'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Sunday, February 19, 2023

Tirikiya : Inyuma y’amasaha 296 abantu 3 batowe bahamburuwe mu bihomoka vy’inzu bagikomeye

     

Tirikiya : Inyuma y’amasaha 296 abantu 3 batowe bahamburuwe mu bihomoka vy’inzu bagikomeye.


Inyuma y’iminsi 13 habaye nyamugigima yahitanye abantu 39 672 kuri uyu wa gatandatu  igenekerezo rya 18 ruhuhuma abariko baratabara babatirikiya barahamburuye abantu batatu bagikomeye mu bihomoka vy’inzu i Hatay mu bumanuko bw’igihugu ca Turikiya.

Nkuko vyandikwa n’ikimenyeshamakuru co mu Bufaransa France 24 umwe muri abo bantu yari umwana ariko umwe muri abo bantu yaciye acikana haciye iminota mikeya bagihamburuwe nkuko vyemezwa n’imboneshakure yigenga yo muri ico gihugu NTV.

Abasigaye babiri baciye bajanwa kwa muganga. Uwundi muntu w’imyaka 45 yari yatowe aho nyene i Hatay kuri uyu wa gatanu. Bikavugwa n’abahinga ko icizere co gutora abandi kiriko kiragabanuka.

 

No comments: