Ngo imyidogo izoteba igabanuka
Bamwe mu benegihugu bavuka muri komine Nyanza-Lac yo mu ntara ya Makamba baravuga ko ikomine yabo iri
mu makomine adafise indongozi zagenywe mu mabanga akomeye mu gihugu. Ivyo ngo
bimeze uko mu gihe iyo komine nkuko babivuga ari yo ivamwo amajwi menshi mu
batoye umugambwe uri ku butegetsi na rirya ifise abantu baba igice c'abantu
baba mu ntara ya Makamba igahakwa ku nganya abantu baba mu ntara ya Cankuzo.
Bene kwidoga bamenyesha ko imyidogo ishobora
kuzogabanuka. Batanga akarorero k'abantu batatu baraye bagenywe mu mabanga
atandukanye n'ukuru w'igihugu.
Ø Ciza Ernest yari asanzwe umunyabanaga w'umugambwe CNDD-FDD muri komine
Nyanza-Lac, akana umunyamabanaga ntayegeyezwa muri iyi komine, arongoye kandi
federation y'umupira w'amaguro muri iyo komine nyene. Akaba yaraye agenye kuba
umuyobozi w'indero mu ntara ya makamba.
Ø Kabura Prudence
asanzwe arongoye inama mpanuzwajambo yongewe amabanga yo kuba umuyobozi
ajejwe guhungura impunzi mu bunshikiranganji bw'intwaro yo hagati .
Ø Niyonsaba
Gerard yahora arongoye umurwi wigenga wo muri komine ujejwe amatora.
Yajejewe amanga y'ubugenduzi bw'ubuhinga mu ntwaro n'ubutunzi mu
bushikiranganji bwo gufatana mu nda.
Abo
benegihugu bavuga ko ivyo bitanga umwizero kuko ngo kuva iyo komine yitwa izina
ntiyari bwategwe iteka nkiryo icaraimwe.
No comments:
Post a Comment