Basaba ko yobogozwa mu mabanga y’ubuyobozi bw’ishure.
Biturutse ku myidogo myishi yadundurutse kw’itunganywa
ribi ry’ishure ryisumbuye ya Mugerama iri muri komine Nyanza-Lac, abavyeyi
basaba ko umuyozi Nimpaye Rubeni yo kurwa mu mabanga yo kurongora iryo shure.
shure haraheze imyaka cumi n'itanu ishure ryisumbuye Lycee Communal Mugerama
ritanguye. Ryatanguranye n’umuyibozi Nimpaye Rubeni. Ngo ntibwakeye kabiri uyu
muyobozi yaciye atangura gukoresha amayeri menshi mu kurongora iryo shure. Muri ino
misi hoho ngo ayo mayeri ''yariyongereye kuko akingiwe ikibaba n'uwujejwe ubutunzi mu burongozi
bw’indero muri komine Nyanza-Lac''.
Abo bavyeyi bamwagiriza ibintu bitari
bike :
Ø Nimpaye Rubeni yarasesaguye
ubutunzi bw ‘ishure yirengagije
impanuro z’abagize urwego nshingwashure.
Ø Amafaranga atoza mu banyeshure ntawuzi ingene ayakoresha
kuko ataterambere riharangwa.
Ø Ngo muri iyo myaka yose 15 ahamaze, basanze
yarasesaguye amafaranga yababa imiliyoni 40 ( mineruvari ayikoresha uko avyumva, amahera
y'ugusanura utuzu twa sugumwe ntibazi aho yayasize, ayugukwegesha amatara
kwabaye uko ,ayukugura imashine nyabwonko, ayo kugurisha ivyuma vy'intebe
z'ishure,kugurisha imyango y’utuzu twasugumwe),
Ø Ngo yiciye ibiti vy'ishure abijana muhira iwe ibindi
akabigurisha,
Ø Yakotesheje ibigazi vy'ishure, yakotesheje mu mpisho
umurima w'ishure,
Ø Urubanza abigisha bigeze kuburanya uwaheraniye ishure bararutsinze
yamara amahera sentare yakomoreje ishure ntibazi ico yakoze.
Ø Yatoje amahera
abanyeshure bari mu myaka yanyuma,
Ø Mu bijanye nogutonda ku kazi , bu hoho ngo yihaye ingendo y’ugutonda kabiri mu ndwi .
Ø Abigisha baramwidogera kuko ng ata jambo bahabwa
kugirango bamenye ingene itunga rusangi ririko rirakoreshwa,
Ø Komite nshingwashure ntiri kukivi kuko ntayigisha
inama,
Ø Arakubita agakubagura abanyeshure, atwaza igikenye
n'agahotoro. Bamwe mu bigisha basaba ko hoza abajejewe ubugenduzi mu mashure
hamwe n’inzego zijejwe kugwanya igiturire .
Hejuru ya vyose basaba ko hoshirwaho uwundi agifise intumbero
yo gutunganya ugushasha iryo shure. Ivyo biravugwa kandi n’abahoze biga kuri
iryo shure batashimye ko menyesha amazina y’abao.
Umwe mu bigisha agira ati : ''Twaramusavye kenshi
yuko yokwerekana uko ubutunzi bw’ishure butunganijwe yatubwiye ko bitaturaba,
ngo turi abantu bato, dusaba ivyo tutarekuriwe n'amategeko. Ngo arabibona ibizoyangara
niwe azovyisigurako''.
Umuyibozi Nimpaye Rubeni asanzwe ari umwarimu mw’ishengero pentecote mu Gufuruzi bivugwako yanse impanuro y’abavyeyi
barereye kuri iryo shure rimaze imyaka 15.
Ndamurondeye kuri ngendanwa sinashoboye ku mutora. Ubutumwa bwo kuri whats App ntiyabwishuye.
No comments:
Post a Comment