'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, February 16, 2023

Ngo imyidogo izoteba igabanuka

 

Ngo imyidogo izoteba igabanuka 

Bamwe mu benegihugu bavuka muri komine Nyanza-Lac yo mu ntara ya Makamba baravuga ko ikomine yabo iri mu makomine adafise indongozi zagenywe mu mabanga akomeye mu gihugu. Ivyo ngo bimeze uko mu gihe iyo komine nkuko babivuga ari yo ivamwo amajwi menshi mu batoye umugambwe uri ku butegetsi na rirya ifise abantu baba igice c'abantu baba mu ntara ya Makamba igahakwa ku nganya abantu baba mu ntara ya Cankuzo.



Bene kwidoga bamenyesha ko imyidogo ishobora kuzogabanuka. Batanga akarorero k'abantu batatu baraye bagenywe mu mabanga atandukanye  n'ukuru w'igihugu.

Ø Ciza  Ernest  yari asanzwe  umunyabanaga w'umugambwe CNDD-FDD muri komine Nyanza-Lac, akana umunyamabanaga ntayegeyezwa muri iyi komine, arongoye kandi federation y'umupira w'amaguro muri iyo komine nyene. Akaba yaraye agenye kuba umuyobozi w'indero mu ntara ya makamba.

Ø Kabura Prudence asanzwe arongoye inama mpanuzwajambo  yongewe amabanga yo kuba umuyobozi ajejwe guhungura impunzi mu bunshikiranganji bw'intwaro yo hagati .

Ø  Niyonsaba Gerard yahora arongoye umurwi wigenga wo muri komine ujejwe amatora. Yajejewe amanga y'ubugenduzi bw'ubuhinga mu ntwaro n'ubutunzi mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda.

 Abo benegihugu bavuga ko ivyo bitanga umwizero kuko ngo kuva iyo komine yitwa izina ntiyari bwategwe iteka nkiryo icaraimwe.

 

 

No comments: