirirwa ahantu, bahamara iyinga zitatu bafungura nabi nabi na mwene kubarungika batazi iyo ari canke kandi bo bibazo ko bazova aho baca berekeza mu gihugu ca Dubayi ariko birangira uwabakiriye abataye mw'ibarabara kuko uwabarungitse yananiwe no kubabandaniriza urugendo.

N'agahinda kenshi arongera ati :"Twavuye ngaho batubwira ko tugiye kwurira indege i Dar-Es Salam ariko tugezeyo, bamwe muri twebwe barafunzwe abandi turanyegera twahakuwe n'Imana kugira tugaruke mu Burundi, twahamagara incuti n'abagenzi bakaturungikira udufaranga tudukurayo".

Nuko bageze mu gihugu, baja kuraba nyene kubarira amafaranga bati twebwe dusubize utwacu, mbega wari uturugitse ku twicisha? Niko gutangura imburano ariko uwo mugabo Nkorerimana we yakomeza kubizeza ko ivyabo vyari bikiriko biratunganywa ariyo mpamvu yashaka ko barindirira muri ivyo bihugu.

"Bamwe mubo twari kumwe ku rugendo, babonye ataco bari bumukureko kubera ari ntaho mfatwa, arazwi afise n'amafaranga, abandi nabo bakomeje kumwiruka inyuma aha kubereka umurima urimwamwo umuceri ngo bazokwiyaranja bakuremwo ayabo. Hama nanje mfata inzira yo kwitura ubutungane kugira nsubizwe amafaranga kandi yari yara naduhangitse aduha impapuro z'inzira bita VISA z'amanyanga, zimfondano".

Nubwo yituye ubutungane, nticabujije ko aburagizwa kandi akajuragizwa.

"Abarundi barayamaze ngo uwukurusha ibijumbu agutwara imbwa, nanje niko vyagenze kuko ndamuhamagaje ntiyitaba komvokasiyo ahubwo yaca ajayo navuyeyo bakavugana n'abacamanza, nasubirayo bakambwira ko yahavuye yitaba akisigura ko yafatiriwe ariko nkabura uko twokwicara hamwe ngo twumvirizwe"

Aha mwomenya ko ngo urubanza rwavuye muri sentare y'intango rukaduga muri sentare nkuru y'igihugu muntara, rurava muntara ya Bubanza rwerekezwa muri pariki ya Bujumbura muri komine Ntahangwa ariko akumvirizwa rimwe gusa.

"Muri Ntahangwa vyaranse naha tonze amezi n'amezi ariko uwo tuburana yitavye rimwe gusa, haragera yaho bambwira ko urubanza barusubije i Bubanza, ntigeze ndabimenyeshwa, ndihangana ariko rugeze muri sentare y'i Bubanza vyabaye nk'ibibaye bishasha ariko uwo tuburana ntiyitabe bakambwira ngo bavuganye kw'iterefone ntashobora kuboneka"

Ngo hambavu y'urwo rubanza yaburana, aho abaye ntiyari yorihewe nagato kuko amafaranga yose yakoresheje mu kwitegurira kuja mu mahanga n'ayo yagenda agurana mu mashirahanwe n'abagenzi.

"Amashirahamwe n'abagenzi nagiye ntorako amafranga yose nakoresha mu kwitegurira kuja mu mahanga, babaye bakimbona ngarutse, barankaba, bafata agatongo abandi babura ico bafata baguma banturatuza"

Uwo mwenegihugu yatumenyesheje ko hageze igihe akeka ko ubucamanza bwoba bwariko burahengama kuko butigera bufata ingingo zikwiye kuwo baburana.

"Jewe narabona ko hariho ikintu cinyegeje inyuma kuko abacamanza ntibamubaza impamvu atitaba amakovokasiyo kandi agahengera naraye nitavye nawe akajayo bukeye canke bakavugana kuri terefone".

Arongera akavuga ko haciye imisi uwo baburana yahunze urubanza rutarangiye kuko yagomba kwunguruza urubanza arukure aho rwadindiriye.

"Nararambiwe noguhora nsirisimba mubintu bidahera Kandi abo mfitiye amadeni bandembeje, nca nja gusaba ko nokwunguruza urubanza ariko baca bampa isango ngo ntabanduka kugira batwumvirize twese, ari naho muri ico kiringo uwo twaburana yaciye yomoka aja ho ntazi ariko amatwi ansumira ngo agereye za Buganda. Nca ntangura kwibaza uko bigiye kugenda ariko barahavuye basoma urubanza banyereka ko nkwiriye indishi y'akababaro ariko nkabona ataho vyoca ngo ndayironke kuko uwo twaburana yahunze agata umugore n'abana Kandi umuryango wiwe atari ubutungane bufashe ingingo ntayo bompa"

Kugeza ubu Innocent ngo ntarabona neza uko amafaranga Sentare yamwemereye kwazoshumbushwa azoyaronka kuko n'umuryango w'uwo baburana nturamenyeshwa ko uwabo yatsinzwe ategerezwa kuzomuriha.

"Sentare yampaye umutahe ngo umugore w'uwo twaburana yitabe atange ingwati ihwanye n'indishi yanje ariko nawe yaranse kwitaba none na n'ubu urubanza rwasubiye kwicarikwa, imyaka ibiri yose iraheze ndiko ndasirisimba atakivamwo. Ubu nabasavye ikopi y'urubanza hama nje gutabariza ahandi ariko kiretse umukuru w'igihugu yongarukira n'ahandi jewe ngiye kwihereza ibarabara nsare. Kuko agatongo karafashwe ntikazonakwira abo mperaniye".

No comments: