'''' '' '#" #Burundi : Ce lundi vers 9h du matin, le Président a visité par surprise le Ministère des Finances ''.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Friday, January 2, 2026

Umugambwe AND-Intadohoka ugiye gukora iki

Umugambwe AND-Intadohoka  ugiye gukora iki

Bujumbura, igenekerezo rya 2 Nzero, 2026 ‘’Kuvuga ko abarundi banezerewe, bafungura bagahaga kandi rudasiba kubuzurirako babona iduzwa ry’ibiciro ku masoko biba ku munsi ku munsi, mu gihe amikoro agenda agabanuka ku rugero ruteye ubwoba, ni ukutamenya ubuzima babayemwo’’, aya ni amwe mu majambo ashikiriozwa na Kobako Gaspard umwe mu bahoze mu bagwanyi akaba anarongoye Umugambwe AND –Intadohoka. Ivyo abivuga mw’ijambo yashikirije abanwanyi b’umugambwe n’abarundi.

Ijambo ry’Indongozi y’Umugambwe ryo kwipfuriza Abasangairarugendo : Abarigumije, Abatabazi, incuti z’umugambwe Urunani rw’Igihugu ruharanira Demokarasi AND-Intadohoka, Abarundi n’Abatuye mu Burundi, umwaka mushasha w’i 2025.

Basangirarugendo mwese,

Ncuti n’abakunzi b’Umugambwe AND-Intadohoka,

Barundi, Barundikazi 

 

1. Buca duhimbaza umwaka mushasha w’i 2025, twongera dusezera umwaka w’i 2024. 

Imbere ya vyose nagomba kubanza kubaramutsa mvuga nti : tugire amahoro, demokarasi n’Iterambere, kandi tubitsimbataze. Twagomba dufate kano kanya tuwubipfurize twongere tugaruke muri make ku vyaranze umwaka uheze w’i 2024. Muti none uyu nawo waranzwe n’iki ? Reka dusubize amaso gatoyinyuma, mu mwaka w’i 2023. Mu mpera zawo, niho Urunani rw’igihugu ruharanira Demokarasi wemerwa n’amategeko agenga imigambwe n’Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu, Umutekano n’Iterambere rusangi. Aho hari kw’itariki 26 Kigarama 2023, aho itegeko ryemera AND-Intadohoka gukora ku Mugaragaro ryaterwa ko igikumu. 

 

Bukeye bwaho, kwigenekerezo rya 27/12/2023, Radiyo na Tereviziyo nkuru y’Igihugu vyaciye bidutumako gushikiriza imigambi n’ivyipfuzo vy’umugambwe, n’igishasha uzanye i ruhande y’imigambwe yari isanzwe yemewe mu gihugu. Abasangirarugendo barabikurikiranye co kimwe n’abandi Barundi eka n’amakungu. Ibinyamakuru n’ayandi maradiyo, yaba ayasamiranira mu gihugu c’Uburundi yaba ayasamiranira mu makungu, nti vyatanzwe. Turashima ko vyashimishije abatari bake, bikagaragazwa n’uko bitahengeshanije kudutumako ngo dutange intererano, igihe cose bikenewe, gushika kuri rino zuba. Navyo turavyipfurije umwaka mwiza, bize bibandanye ubwo bwira no gusangiza amakuru meza y’ukuri bose, cane cane muri kino gihe twimirije amatora, bisunze akarangamutima kabo n’amategeko. 

 

Ubuserukizi bw’Igihugu cahoze kitujejwe, Ingoma y’Ububiligi, bwaradutumyeko kugira dutange umuco ku catumye tugira umugambwe, inkomoko n’ico tuzi kuri iki nakiriya. Bwari bwabivanye ku vyiyumviro twatanze mu kinyamakuru IWACU, nk’uko bwabitumenyesheje. Twarabwishuye, buratubwira ko bushimye inyishu tubuhaye.

 

Basangirarugendo mwese,

Ncuti n’abakunzi b’Umugambwe AND-Intadohoka,

Barundi, Barundikazi

 

2. Mu bijanye na poritike, umwaka w’i 2024 waranzwe no gusaba kwinjira muri ryahuriro ry’imigambwe (FDP), mu ntumbero yo kuja gusangira ijambo n’ivyiyumviro n’iyindi migambwe, rifise icivugo kivuga kiti : « Ibigiye Inama bigira Imana ».  Tumaze kwemererwa twaririterereyemwo umuganda wo kuryubaka. Tumaze tukaba tumaze guterera ivyiyumviro n’impanuro bitari bike.  Udatevye, Umugambwe w’Igihugu uharanira Demokarasi, waciye uja ku kivi :

2.1. Waratunganije inzego n’ibisata bitandukanye biwubatse, urugurura ingoro zawo ku rwego rw’igihugu, ku rwego rw’intara no ku rwego rwa komine. Twipfuza, kandi tuzokora uko bishobotse kwose, kugira umwaka buca duhimbaza imirwa yose mikuru y’igihugu n’intara bigize igihugu cose izoba ifise ingoro zo gutunganirizamwo ama nama, iyigisho n’ibdindi bikorwa vyo guteza imbere umugambwe AND-Intadohoka.

 

2.2. Uhejeje kwugurura ingoro yawo ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, hari kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2024, uwo munsi nyene waciye utera iyindi ntambwe, ushika mu ntara ya kera ya Bubanza, ariyo ya Bujumbura, imwe muzo tuzokwitozamwo, kuremeshamwo inama ya mbere. Nayo yakoranije abantu ku rugero rushimishije, maze itanga icizere ko umugambwe ugiye gushinga imizi no kurandagata mu gihugu cose.

 

3. Kw’igenekerezo rya 04/06/2024, umugambwe AND-Intadohoka waremesheje ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, uributsa inkomoko n’imigambi ufitiye igihugu mu nkingi zawo zine (4) : muri poritike, mu vy’ubutunzi, mu vy’imibano no mu vy’ubutungane. Wari uramutse wigina umunsi wahabwa uruhusha rwo kuwu shinga ngo ubone kwemererwa.

 

Waritavye ubutumire butandukanye : ku rwego rw’Igihugu, urw’ubushikiranganji, muri rya huriro ry’imigambwe FDP, tutibagiye ibiganiro vy’amashrahamwe asanzwe afashanya n’Uburundi, ku bijanya no gufata mu mugongo no guherekeza aba nye poritike mu nzira y’amatora yimirije kw’igenekerezo rya 05/06/2025. Muri ayo ma nama yose warashikirije warashikirije aho uhagaze wongera utanga impanuro.

 

4. Mu vy’ubutunzi, warashimikiye ku bisata bitatu bitegerezwa gutezwa imbere, kugira Uburundi buve mu kaga bwongere bwogorore bere intambwe yo kuja mu nzira y’iterambere. Navyo ni Amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka hamwe hamwe n’uburimyi n’ubworozi. Ivyo vyose bidashigikiwe bimwe vy’akarorero n’ubutegetsi, ni karahara mu ruganda ntibacura.

Ikitavuzwe co n’ugusaisira indava igiturire, camunze kikamugaza igihugu kandi vyabanye ndanse mu ku kirwanya, aho gufata ingingo ziboneka, hama ugusemerera vyo nyene.

 

Muri ico kiganiro twavuze aho hejuru eka no mu bindi biganiiro, twaramenyesheje aho duhagaze kw’ibura ry’igitoro, haraheze imyaka. Kiduza ibiciro vy’ivya nkenerwa vyose : ibifungurwa, ukwiyunguruza. Mu vya nkenerwa vya minsi yose, harimwo isukari ya SOSUMO, ibinyobwa vya BRARUDI, bizimvye kandi biduzwa ibiciro uko ababicuruza abavyishakiye, ata camira. Vyaba naho bigakorwa kuri bamwe bamwe, kandi bigakena biriho. Ibibazo bihanze igihugu mu vy’ubutunzi bitegerezwa gotorerwa umuti ata kwivyiringira, atakwigira sindabibazwa, canke gukingira ikibaba abasuma n’abambuzi be n’ukwerekana inguvu n’ubushobozi buke bwo kubirwanya. 

 

Kuvuga ko Abarundi banezerewe, bafungura bagahaga kandi rudasiba kubuzurirako babona iduzwa ry’ibiciro ku masoko biba ku munsi ku munsi, mu gihe amikoro agenda agabanuka ku rugero ruteye ubwoba, ni ukutamenya ubuzima babayemwo.  Nivyo koko hari abahimvye baririmba abandi barira. Ni bamwe twirirwa twumva bagipfukamye mu nda mu kwigarurira amatungo yose y’igihugu, birigwa baraterura ibigega vya Reta, bakabiraramangana, kanatsinda ikigega conza uwacuriye.

 

AND-Intadohoka, izokora uko ishoboye, ngo ivyo vyose bisubire mu buryo, ukoranye n’abahinga, urwanije ka mwana wa mama, ba kaboko, ukudahana no gushira ho ababishoboye mu nzego n’ibibanza muri ivyo bisata, utabanje kuraba ko ari abanywanyi bawo, harimwo n’abajegajega. 

 

Muri ico gisata c’ubutunzi vyongeye AND-Intadohoka urafise intumbero y’ingene igihugu cotunganywa kugira kive mu bukene bucugarije, bwokora amakara bugata. Ubutunzi bwarasubiye inyuma bimwe biteye ubwoba, aho gisigaye giharurwa mu bihugu vya nyuma kw’isi nzima, no ku mugabane wa Afrika. Kiri ku rugero rw’i 162 mu bihugu 180 bigize isi. Ku bwacu, turafise n’impungenge ko gishobora guhomba burundu, kikagenda akagirire nk’uko twumva vyagenze ahandi nko mu gihugu ca Hayiti.

 

Ibura ry’amafranga y’agaciro, ukwizibirirako nka nyamugegena, ukutabona iyo dutera tuja, vyarazanye umwiheburo mu benegihugu, eka no mu vy’imibano. Ibura ry’imiti, ukutashobora canke ukurungika abana mu mashure bigoranye, biri mu bihanze Uburundi. Nti dusigane inkore ku maso.

 

Basangirarugendo mwese,

Ncuti n’abakunzi b’Umugambwe AND-Intadohoka,

Barundi, Barundikazi

 

Umugambwe Urunani rw’igihugu ruharanira Demokarasi, AND-Intadohoka buca witaba amatora. Amajwi uzoronka, uko angana kwose uzoyavyaza umusaruro, muze ubere akarorero Abarundi akarorero, imvugo yayo ijane n’ingiro. Nti wipfuza gukoresha imvugo y’uruhendo, guhuma amaso Uburundi n’amakungu canke urugoto, ngo hari imbonakazoza iyi canke iyindi, mu gihe igihugu ubutungane, kikarangwamwo igiturire n’ukudahana, tubivuge tubisubire. Ivyo navyo birazingamika igihugu, narirya twumva imvugo zisa n’iz’agahemo ko Abarundi banezerewe, ata nzara bafise, kandi barara nti buca, kubera iduzwa ry’ibiciro ari ku ndwi ku ndwi. Mu nda harara inzara bugaca hakazinduka inzigo. Amikoro ni make ku bene gihugu, cane cane n’uwudafise mu nsi y’urugo, nk’umukozi wa reta adafise icepfo ca ruguru, ikitavuzwe coco ni bamwe bakukururwa ku nguvu ubutarariye, bandi bagasabwa kwishura ayp bakoreye, ngo bararengeje ko igihe kandi batigeze bamimenyeshwa. Ivyo bikaza gusongera isibe, no guhuhura ivyahuha.

 

AND-Intadohoka waraye uhimbaje umwaka wa mbere wemewe n’amategeko. Hari kuwa 26/12/2023, inyuma y’umunsi mukuru hibukwa ivuka rya Yezu Kristu. Bikaba vyahuriranye n’iminsi itatu umaze gutanga intonde zo kuja kwitoza ku rwego rw’Inama Nshingamateka. Kubera atawuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi, kandu umuhini mushasha utera amabavu, AND-Intadohoka waratanze intonde zibiri kuri zitanu zari zitezwe mu gihugu cose. Warakuye icigwa kandi ugiye gukorerako mu matora azokurikira. Ni intambwe ishimishije, wigereranije n’imigambwe yari isanzwe ikorera mu gihugu. Tugiye guhiganwa tudahezanyayo. Nico cipfuzo cacu.

 

Buca umenyekanisha inzira irashe yo kuva muri kano kaga, mu kumenyekanisha imigabo n’imigambi ufitiye Uburundi n’Abarundi, cane cane mu gucukura ubutare no ku buhingura, bugashorwa buhinguwe, mu gushinga mahinguriro azohingura ivy’imburwa vyaba ivy ‘ibiva mw’isi ndimwa canke mu masaamaki, azoteza imbere abayakoramwo, mu gutanga akazi, no guteza imbere uburimyi n’ubworozi kijambere, abarundi baronke ivyo apfungura n’umusesekara bashora hanze.

 

Basangirarugendo mwese,

Ncuti n’abakunzi b’Umugambwe AND-Intadohoka,

Barundi, Barundikazi

 

Mu vy’imibano, tuzoteza imbere ibigwati, kugira abantu bige kubana neza, baronke ivya nkenerwa muri rusangi, ku rugero rumwe, amavuriro, amazi n’amasoko hamwekandi hafi, batanje gutama.

 

Turarajwe ishinga n’igisata c’indero. Yaragiye iratituka ku rugero ruteye ubwoba kuva ku gisata c’intango gushika muri Kaminuza, aho abigisha bayo bahereye hanze mu bindi bihugu, aho bazi akamaro kabo nk’uko bimenyeshwa n’’abayirongoye, aho banamenyesha ko ishobora kwugara. Abarundi barayamaze bati: “izija guhona zihera mu ruhongore”. Twibaza ko indero ni yagenda akagirire aryo nzira irashe yo kugira wa mu koloni tunegura azocamwo, akaza kwidagadura kuko ata mpumyi irongora iyindi. Bazoca badushwaramwo, atacamira, ata nuwabiciye ikanda. 

Kwemera idinganizo z’inyigisho zitagira akanovera, ngo wemerewe amafranga, nayo nyene ntuyakoreshe ico yagenewe, akananyuruzwa, niyo ntango yo kubura Burundi bw’ejo. Nti nezerejo ko abaregwa basigaye baronka munsi y’ibice 50%, bakunguruzwa. Wiga ku busa, ukunguruzwa ku busa ukavamwo ubusa, nk’uko hari umukurambere yabivuze.

 

Mu gisata kijanye n’ubutungane kandi AND-intadohoka izorwanya bimwe biboneka ukudahana, kuko vyorora imisega, igiturire kidasba kwwyamirizwa n’ubutegetsi mugabo nti hagire igihinduka. Twarinjiranywe, arico gituma dutegerezwa gufata yompi no kurya imitima amenyo, ngo igihugu cacu nti kitujane akagirire, mu kurondera imizi yaco tukayirandura.

 

Mu bijanye n’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, umugambwe AND-urashigikiye iyugururwa ry’imbibe zi’igihugu, zaba izo hasi canke mu kirere. Nti bwokwugarizwa n’ubukene ngo bwongere bwizibirireko nk’akanyamugegena, mu gihe isi itera iba nk’umuhana umwe, cane cane mu ba banyi dusangiye akarere. N’abariko bararwana, nti barazibirana burundu, kira noneho umwansi nti yobura aho amenera, arico kimuraje ishinga. Igikuru ni ukgucungera umutekano wo ku mbibe. N’ugushira ku munzane ivyo abenegihugu b’abazimyamuriro bahomba n’ivyo bunguka.

 

Basangirarugendo mwese,

Ncuti n’abakunzi b’Umugambwe AND-Intadohoka,

Barundi, Barundikazi

 

Ni kuri izo mpanuro turangirije ko, twipfuriza Abarundi, cane cane mwebwe Abasangirarugendo umwaka mwiza w’i 2025, tuze tuwuronke mwo intsinzi mu matora yo kuwa 05 Ruheshi, maze Uburundi bwogorore.


No comments: