Bazogaragaza umunezero kubera iteka ryatewe umukuru w'igihugu.
Kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 25 ruhuhuma mu ntara zose z'Uburundi hazokorwa urugendo rwo kugaragaza umunezero ntangere kw'''iteka ridasanzwe umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye yaraye atewe, rigaterwa n'abarundi bose''.
Mu nama y'abakuru b'ibihugu n'ama Reta igira iya 38 y'Ubumwe bw'Afrika yabereye mu gihugu ca Etiyopiya , umukuru w'igihugu c'Uburundi Varisito Ndayishimiye'' aheruka guterwa iteka ridasanzwe n' umuryango w'ibihugu vya Afrika aho aheruka gutorwa ngo abe icegera ca gatatu c'umurwi urongoye uwo muryango. Yarongeye kandi atorerwa kuba indongozi y'umugwi w'urwaruka, amahoro n'umutekano ku rwego rwa Afrika''. Aya ni amajambo ari mu butumire bwarungikiwe abarongoye intara kugira bategure urugendo ku murwa mu kuru w'intara barongoye.
Nkuko ubwo butumwa buvuga ngo ntamuntu yemerewe kwambara ibiranga umugambwe kandi urugendo ruzotangura hahejeje kuba ibikorwa rusangi.
Ba buramatari basabwa kurarika abenegihugu bose gusidukana n'iyonka kwitabira ivyo birori bizobera ku migwa mikuru y'intara zose. Hatumiwe abagize intwaro, abanyamigabwe bose, société civile, abarongoye amadini n'amashengero, ama koperative, abenegihugu hatibagiwe urwaruka.
Muri ivyo birora kandi abafise udupira turanga amabara aranga igihugu cacu boza batwambaye.
No comments:
Post a Comment