'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, February 25, 2023

Umwe ''yapfungwa yagirizwa gushikiriza ijambo imbere y’umukuru w’igihugu'' yaraye yambitswe izera

 Umwe yapfungwa yagirizwa gushikiriza ijambo imbere y’umukuru w’igihugu yaraye yambitswe izera.


Petero Hakizimana yari ''yapfunzwe yagirizwa gushikiriza ijambo imbere y’umukuru w’igihugu'' yaraye yambitswe izera.



Petero Hakizimana ni umwenegihugu avuka ku musozi Nyankara, zone Nyange mu ntara n’ikomine Makamba.

Kw’igenekerezo rya 26 Rusama, umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye yaragendeye intara ya Makamba. Mu gihe yaha ijambo abenegihugu ngo bashikirize akari ku mutima, Petero Hakizimana yarahawe ijambo niko kuvuga ibikorwa ariko arakora ariko amenyesha ko rimwe narimwe babura ababashigikira bo mu ntwaro. Ijambo ryiwe ryarashitse ku nyota umukuru w’igihugu aranamukeza. Perezida Varisto Ndayishimiye yaciye anegura abarongozi badakurikirana abo bajejwe mu migambo yabo yo kwiteza imbere. Yagiriyeko ategeka Pius ajejwe ivyo iterambere mu ntara gukurikira ibikorwa birangurwa na Petero Hakizimana anamufashe kuronka impapuro zimuranga mu vyo akora.

Umukuru w’igihugu yapfuye gukura ikirenge, Petero Hakizimana yatanguye guterwa ubwoba n’abantu atamenye bamwagiriza ko atari kuvugira imbere ya sebarundi amajambo anegura abatware baho asanzwe aba.


Petero Hakizimana yaramaze amezi arenga atandatu ataburanye narimwe. Haraciye ukwezi aburanye hariya mw'ibohereo rya murembwe yaramazemwo amezi indwi. Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero. Muri iyi ndwi irangiye yarejejwe na sentare y'i Makamba. Mu muryango ni akanyamuza .


Inkuru bijanye :

https://gakonews.blogspot.com/2022/12/ngo-petero-hakizimana-apfunzwe.html?fbclid=IwAR1bJ2cb8_Y-2kcMrzp04mYH2eP_r-CKFBMuunV0kQNtfXK2eoMzuE7xP9A

No comments: