'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Wednesday, February 15, 2023

Kubera iki abigeme badahurumbira ivyigwa vy'ubuhinga

 Kubera iki abigeme badahurumbira ivyigwa vy'ubuhinga


        ''Ibituma  tudahurumbira ivyigwa vy'ubuhinga ni vyinshi cane. Abenshi muri twebwe bashaka ibintu bitabaruhisha, bidafata umwanya muremure. Abantu batubwira ngo bisaba ubwenge bwinshi ''. - Hakizimana Ornella  

Kuri uyu wambere  igenekerezo rya 13 ruhuhuma, mu kigo cegukira Ubuserukizi bw'Amerika mu Burundi 9 (American Corner) co muri Campus Kamenge abahahurira bari baramutse bahanahana ivyiyumviro ku
bituma abigeme badahurumbira ivyigwa vy'ubuhinga. Bifashishije ireresi yatunganijwe n'umupfasoni w'umunyamerika aho avuga ko abigeme bashoboye gukurikirana neza ivyigwa vy'ubuhinga . 

Hakizimana Ornella yiga mu mwaka w'icenda  kw'ishure nshingiro Cibitoke II  avugako babahenda ngo ivyirwa vy'ubuhinga bisaba ubwenge bwinshi kandi ngo utazi ibiharuro ntushobora kuja kwiga ivyo vyigwa. 

Agira ati : ''Kandi ikindi abakobwa bamaze kwishiramwo ntibashaka kwiha umwanya mu nini bariko bariga. bashaka ibintu vyoroshe, bashaka gukora ibintu biborohera . Umukobwa araheza  akiyumvira ati ninaja kwiga ibintu bintwara umwanya muremure nzoba ndiko ndatakaza''. 

Abanyeshure babahungu bari aho bariuyemereye ko hari igihe bahenda abakobwa mugabo bakabigira boba bahejeje kwiga. 

Ferdinando Nitunga, umwigisha w'icongereza  aho muri ico kigo yari yitabiriye ico kiganiro yarasavye ashimitse abigeme gufata nkankama ibijanaye n'ubuzima bwabo bakareka gusamara. 


No comments: