Haracariho ikibazo c'uburaro
Ukwiyandisha kugira baze baronswe uburaro bakota birabandanya harya kw'i Jabe muri Komine Mukaza. Abanyagisagara bashaka kuzoronswa amazu bapanga baritabiriye akamo batewe na Reta y'Uburundi ko kwiyandikisha ngo bazoronswe amazu bapanga . Aho ni mugihe Reta itegekenya kubaka amazu azopangishwa. Bamwe mu banyagisagara basa nabatamenye aka kamo.
Hamwe n'igirirana ry'abantu mu Burundi ikibazo c'uburaro . Ico kibazo kiribonekeza ku buryo bukomeye mu bisagara kandi na ruguru ntikihabuze. Haba mu bisagara canke mu gihugu hagati uburaro busigaye bwubakwa ibidukikije bitubahirijwe.
Mu bisagara bene gukotesha no gukotesha amazu ntibigira amategeko. Kubera iyo mvo bene gukotesha bagira ivyo bashatse bituma bene gukota bama bariko barimuka . Ivyo birahungabanya ubutunzi bwabo kuko rimwe na rimwe uburyo baraonka ku kwezi usanga budashikira uburyo bakoresha ku kwezi.
No comments:
Post a Comment