'''' '' '#" #Burundi : Ce lundi vers 9h du matin, le Président a visité par surprise le Ministère des Finances ''.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, February 14, 2026

Gusenga kuzongira igihangange

Gusenga kuzongira igihangange

Magara, igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, 2026 ''Gusenga kuzongira igihangange'' ni urufatiro rw'igikorane  mpuzabasenzi c'imisi 4 kiriko kibera ku musozi Sion , Magara catunganijwe n'urusengero Teramira Ubuzima.

Ku musozi Sion i Magara muri Komine Muhutu , urusengero Teramira Ubuzima mu kamenyero karwo buri mwaka rwaratunganije igikorane mpuzabasenzi ku rufatiro ''Gusenga kuzongira igihangange ''.

Uwurongoye urwo rusengero Pasitori Daniel Mbangukirwe batazira Gatimakeza yasavye abitavye ico gikorane kibandanye no mw'ijoro kwiyambura ivyubahiro boba bafise kugira baganire n'Imana . Yaciye abadaba gusabira ibihugu uhereye ku Burundi  ngo batibagiye ibihugu bifise imigambi mibi ku Burundi Nko gusahura ubutunzi bwaco
Pasitori Daniel Mbangukirwe n'Umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie, Umusozi Sion, Igenekerezo rya 14 Ruhuhuma,2026 , Barinzigo Julien.
Umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie   mu nyigisho yashimikiye ku mashusho 6 yerekana ukuntu abakristo bameze mu ma sengero. Bamwe ngo bagenda biremetse Ubu bati babitsemwo ababagiriye nabi - ntibabarira abandi- kandi bigoye ko Kristo ato tora umugenzi ywikoreye akabati ku mutwe.

Aho muri ico gikorane hahuriyemwo abasenzi bakomoka mu masengero atandukanye . Abenshi bakavuga ko baduze kuri uyu musozi ngo bature Imana imitwaro yabo. Bamwe bavuga ko bamaze kubigira umugenzo . 

 https://x.com/jubasuc1/status/2022556613580566686

Muri kahise uyo musozi batanguye kuwusengereko kuva mu mwaka wa 2022. Nkuko bivugwa na Pasitori Daniel Mbangukirwe ngo bahasengera abantu bari bagwaye zikomeye nk'ibisazi . Abasengewe ico gihe nibo basiye bigisha ijambo ry'Imana muri ico kibanza ata musi n'umwe habura n'imiburiburi abantu 10 baharara. Abaharara Bari hagati ya 10 na 50 . Abo babanza kwiyandikisha bakerekana ibibaranga bigaheza bikamenyeshwa abasirikare basanzwe bahafise ikirindiro.

Ku musi wa mbere w'igikorane , inyigisho nw'amasengesho vyashitse isaha zitandatu kugira umusi ugira kabiri utangurane na '' Amuka na neno''. Izo nyigisho zatanzwe n'aba pasitori Nitunga Willy na Ntakiritimana Libert bo mu rusengero Urutare . Izo nyigisho zari zifatiye ku kwirinda zikaba zatanguye isaha icenda z'ijoro zishika isaha zibiri z'igitondo.

Inyigisho nyezina zatanguye isaha zitandatu inyuma y'indirimbo n'intambo zihayagiza Imana. 


Umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie aturuka mu gihugu c'Ububirigi yagarutse Ku nyigisho yari yaratanguye ku wa Kane Ku muhingano ijanye n'amasanamu 6 yerekana uko '' umugenzi wa kristo yigenza mu rusengero''. Yahereye kw'isanamu y'abantu bikoreye ububati mu rusengero, ishushanyo ngereranyo y'abakristo badaharira abandi kandi bakabandanya ibikorwa vy'Imana. Isanamu ya kabiri n'iyi ibivurivu vyerekana ukuntu abakristo bahinduka bivanye naho bashitse. Isanamu ya gatatu ni ibiti bitagira ivyamwa bigereranywa n'abakristo batagira ivyamwa vya mutima mweranda. Vyari bitegekanijwe ko izo nyigisho zibandanya mw'ijoro ariko uyu mwanya waciye uharigwa kwegeranya uburyo bwo kubaka inzu yo gisengeramwo.


No comments: