'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Tuesday, February 14, 2023

Bariyamiriza ingingo y'uguhezagira '' abubakana'' basangiye ibitsina

 
Bariyamiriza ingingo y'uguhezagira  ''abubakana'' basangiye ibitsina.

''Nkuko twamye  tuvyiyamiriza kuva kera,
twisunze ingingo 1.10  yafashwe
n’inama  y’abepisikopi  bo kw’isi yose  mu mwaka
w’1998, n’ubu turasubiriye kuvyiyamiriza  kandi turanebaguye rwose
iyo ngingo yaraye ifashwe n’inzego z’ishengero  ry’Ubwongereza
.



Abepisikopi b'ishenegero Anglikane mu Burundi
barashikirije ijambo aho biyamiriza ingingo yafashwe n'ishengero Anglikane ryo
mu Bwongereza yo guhezagira abubakana basangiye ibitsina. 



Bagira bati: Twebwe abepisikopi b'ishengero Anglikane
mu Burundi twaraguye mu gahundwe tumaze kwumva  iyo ngingo yafashwe
hahonyanzwe  ico ijambo ry'Imana rivuga ku mibano y'abukanye
.
 



Imisi mikeye gusa inama nkuru y’ishengero  ryo mu
bwongereza ifashe ingingo yo guhezagira ababana basangiye ibitsina, abepisikopi
b'ishengero Anglikane mu Burundi baraye bashikirije aho bahagaze.



Kuribo ngo ijambo ry'imana riratomora ko umubano
w'ababarianye uba hagati y'umugabo n'umugore. 



Abo bepisikopi bagira bati ; ''Nkuko
twamye  tuvyiyamiriza kuva kera, twisunze ingingo
1.10  yafashwe n’inama  y’abepisikopi  bo kw’isi
yose  mu mwaka w’1998, n’ubu turasubiriye
kuvyiyamiriza  kandi turanebaguye rwose iyo ngingo yaraye ifashwe
n’inzego z’ishengero  ry’Ubwongerez
a'
' .



Bishimikije ijamb ry'Imana riri mw'itanguriro
ikigabane ca 2 umurongo wa 24 ngo ishengero Anglikane mu Burundi ntirizigera
ryemera ko  ishengero ryubakirwa ku vyipfuzo vy'abantu  aho
kwubakirwa kw'ijambo ry'Imana. Kubera iyo mvo abo bepisikopi bahanura indongozi
z' ishengero ry'Ubwongereza ko zokwisubirako  zigahindura iyo ngingo
zaraye zifashe ‘’inyuranye rwose n'ico ijambo ry'Imana rivuga’’.



Abo bungere bamenyesha ko ishengero ry'Ubwongereza ari
rimwe mu yagize ishengero anglikane kandi ko bazi ko hari n'amadiyoseze
n'amaparuwasi yo muri ico gihugu atemeye iyo ngingo. Baboneyeho guhumuriza abo
iyo ngingo yaguye nabi haba mu Burundi, mu Bwongereza no kw'isi yose.



Barangiza basubira kwiyemeza ko ishengero Anglikane mu
Burundi ritazokwigera ''ritirimuka '' ku co ijambo ry'Imana rivuga.



 



 


No comments: