'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, February 18, 2023

Basaba ko yobogozwa mu mabanga y’ubuyobozi bw’ishure

 

Basaba ko yobogozwa mu mabanga y’ubuyobozi bw’ishure.

Biturutse ku myidogo myishi yadundurutse kw’itunganywa ribi ry’ishure ryisumbuye ya Mugerama iri muri komine Nyanza-Lac, abavyeyi basaba ko umuyozi Nimpaye Rubeni yo kurwa mu mabanga yo kurongora iryo shure.

Nkuko bivuga na bamwe mu bavyeyi barereye kuri iryo shure haraheze imyaka cumi n'itanu ishure ryisumbuye Lycee Communal Mugerama ritanguye. Ryatanguranye numuyibozi Nimpaye Rubeni. Ngo ntibwakeye kabiri uyu muyobozi yaciye atangura gukoresha  amayeri menshi mu kurongora iryo shure. Muri ino misi hoho ngo ayo mayeri ''yariyongereye kuko  akingiwe ikibaba n'uwujejwe ubutunzi mu burongozi bw’indero muri komine Nyanza-Lac''



Abo bavyeyi bamwagiriza ibintu bitari bike :

Ø  Nimpaye Rubeni  yarasesaguye ubutunzi bw ‘ishure yirengagije impanuro z’abagize urwego nshingwashure.

Ø Amafaranga atoza mu banyeshure ntawuzi ingene ayakoresha kuko ataterambere riharangwa.

Ø  Ngo muri iyo myaka yose 15 ahamaze, basanze yarasesaguye amafaranga yababa imiliyoni 40 ( mineruvari ayikoresha uko avyumva, amahera y'ugusanura utuzu twa sugumwe ntibazi aho yayasize, ayugukwegesha amatara kwabaye uko ,ayukugura imashine nyabwonko, ayo kugurisha ivyuma vy'intebe z'ishure,kugurisha imyango y’utuzu twasugumwe),

Ø  Ngo yiciye  ibiti vy'ishure abijana muhira iwe ibindi akabigurisha,

Ø Yakotesheje ibigazi vy'ishure, yakotesheje mu mpisho umurima w'ishure,

Ø Urubanza abigisha bigeze kuburanya uwaheraniye ishure bararutsinze yamara amahera sentare yakomoreje ishure ntibazi ico yakoze.

Ø  Yatoje amahera abanyeshure bari mu myaka yanyuma,

Ø  Mu bijanye nogutonda ku kazi , bu hoho ngo  yihaye ingendo y’ugutonda kabiri mu ndwi .

Ø Abigisha baramwidogera kuko ng ata jambo bahabwa kugirango bamenye ingene itunga rusangi ririko rirakoreshwa,

Ø  Komite nshingwashure ntiri kukivi  kuko ntayigisha inama,

Ø  Arakubita agakubagura abanyeshure, atwaza igikenye n'agahotoro. Bamwe mu bigisha basaba ko hoza abajejewe ubugenduzi mu mashure hamwe n’inzego zijejwe kugwanya igiturire . 

Hejuru ya vyose  basaba ko hoshirwaho uwundi agifise intumbero yo gutunganya ugushasha iryo shure. Ivyo biravugwa kandi n’abahoze biga kuri iryo shure batashimye ko menyesha amazina y’abao.

Umwe mu bigisha agira ati : ''Twaramusavye kenshi yuko yokwerekana uko ubutunzi bw’ishure butunganijwe yatubwiye ko bitaturaba, ngo turi abantu bato, dusaba ivyo tutarekuriwe n'amategeko. Ngo arabibona ibizoyangara  niwe azovyisigurako''.

Umuyibozi Nimpaye Rubeni asanzwe ari  umwarimu mw’ishengero pentecote  mu Gufuruzi bivugwako yanse impanuro y’abavyeyi barereye kuri iryo shure rimaze imyaka 15.

Ndamurondeye kuri ngendanwa sinashoboye ku mutora. Ubutumwa bwo kuri whats App ntiyabwishuye.

Ishure ryisumbuye rya Mugerama, Komine Nyanza-Lac, B.Julien


No comments: