Mu gihe abaganga bari mw'ikoraniro ridasanzwe rigira gatandatu mu gihugu c'Ubufaransa ku magenekerezo ya 16 na 17 ruhuhuma ngo bagire ico bumvikanye ku bijanye no kudendura ubuzima bw'umuntu (euthanasie) , 800.000 muri bo baranse gusinya urwandiko rwemeza kudendura ubuzima.
Mu mpera z'iyi ndwi, amashirahamwe 13 afise uburambe mu vyo kuvura aserukira abaganga 800.000 barasize umukono ku rupapuro rwiyamiriza kudendura ubuzima bw'abantu. Ayo mashirahamwe avugako ivyo bintu binyuraye n'umwuga wo kuvura. Bararahiye bararengwa ko badashobora gufasha kwica abantu.
No comments:
Post a Comment