Mana, guma ufurura n'ibitari bwaboneke
Bujumbura, igenekerezo rya 31 Kigarama,2025 Gako News, Blog Afukamye imbere y'abagize umugwi w'abaririmvyi b'umuryango wiwe yasavye Imana kuguma ufurura n'ibitari bwaboneke bije ahabona.
Angeline Ndayishimiye, Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu niwe yatanguye amasengesho ku kibuga ETS ku muhingamo wo ku wambere igenekerezo rya 29 Kigarama, 2025.
Ngiri isengesho ryiwe.
Umugambi ufitiye igihugu caci c'Uburundi ,uri Imana igira neza ,uri Imana yumva ,uri Imna yishura.Turaciye bugufi imbere yawe,tubanje gusaba imbabazi aho hose tutakugororokeye uwu mwaka wose ndetse turasavye n'imbabazi kuri ivyo vyose abarundi batakugamburukiye.
Mana ishobora vyose turagushimira ko wabanye natwe,turagushimira ko wabanye n'Uburundi ,turagushimira ko watweretse ivyo tutari bwigere tubonesha amaso yacu. Waratweretse ivyihishije musi y'ivu ry'i Burundi,uratwereka ubutare,uraduha amagara meza urakorera ku rwaruka ,urabaha inguvu n'ubwira none Mana nzima n'ukomereze ahonyene ,ugumufurura n'ivyo batari bwaboneke vyose bije ahabona.
Turasavye ingabirano y'ubwenge.turasavye ingabirano y'ubuhinga bwo kubuhingura kugirango turonke ubuhinga bwo kubwihingurira kugira ngo Data buja ahurumbire igihugu cacu c'uburundi.Mana nzima ndaciye bugufi nshima umugambi wawe.
Ndagushimiye umugambi mwiza umaze kuza mu Burundi wogufasha imiryango kugirango ironke ibibondo.Turagushimiye Mana Ku bota cumi na babiri bamaze kuboneka muri uno mwaka .
Turagushimiye n'ababonetse kuva umugambi ugitangura kandi turagushimiye n'abandi twimirije kuronka.
Tuboneyeho Mana nzima no gusabira utwana twitavye Imana tutaravuka ,turazobera abamalayika imiryango yabo ,tubere abamalayika ndetse n'abo benewabo bafise ubuzima bariho,kandi Mana nzima twongera dusabira abavyeyi babuze kugira ubirure ,ubaronse ibindi bibondo.
Turagusize imbere Mana nzima n'iyindi miryango 8 yimirijekwibaruka,turataramuje wa mugwanizi shetani mw'izina rya Yesu Kristo kugirango imiryango yose izironke akanyamuneza.
Mana ugira neza turagushimiye kubaganga b'abahinga waturonkeje ngaha i Burundi,turaggushimiye n'ibiganza vyiza wabahaye.

No comments:
Post a Comment